Matayo 28:1-20

28  Inyuma y’isabato, mu bucagucagu ku musi wa mbere w’iyinga, Mariya Magadalena n’umwe Mariya wundi baza kuraba imva+.  Kandi raba, hari habaye nyamugigima ikomeye; kuko umumarayika wa Yehova yari yamanutse avuye mw’ijuru, aregera, atembagaza ca kibuye, araheza acicarako+.  Yasa n’umuravyo+, ivyambarwa vyiwe na vyo vyera derere nk’urubura+.  Egome, kubera ukumutinya, abarinzi barajugumiye ku buryo bacika nk’abapfuye.  Mugabo nya mumarayika+ yishura nya bagore ati: “Ntimutinye, kuko nzi yuko muriko murondera Yezu+ umwe yamanikwa.  Nta wuri ng’aha, kuko yazuwe+, nk’uko yabivuze. Ingo murabe aho yari aryamye.  Nimugende ningoga rero mubwire abigishwa biwe ko yazuwe+ mu bapfuye, kandi ehe arabitangira imbere kuja i Galilaya+; ni ho muzomubonera. Ehe ndabibabwiye+.”  Nuko bava kuri iyo mva ningoga na ningoga, bafise ubwoba n’akanyamuneza kenshi, birukanga kuvyiganira abigishwa biwe+.  Maze Yezu ahura na bo, avuga ati: “Amahoro!” Baregera, bamufata ku birenge, bikubita imbere yiwe. 10  Maze Yezu ababwira ati: “Ntimutinye! Nimugende muvyiganire bene wacu+, kugira baje i Galilaya; ni ho bazombonera.” 11  Bakiri mu nzira, bamwe mu barinzi+ baja mu gisagara, biganira abakuru b’abaherezi ivyari vyabaye vyose. 12  Bano bamaze gukoranira hamwe n’abagabo b’inararibonye no kuja inama, baha ba basoda igitigiri gihagije c’ibiceri vy’ifeza+ 13  bavuga bati: “Muravuge muti: ‘Abigishwa biwe+ baje mw’ijoro baramwiba dusinziriye.’ 14  Kandi nivyashika mu gutwi kwa buramatari, tuzomwumvisha anyurwe, namwe tubakize amaganya.” 15  Nuko bakira vya biceri vy’ifeza, bagira nk’uko babariwe; kandi iryo jambo ryarakwiragijwe mu Bayuda bose kugeza n’uno musi. 16  Ariko ba bigishwa cumi n’umwe baja i Galilaya+ ku musozi aho Yezu yari yababwiye,  17  bamubonye bikubita imbere yiwe, mugabo bamwe barakekeranya+. 18  Yezu aregera, ababwira ati: “Ububasha+ bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi. 19  Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose+ abigishwa+, mubabatiza+ mw’izina rya Data+ n’iry’Umwana+ n’iry’impwemu nyeranda+, 20  mubigisha+ kwubahiriza+ ibintu vyose nabategetse+. Kandi ehe ndi kumwe namwe+ imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi+.”

Utujambo tw'epfo