Matayo 7:1-29

7  “Nimureke guca urubanza+ kugira ntimuzocirwe urubanza;  kuko urubanza muca ari rwo namwe muzocirwa+; kandi ingero mugeresha ni yo namwe bazobagererako+.  Kubera iki none uraba igikumbi kiri mu jisho rya mwene wanyu, mugabo nturimbūre ikigiga kiri mu jisho ryawe bwite+?  Canke ushobora gute kubwira mwene wanyu ngo: ‘Tega ngukure igikumbi mu jisho ryawe’, kandi mu jisho ryawe bwite hariyo ikigiga+?  Wa mwiyorobetsi we! Banza ukure nya kigiga mu jisho ryawe, maze uzoheza ubone neza ingene ukura igikumbi mu jisho rya mwene wanyu.  “Ibintu vyeranda ntimukabihe imbwa+, n’imaragarita zanyu ntimukaziterere imbere y’ingurube, kugira ntizihave zizihonyangira+ munsi y’ibinono vyazo hanyuma zigahindukira zikabakakagura.  “Mugume musaba+, muzohabwa; mugume murondera, muzoronka; mugume mudodora+, muzokwugururirwa.  Kuko umuntu wese asaba ahabwa+, n’uwurondera wese aronka, kandi umuntu wese adodora azokwugururirwa.  Mu vy’ukuri, ni nde muri mwebwe umwana wiwe+ yosaba umukate... mbega azomuha ibuye? 10  Canke kumbure yomusaba ifi... mbega azomuha inzoka? 11  Nimba rero mwebwe, naho muri babi+, muzi guha abana banyu ingabirano nziza, ese ingene So wo mw’ijuru azorushiriza guha ibintu vyiza+ ababimusaba! 12  “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira+, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira; nkako, ico ni co Itegeko n’Abahanuzi bisobanura+. 13  “Mwinjirane mw’irembo ryaga+; kubera ko inzira nini kandi yagutse ijana mu mahonero, kandi benshi ni bo binjirana muri yo; 14  mugabo irembo ryaga be n’inzira ipfunganye ni vyo bijana mu buzima, kandi bake ni bo bayitora+. 15  “Mwiyubare abahanuzi b’ikinyoma+ baza kuri mwebwe bambaye nk’intama+ mugabo imbere muri bo ari amabingira y’amarara+. 16  Muzobamenyera ku vyamwa bama+. None abantu barigera bamura inzabibu ku mahwa canke insukoni ku bitovu+? 17  N’igiti ciza cose cama ivyamwa vyiza, mugabo igiti cose kibi cama ivyamwa ata co bimaze+; 18  igiti ciza ntigishobora kwama ivyamwa ata co bimaze, eka n’igiti kibi ntigishobora kwama ivyamwa vyiza. 19  Igiti cose kitama ivyamwa vyiza, kiracibwa kigatererwa mu muriro+. 20  Nuko rero, abo bantu muzobamenyera ku vyamwa bama+. 21  “Si umuntu wese ambwira ngo: ‘Mukama, Mukama’ azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atari uwukora+ ukugomba kwa Dawe ari mw’ijuru+. 22  Benshi bazombwira kuri wa musi ngo: ‘Mukama, Mukama+, ntitwavuga ubuhanuzi mw’izina ryawe, tukirukana amadayimoni mw’izina ryawe, tugakora n’ibikorwa vyinshi vy’ububasha mw’izina ryawe+?’ 23  Maze nanje nzoca ndababwira icese nti: Sinigeze ndabamenya+! Mva mu maso, mwa bakora ivy’ubugarariji mwe+. 24  “Umuntu wese rero yumva aya majambo yanje akayashira mu ngiro azomera nk’umugabo w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku gitandara+. 25  Maze imvura iracuncubuka, amasegenya aratemba, imiyaga irahuhuta, yisuka kuri iyo nzu, ariko ntiyahomvoka kubera ko yari ishinze ku gitandara. 26  Ikigeretseko, umuntu wese yumva aya majambo yanje ntayashire mu ngiro+ azomera nk’umugabo w’ikijuju+ yubatse inzu yiwe ku musenyi. 27  Maze imvura iracuncubuka, amasegenya aratemba, imiyaga irahuhuta, yikubita kuri iyo nzu+ ica irahomvoka, kandi isenyerana ryayo riba irikomeye+.” 28  Hanyuma Yezu arangije ayo majambo, amasinzi ajorezwa+ n’uburyo yigisha; 29  kuko yabigisha nk’uwufise ububasha+, atari nka ba banditsi babo.

Utujambo tw'epfo