Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Matayo 4:1-25

4  Maze Yezu arongowe n’impwemu aduga mu gahinga+ kugira ageragezwe+ na Shetani*.  Amaze imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+ yisonzesha, arahava arasonza.  Vyongeye, Umugerageji+ araza amubwira ati: “Nimba uri umwana w’Imana+, bwira aya mabuye acike imikate.”  Mugabo amwishura ati: “Vyanditswe ngo: ‘Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa, mugabo azobeshwaho n’ijambo ryose rizanana mu kanwa ka Yehova+.’”  Maze Shetani amujana mu gisagara ceranda+, amushira hejuru ku gakuta k’ikirindiro k’urusengero,  amubwira ati: “Nimba uri umwana w’Imana, ikororere hasi+; kuko vyanditswe ngo: ‘Azoha itegeko abamarayika biwe ku bikwerekeye, na bo bazokurerura mu maboko yabo, ngo ntiwigere ukubita ikirenge kw’ibuye+.’”  Yezu amubwira ati: “Vyanditswe kandi ngo: ‘Ntukageze Yehova Imana yawe+.’”  Shetani yongera kumujana ku musozi muremure bidasanzwe, amwereka ubwami bwose bw’isi+ be n’ubwiza bwabwo,  hanyuma amubwira ati: “Ivyo vyose ndabiguha+ niwapfa kwikubita hasi ukansenga+.” 10  Maze Yezu amubwira ati: “Ja hiyo, Shetani! Kuko vyanditswe ngo: ‘Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga+, kandi ni we wenyene+ utegerezwa gukorera igikorwa ceranda+.’” 11  Nuko Shetani aramureka+, maze abamarayika baraza, batangura kumukorera+. 12  Hanyuma yumvise ko Yohani yafashwe+, avayo yinjira i Galilaya+. 13  Amaze kuva i Nazareti, araza aba i Kaperinawumu+ iruhande y’ikiyaga mu ntara za Zebuloni na Nafutali+, 14  ngo haranguke ivyavuzwe biciye kuri Yesaya umuhanuzi ngo: 15  “Ewe gihugu ca Zebuloni nawe gihugu ca Nafutali muherereye ku nzira y’ikiyaga, ku ruhande rwo hakurya ya Yorodani, Galilaya+ y’amahanga: 16  abantu bicaye mu mwiza+ barabonye umuco mwinshi+, nayo abicaye mu karere k’igitutu c’urupfu, umuco+ warabarasiye+.” 17  Guhera ico gihe Yezu atangura kwamamaza avuga ati: “Nimwigaye+, kuko ubwami+ bwo mw’ijuru bwegereje.” 18  Ariko aragendagenda ku nkengera y’ikiyaga ca Galilaya abona abavukana babiri, Simoni+ yitwa Petero+ be na Andereya mwene wabo, bariko barekurira mu kiyaga urusenga rwo kuroba, kuko bari abarovyi. 19  Hanyuma ababwira ati: “Nimunkurikire, nanje nzobagira abarovyi b’abantu+.” 20  Baca baheba za nsenga+, baramukurikira. 21  Maze yigiye imbere, abona bandi babiri+ bavukana, ari bo Yakobo mwene Zebedayo+ na Yohani mwene wabo, bari kumwe na se Zebedayo mu bwato, bariko basana insenga zabo, hanyuma arabahamagara. 22  Baca basiga ubwato na se, baramukurikira. 23  Maze agendagenda+ i Galilaya+ hose, yigisha mu masinagogi+ yabo yongera yamamaza inkuru nziza y’ubwami, akiza n’indwara+ z’ubwoko bwose be n’ubumuga bw’ubwoko bwose mu bantu. 24  Maze inkuru yiwe ikwira i Siriya+ hose; bamuzanira abamerewe nabi bose+, barembejwe n’indwara be n’imibabaro bitari bimwe, abiziziwe n’amadayimoni* be n’abarwaye intandara+ hamwe n’abamugaye, na we arabakiza. 25  Bica bituma amasinzi menshi amukurikira avuye i Galilaya+ n’i Dekapoli n’i Yeruzalemu+ n’i Yudaya no ku ruhande rwo hakurya ya Yorodani.

Amakuru yiyongereye

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.