Matayo 27:1-66

27  Bukeye, abakuru b’abaherezi n’abagabo b’inararibonye bose b’ico gisata bagira inama Yezu ngo bamwice+.  Bamaze kumuboha baramujana, bamuhereza Pilato buramatari+.  Maze Yuda, umwe yamugura, abonye yuko amaze gucirwa rubi, aradogombwa mu mutima aca asubiza abakuru b’abaherezi n’abagabo b’inararibonye vya biceri mirongo itatu+ vy’ifeza,  avuga ati: “Nacumuye mu kugura amaraso y’umugororotsi+.” Na bo bati: “Bidutwaye iki? Birakuraba+!”  Nuko ata vya biceri vy’ifeza mu rusengero, ava ng’aho aragenda, arimanika+.  Mugabo ba bakuru b’abaherezi batora nya biceri vy’ifeza, bavuga bati: “Ntivyemewe kubitiburira mw’ishikaniro ryeranda, kuko ari ikiguzi c’amaraso.”  Bamaze kuja inama, babigura itongo ry’umubumvyi ryo guhambamwo ba kavantara.  Ni co gituma iryo tongo ryiswe “Itongo ry’Amaraso+” kugeza n’uno musi.  Maze ivyari vyaravuzwe biciye kuri Yeremiya umuhanuzi biraranguka, ivyavuga biti: “Batora nya biceri mirongo itatu vy’ifeza+, ikiguzi c’umuntu yaciriwe ikiguzi, uwo bamwe muri bene Isirayeli baciriye ikiguzi, 10  babitanga ku bw’itongo ry’umubumvyi+, nk’uko Yehova yari yarantegetse.” 11  Yezu ahagarara imbere ya buramatari; buramatari amubaza iki kibazo, ati: “Wewe uri umwami w’Abayuda+?” Yezu yishura ati: “Wewe ubwawe urabivuze+.” 12  Mugabo, igihe ariko aragirizwa+ n’abakuru b’abaherezi be n’abagabo b’inararibonye, ntihagira ico yishura+. 13  Maze Pilato amubwira ati: “Ntiwumva ivyo bariko barakwagiriza uko bingana+?” 14  Yamara ntihagira ico amwishura, habe n’ijambo rimwe, bituma buramatari atangara cane+. 15  Kandi igihe cose habaye umusi mukuru, buramatari yari afise umugenzo wo kurekurira isinzi imbohe, iyo baba bashaka+. 16  Ico gihe bari bafise imbohe rurangiranwa yitwa Baraba+. 17  Igihe rero bari bakoraniye hamwe, Pilato ababwira ati: “Mushaka ndabarekurire uyuhe, Baraba canke Yezu umwe bita Kristu+?” 18  Kuko yari azi ko bari bamutanze+ kubera agashari+. 19  Vyongeye, igihe yari yicaye ku ntebe y’imanza, umugore wiwe amutumako ati: “Ntiwiteranye n’uyo mugororotsi+, kuko nacumukuye cane mu ndoto+ uno musi kubera we.” 20  Mugabo abakuru b’abaherezi be n’abagabo b’inararibonye bosha ya masinzi ngo asabe Baraba+, Yezu na we yicwe. 21  Buramatari abishura ati: “Mushaka ndabarekurire uyuhe muri abo babiri?” Bavuga bati: “Baraba+.” 22  Pilato ababwira ati: “None Yezu umwe bita Kristu na we ndamugire nte?” Bose bavuga bati: “Namanikwe+!” 23  Avuga ati: “Mbega yemwe, none ikibi yakoze ni igiki?” Na ho nyene barushiriza gusemerera bati: “Namanikwe+!” 24  Pilato abonye ko ata ciza bivuyemwo, ahubwo ko hariko havyuka intureka, yakira amazi+, akarabira imbere ya nya sinzi, avuga ati: “Jewe ndacuna ku maraso y’uyu muntu. Birabaraba.” 25  Avuze ivyo, abo bantu bose bishura bati: “Amaraso yiwe naje kuri twebwe no ku bana bacu+.” 26  Maze abarekurira Baraba, mugabo akubitisha+ Yezu hanyuma aramutanga ngo amanikwe+. 27  Maze abasoda ba buramatari bajana Yezu ku kirimba ca buramatari, bakoraniriza umugwi wose w’abasirikare kuri we+. 28  Bamwambura impuzu, bamwambika igikwemu c’agahama+, 29  baraheza bajisha urugori rw’amahwa, barumushira ku mutwe, bamupfumbatisha n’irenga mu kuboko kw’ukuryo. Baza barapfukama imbere yiwe bamushinyaguriza+ bavuga bati: “Ndabugize, Mwami w’Abayuda+!” 30  Nuko bamucirako+, bafata rya renga batangura kurimuhonda mu mutwe. 31  Amaherezo, bamaze kumushinyaguriza+, bamwambura ca gikwemu, bamushirako impuzu ziwe zo hejuru, bamutwara kumumanika+. 32  Bariko barasohoka, babona imvukira y’i Sireni yitwa Simoni+. Uwo mugabo bamutegeka kwikorera igiti co kubabarizwako ciwe. 33  Bageze ahantu hitwa Gologota+, ni ukuvuga ngo: Ahantu h’Agahanga, 34  bamuha umuvinyu uvanze n’indurwe+ ngo anywe; mugabo amaze kuwuhonja, aranka kunywa+. 35  Bamaze kumumanika+, bagabura impuzu ziwe zo hejuru+ mu gupfinda ubupfindo+, 36  hanyuma baricara, baramurinda. 37  Vyongeye, bamanika hejuru y’umutwe wiwe ikirego aregwa, canditse ngo: “Uyu ni Yezu Umwami w’Abayuda+.” 38  Maze abambuzi babiri bamanikanwa na we, umwe iburyo bwiwe, uwundi ibubamfu bwiwe+. 39  Nuko abahita batangura kumutuka+, bazunza+ umutwe, 40  bavuga ngo: “Ewe wa muntu ugira ngo wosenyura urusengero+ ukarwubaka mu misi itatu, niwikize! Nimba uri umwana w’Imana, manuka uve kuri ico giti co kubabarizwako+!” 41  N’abakuru b’abaherezi nyene hamwe n’abanditsi be n’abagabo b’inararibonye batangura kumushinyaguriza, bavuga+ ngo: 42  “Abandi yarabakijije; we ntashobora kwikiza! Ni Umwami+ wa Isirayeli; namanuke ubu ave kuri ico giti co kubabarizwako duheze tumwemere+. 43  Yizigiye Imana; nimutabare+ ubu niyaba imunezwe, kuko yavuze ngo: ‘Ndi Umwana w’Imana+.’” 44  Na ba bambuzi bari bamanikanywe na we batangura kumutuka+. 45  Kuva kw’isaha ya gatandatu umwiza utwikira+ igihugu cose, gushika kw’isaha y’icenda+. 46  Nko kw’isaha y’icenda, Yezu arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Eli, Eli, lama sabakitani?”, ni ukuvuga ngo: “Mana yanje, Mana yanje, kubera iki umpevye+?” 47  Bamwe mu bari bahagaze ng’aho ngo bavyumve, batangura kuvuga bati: “Ariko arahamagara Eliya+.” 48  Buno nyene umwe muri bo aca arirukanga atora ikinyuko, akijobeka mu muvinyu ukarishe+, agishira kw’irenga, aca aramuha ngo anywe+. 49  Mugabo abandi bavuga bati: “Mureke! Reka turabe ko Eliya aza kumukiza+.” [[Uwundi muntu atora icumu, amucumita mu rubavu, havayo amaraso n’amazi+.]] 50  Yezu yongera gusemerera n’ijwi rirenga, aca aracikana+. 51  Irido+ ry’aheranda rica ritantamukamwo kubiri, kuva hejuru gushika hasi+, isi iranyiganyiga, ibitandara na vyo birasatagurika+. 52  Imva na zo ziruguruka n’ibiziga vyinshi vy’aberanda bari barasinziriye birazikuruka 53  (inyuma y’aho azuriwe, abantu bavuye hagati mu mva binjira mu gisagara ceranda*+), birabonwa n’abantu benshi. 54  Mugabo intwazangabo hamwe n’abari kumwe na yo barinze Yezu, babonye iyo nyamugigima be n’ibintu biriko biraba, batekerwa n’ubwoba, bavuga bati: “Ni ivy’ukuri, uyu yari Umwana w’Imana+.” 55  Vyongeye, hari abagore benshi bariko babirabira nka hariya+, bakaba bari baherekeje Yezu kuva i Galilaya kugira bamukorere+; 56  muri bo harimwo Mariya Magadalena, na Mariya nyina wa Yakobo na Yoze, na nyina wa bene Zebedayo+. 57  Kubera bwari bugorovye, haza umugabo w’umutunzi w’i Arimateya yitwa Yozefu, na we nyene akaba yari yaracitse umwigishwa wa Yezu+. 58  Uwo mugabo aja kwa Pilato, asaba ikiziga ca Yezu+. Maze Pilato ategeka ko gitangwa+. 59  Yozefu atora nya kiziga, akizingira mu mpuzu y’ilino nziza+, 60  agishira mu mva yiwe ikiri nshasha+, iyo yari yimvye mu gitandara. Amaze gutembagariza ikibuye kinini ku muryango w’iyo mva, aragenda+. 61  Mugabo Mariya Magadalena n’umwe Mariya wundi bagumaho, bicaye imbere y’iyo mva+. 62  Bukeye, ukaba wari umusi ukurikira Umwiteguro+, abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo bakoranira imbere ya Pilato, 63  bavuga bati: “Mutungwa, twibutse yuko wa muhumvyi yavuze akiri muzima ngo: ‘Inyuma y’imisi itatu+ nzozurwa.’ 64  Tegeka rero barinde imva gushika ku musi ugira gatatu, kugira abigishwa biwe ntibahave baza ngo bamwibe+, bakabwira abantu ngo: ‘Yarazuwe mu bapfuye!’, kandi ubwo buhumvyi bwa nyuma buzoba bubi kuruta ubwa mbere.” 65  Pilato ababwira ati: “Abarinzi murafise+. Genda muyirinde uko muvyumva.” 66  Nuko baragenda, barinda nya mva mu gushira ikimenyetso kuri rya buye+, no mu kuhashira abarinzi.

Utujambo tw'epfo

Bashobora kuba bari baje kuvuga ivyo babonye.