Matayo 3:1-17
3 Muri iyo misi Yohani Umubatizi+ aza yamamaza mu gahinga+ k’i Yudaya,
2 ati: “Nimwigaye+, kuko ubwami bwo mw’ijuru bwegereje+.”
3 Nkako, uwo ni umwe yavugwa biciye kuri Yesaya umuhanuzi+ muri aya majambo ngo: “Umve! Hari umuntu ariko arasemerera mu gahinga, ati: ‘Nimutegure+ inzira ya Yehova! Mugorore amayira yiwe.’”
4 Mugabo uwo Yohani nyene, ivyambarwa vyiwe vyari ivy’ubwoya bw’ingamiya+, agakenyeza umukanda w’urushato+ mu mafyinga; ibifungurwa vyiwe na vyo vyari inzige+ n’ubuki bwo mw’ishamba+.
5 Maze Yeruzalemu na Yudaya yose be n’intara yose yo mu micungararo ya Yorodani biza kuri we,
6 abantu barabatizwa na we mu ruzi Yorodani+, bakatura ibicumuro vyabo ata guhisha.
7 Abonye benshi mu Bafarizayo n’Abasadukayo*+ baza aho abatiriza, ababwira ati: “Mwa ruvyaro rw’imamba mwe+, ni nde yabagiriye inama yo guhunga uburake bugiye kuza+?
8 Nuko rero nimwame ivyamwa bikwiranye n’ukwigaya+;
9 kandi ntimwirye akara ngo: ‘Data ni Aburahamu+.’ Kuko ndababwiye yuko Imana ishoboye guhagurukiriza Aburahamu+ abana ibakuye muri aya mabuye.
10 Ishoka iramaze+ gushirwa ku muzi w’ibiti; igiti cose rero kitama ivyamwa vyiza kibwirizwa gucibwa+ kigatererwa mu muriro+.
11 Jeho ndababatirisha amazi+ ku bw’ukwigaya+ kwanyu; mugabo uwuriko araza+ inyuma yanje arakomeye kundusha, kandi inkweto* ziwe ntibimbereye kuzimwambura+. Uyo azobabatirisha impwemu nyeranda+ n’umuriro+.
12 Ikiyozo ciwe co kugosoza kiri mu kuboko kwiwe, kandi azosukura imbuga yiwe y’ikubitiro ayinoze, hanyuma yegeranirize ingano ziwe mu kigega+, mugabo umuguruka awuturize+ umuriro udashobora kuzima.”
13 Maze Yezu ava i Galilaya+ aza kuri Yorodani aho Yohani ari, kugira abatizwe+ na we.
14 Mugabo uno agerageza kumubuza, ati: “Ni jewe nkeneye kubatizwa nawe, none wewe uze kuri jewe?”
15 Yezu amwishura ati: “Reka bibe iki gihe, kuko ukwo ari ko bitubereye gushitsa ibigororotse vyose+.” Maze areka kumubuza.
16 Yezu amaze kubatizwa, buno nyene aduga ava mu mazi; maze ijuru riruguruka+, abona impwemu y’Imana imuzako+, imanuka imeze nk’inuma+.
17 Humvikana kandi ijwi+ rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Uyu ni Umwana wanje+, umukundwa+, uwo nashimye+.”