Matayo 6:1-34

6  “Murabe neza ntimuze murashitsa ubugororotsi+ bwanyu imbere y’abantu kugira ngo babitegereze; ahandiho nta mpembo muzoronka kuri So ari mw’ijuru.  Ku bw’ivyo rero, niwafasha umworo*+, ntuvuze urumbete+ imbere yawe nk’uko abiyorobetsi babigira mu masinagogi no mu mabarabara, kugira baninahazwe n’abantu. Ni ukuri ndabibabwiye: Baramaze kuronka impembo yabo yose.  Mugabo weho, niwafasha umworo, ukubamfu kwawe ntikumenye ico ukuryo kwawe gukoze,  kugira ngo imfashanyo uhaye umworo zitangirwe mu mpisho; maze So araba mu mpisho azobikwishura+.  “Kandi igihe musenga, ntimukamere nka ba biyorobetsi; kuko bakunda gusenga bahagaze+ mu masinagogi no mu masanganzira y’amayira yagutse kugira abantu bababone+. Ni ukuri ndabibabwiye: Baramaze kuronka impembo yabo yose.  Ariko weho, igihe usenga, niwinjire mu cumba cawe ciherereye+ hanyuma umaze kwugara umuryango, usenge So ari mu mpisho+; maze So araba mu mpisho azobikwishura.  Mugabo igihe usenga, ntusubiremwo vya bindi nyene kenshikenshi+ nk’uko abanyamahanga bagira, kuko biyumvira yuko bazokwumvirwa kubera bakoresheje amajambo menshi.  Nuko ntimumere nka bo, kuko Imana So izi ivyo mukenera+ n’imbere y’uko mubiyisaba.  “Nuko rero musenge mutya+: “‘Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe+ niryezwe+. 10  Ubwami+ bwawe nibuze. Ukugomba kwawe+ nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru+. 11  Uduhe uno musi ibifungurwa* vyacu vy’uyu musi+; 12  uduhebere imyenda yacu nk’uko natwe twayihebeye abayidufitiye+. 13  Kandi ntutujane mu kigeragezo+, mugabo uturokore mu kudukiza wa mubisha+.’ 14  “Kuko nimwababarira abantu amakosa yabo, na So wo mw’ijuru azobababarira+; 15  ariko nimutababarira abantu amakosa yabo, na So ntazobababarira amakosa yanyu+. 16  “Igihe mwisonzesha+, mureke kwijirwa mu maso nka kumwe kwa ba biyorobetsi, kuko bifutanya mu maso kugira baboneke ku bantu ko bariko bisonzesha+. Ni ukuri ndabibabwiye: Baramaze kuronka impembo yabo yose. 17  Mugabo weho, igihe wisonzesha, niwisige amavuta mu mutwe kandi wiyoge mu maso+, 18  kugira ntuboneke ko wisonzesha imbere y’abantu, ariko uboneke ko wisonzesha imbere ya So ari ahihishije+; maze So araba ahihishije azobikwishura. 19  “Mureke kwirundaniriza amatunga+ kw’isi, aho udukoko* n’ingese bikegeta, aho kandi ibisuma bimena bikiba. 20  Ahubwo mwirundanirize amatunga mw’ijuru+, aho ata dukoko canke ingese bikegeta+, aho kandi ata bisuma bimena ngo vyibe. 21  Kuko aho itunga ryawe riri, ni ho n’umutima wawe uzoba. 22  “Itara ry’umubiri ni ijisho+. Nimba rero ijisho ryawe riremuruye, umubiri wawe wose uzokayangana; 23  mugabo nimba ijisho ryawe ari ribi+, umubiri wawe wose uzocura umwiza. Nimba mu vy’ukuri umuco uri muri wewe ari umwiza, ese ingene uwo mwiza uzoba mwinshi+! 24  “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri; kuko azokwanka umwe akunde uwundi+, canke azokwumira kuri umwe asuzugure uwundi. Ntimushobora gushumbira Imana n’Ubutunzi+. 25  “Ku bw’ivyo ndababwiye nti: Mureke kuganyira+ ubuzima bwanyu ku vyo muzorya canke ivyo muzonywa, canke kuganyira imibiri yanyu ku vyo muzokwambara+. Mbega ubuzima ntiburuta ibifungurwa, n’umubiri ukaruta ivyambarwa+? 26  Ihweze neza inyoni+ zo mu kirere, kubera ko zitabiba imbuto canke ngo zishwabure canke ngo zegeranirize mu bigega; yamara So wo mw’ijuru arazigaburira. None mwebwe ntimuzirusha agaciro+? 27  Ni nde muri mwebwe mu kwiganyira yoshobora kwongera ku kiringo c’ubuzima bwiwe itambwe* rimwe+? 28  Vyongeye ku bijanye n’ivyambarwa, kubera iki mwiganyira? Nimukure icigwa ku mashurwe y’amalisi+ yo mw’itongo, murabe ingene akura; ntacumukura canke ngo ajishe; 29  mugabo ndababwiye yuko na Salomo ari Salomo+ mu buninahazwa bwiwe bwose atari ashajije nka rimwe muri ayo. 30  Nimba rero Imana yambika gutyo ivyatsi vyo mw’itongo biriho uno musi ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebwe ab’ukwizera guke+? 31  Nuko ntimukigere mwiganyira+ ngo: ‘Tuzorya iki?’, canke ngo: ‘Tuzonywa iki?’, canke ngo: ‘Tuzokwambara iki?’ 32  Kuko ivyo vyose ari vyo amahanga ahahamira. Kuko So wo mw’ijuru azi ko ivyo vyose mubikenera+. 33  “Gume rero mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana+, ivyo bindi vyose na vyo muzovyongerwa+. 34  Nuko ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo+, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Ububi bw’umusi umwumwe wose buramaze.

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “niwatanga ingabirano z’imbabazi.”
Ijambo ku rindi ni “umukate.”
Ijambo ry’ikigiriki rishaka kuvuga ubwoko bw’agakoko kaguruka karya impuzu.
Ni itambwe ry’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.