Matayo 25:1-46

25  “Maze ubwami bwo mw’ijuru buzomera nk’abigeme cumi b’isugi batoye amatara yabo+, barasohoka baja gusanganira umukwe+.  Batanu muri bo bari ibijuju+, bandi batanu bari ab’ubwenge+.  Kuko abari ibijuju batwaye amatara yabo mugabo ntibayatwarana n’amavuta,  ab’ubwenge bobo batwara amavuta mu macupa yabo, bayatwarana n’amatara yabo.  Umukwe agitebaganye, bose batangura guhunyiza hanyuma baja kuryama+.  Mw’ijoro hagati humvikana akamo+ ngo: ‘Ng’uyu umukwe! Nimusohoke kumusanganira.’  Maze abo bigeme b’isugi bose barahaguruka batunganya amatara yabo+.  Bamwe b’ibijuju babwira ab’ubwenge bati: ‘Duheko ku mavuta yanyu+, kubera ko amatara yacu agira azime.’  Bamwe b’ubwenge+ bishura bati: ‘Hari aho hatoboneka ayahagije yodukwira twe namwe. Ahubwo nimuje ku bayagurisha mwigurire.’ 10  Bakigenda kugura, wa mukwe arashika, maze ba bigeme b’isugi bari biteguye binjirana na we ku nzimano y’ubugeni+; umuryango uca urugarwa. 11  Mu nyuma ba bigeme bandi na bo baraza, bavuga bati: ‘Mutungwa, mutungwa, twugururire+!’ 12  Yishura ati: ‘Ndababwiye ukuri: Sindabazi+.’ 13  “Mugume muri maso+ rero, kuko mutazi umusi canke isaha+. 14  “Kuko bimeze nk’igihe umuntu+ yagira afate urugendo ngo aje mu mahanga+, agahamagaza abashumba biwe akabazeza ivyo atunze+. 15  Umwe amuha italanto zitanu, uwundi zibiri, uwundi na we imwe, umwe wese nk’uko ubushobozi bwiwe bwite buri+, araheza aja mu mahanga. 16  Buno nyene umwe yaronka za talanto zitanu aca aragenda arazicuruza, yunguka zindi zitanu+. 17  Umwe yaronka zibiri na we nyene yunguka zindi zibiri. 18  Mugabo umwe yaronka imwe gusa aragenda, yimba mw’ivu, anyegeza amafeza ya shebuja. 19  “Haciye igihe kirekire+ shebuja wa nya bashumba araza, arabishuza+. 20  Nuko uwari yaronse italanto zitanu araza, azana izindi talanto zitanu, avuga ati: ‘Databuja, wanjeje italanto zitanu; raba nungutse izindi zitanu+.’ 21  Shebuja amubwira ati: ‘Wakoze neza, mushumba mwiza kandi w’umwizigirwa+! Wabaye umwizigirwa+ kuri bikeya. Nzogushinga vyinshi+. Injira mu kanyamuneza+ ka shobuja.’ 22  Ubukurikira, uwari yaronse za talanto zibiri araza, avuga ati: ‘Databuja, wanjeje italanto zibiri; raba nungutse izindi zibiri+.’ 23  Shebuja amubwira ati: ‘Wakoze neza, mushumba mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bikeya. Nzogushinga vyinshi+. Injira mu kanyamuneza+ ka shobuja.’ 24  “Amaherezo, uwari yaronse ya talanto imwe araza+, avuga ati: ‘Databuja, nari nzi yuko uri umuntu w’umuhambazi, ushwabura aho utabivye, ugakumakuma aho utagosoreye. 25  Ivyo vyatumye ngira ubwoba+, nca ndagenda nyegeza italanto yawe mw’ivu. Ehe ng’ibi ivyawe.’ 26  Shebuja amwishura ati: ‘Wa mushumba mubi kandi w’ikinebwe we! Wari uzi yuko nshwabura aho ntabivye ngakumakuma aho ntagosoreye? 27  Wari ukwiye rero kuba warabikije amafeza yanje ku banyebanki, nshitse nkaronka ivyanje kumwe n’inyungu+. 28  “‘Mwake rero iyo talanto, muyihe uwufise za talanto cumi+. 29  Kuko umuntu wese afise azokwongerwa agire umurengera; mugabo uwudafise wewe, n’ico yari afise azocakwa+. 30  Nimuterere uwo mushumba w’imburakimazi mu mwiza hanze. Aho ni ho hazoba ukurira kwiwe n’uguhekenya amenyo+.’ 31  “Umwana w’umuntu+ niyashika mu buninahazwa bwiwe, n’abamarayika bose bari kumwe na we+, ni ho azokwicara ku ntebe yiwe y’ubwami y’ubuninahazwa+. 32  Maze amahanga yose azokoranirizwa imbere yiwe+; na we azotandukanya+ abantu n’abandi+, nka kurya umwungere atandukanya intama n’impene. 33  Azoshira intama iburyo bwiwe+, mugabo impene azishire ibubamfu bwiwe+. 34  “Maze umwami azobwira abari iburyo bwiwe ati: ‘Nimuze, mwebwe abahezagiwe na Dawe+, mutorane+ ubwami+ mwateguriwe kuva kw’ishingwa ry’isi+. 35  Kuko nashonje mukampa ico ndya+. Naranyotewe murampa ico nywa. Nari kavantara muranyakira neza+; 36  nari gusa+ muranyambika. Nararwaye muranyitwararika. Nari mw’ibohero+ murangarukirako.’ 37  Maze abagororotsi bazomwishura bati: ‘Mukama, ni ryari twakubonye ushonje tukakugaburira, canke unyotewe+ tukaguha ico unywa+? 38  Ni ryari twakubonye uri kavantara tukakwakira neza, canke uri gusa tukakwambika? 39  Ni ryari twakubonye urwaye canke uri mw’ibohero tukakugarukirako?’ 40  Umwami+ na we azobishura ati: ‘Ni ukuri ndabibabwiye: Ku rugero mwabigiriye umwe muri aba batoyi bo hanyuma y’abandi+ muri bene wacu+, ni jewe mwabigiriye+.’ 41  “Maze azoheza abwire abari ibubamfu bwiwe ati: ‘Mva iruhande+, mwebwe abavumwe, muje mu muriro utazima+ wateguriwe Shetani* n’abamarayika biwe+. 42  Kuko nashonje ntimwampa ico ndya+, ndanyoterwa+ ntimwampa ico nywa. 43  Nari kavantara, ntimwanyakira neza; nari gusa, ntimwanyambika+; nararwaye, ndaja mw’ibohero+, ntimwanyitwararika.’ 44  Maze na bo nyene bazokwishura bati: ‘Mukama, ni ryari twakubonye ushonje, canke unyotewe, canke uri kavantara, canke uri gusa, canke urwaye canke uri mw’ibohero, ntihagire ico tugufasha?’ 45  Maze azobishura ati: ‘Ni ukuri ndabibabwiye: Ku rugero mutabigiriye umwe muri aba batoyi bo hanyuma y’abandi+, nta vyo mwangiriye+.’ 46  Abo bazoja mu kurandurwa kw’ibihe bidahera+, mugabo abagororotsi baje mu buzima budahera+.”

Utujambo tw'epfo

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.