Matayo 25:1-46
25 “Maze ubwami bwo mw’ijuru buzomera nk’abigeme cumi b’isugi batoye amatara yabo+, barasohoka baja gusanganira umukwe+.
2 Batanu muri bo bari ibijuju+, bandi batanu bari ab’ubwenge+.
3 Kuko abari ibijuju batwaye amatara yabo mugabo ntibayatwarana n’amavuta,
4 ab’ubwenge bobo batwara amavuta mu macupa yabo, bayatwarana n’amatara yabo.
5 Umukwe agitebaganye, bose batangura guhunyiza hanyuma baja kuryama+.
6 Mw’ijoro hagati humvikana akamo+ ngo: ‘Ng’uyu umukwe! Nimusohoke kumusanganira.’
7 Maze abo bigeme b’isugi bose barahaguruka batunganya amatara yabo+.
8 Bamwe b’ibijuju babwira ab’ubwenge bati: ‘Duheko ku mavuta yanyu+, kubera ko amatara yacu agira azime.’
9 Bamwe b’ubwenge+ bishura bati: ‘Hari aho hatoboneka ayahagije yodukwira twe namwe. Ahubwo nimuje ku bayagurisha mwigurire.’
10 Bakigenda kugura, wa mukwe arashika, maze ba bigeme b’isugi bari biteguye binjirana na we ku nzimano y’ubugeni+; umuryango uca urugarwa.
11 Mu nyuma ba bigeme bandi na bo baraza, bavuga bati: ‘Mutungwa, mutungwa, twugururire+!’
12 Yishura ati: ‘Ndababwiye ukuri: Sindabazi+.’
13 “Mugume muri maso+ rero, kuko mutazi umusi canke isaha+.
14 “Kuko bimeze nk’igihe umuntu+ yagira afate urugendo ngo aje mu mahanga+, agahamagaza abashumba biwe akabazeza ivyo atunze+.
15 Umwe amuha italanto zitanu, uwundi zibiri, uwundi na we imwe, umwe wese nk’uko ubushobozi bwiwe bwite buri+, araheza aja mu mahanga.
16 Buno nyene umwe yaronka za talanto zitanu aca aragenda arazicuruza, yunguka zindi zitanu+.
17 Umwe yaronka zibiri na we nyene yunguka zindi zibiri.
18 Mugabo umwe yaronka imwe gusa aragenda, yimba mw’ivu, anyegeza amafeza ya shebuja.
19 “Haciye igihe kirekire+ shebuja wa nya bashumba araza, arabishuza+.
20 Nuko uwari yaronse italanto zitanu araza, azana izindi talanto zitanu, avuga ati: ‘Databuja, wanjeje italanto zitanu; raba nungutse izindi zitanu+.’
21 Shebuja amubwira ati: ‘Wakoze neza, mushumba mwiza kandi w’umwizigirwa+! Wabaye umwizigirwa+ kuri bikeya. Nzogushinga vyinshi+. Injira mu kanyamuneza+ ka shobuja.’
22 Ubukurikira, uwari yaronse za talanto zibiri araza, avuga ati: ‘Databuja, wanjeje italanto zibiri; raba nungutse izindi zibiri+.’
23 Shebuja amubwira ati: ‘Wakoze neza, mushumba mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bikeya. Nzogushinga vyinshi+. Injira mu kanyamuneza+ ka shobuja.’
24 “Amaherezo, uwari yaronse ya talanto imwe araza+, avuga ati: ‘Databuja, nari nzi yuko uri umuntu w’umuhambazi, ushwabura aho utabivye, ugakumakuma aho utagosoreye.
25 Ivyo vyatumye ngira ubwoba+, nca ndagenda nyegeza italanto yawe mw’ivu. Ehe ng’ibi ivyawe.’
26 Shebuja amwishura ati: ‘Wa mushumba mubi kandi w’ikinebwe we! Wari uzi yuko nshwabura aho ntabivye ngakumakuma aho ntagosoreye?
27 Wari ukwiye rero kuba warabikije amafeza yanje ku banyebanki, nshitse nkaronka ivyanje kumwe n’inyungu+.
28 “‘Mwake rero iyo talanto, muyihe uwufise za talanto cumi+.
29 Kuko umuntu wese afise azokwongerwa agire umurengera; mugabo uwudafise wewe, n’ico yari afise azocakwa+.
30 Nimuterere uwo mushumba w’imburakimazi mu mwiza hanze. Aho ni ho hazoba ukurira kwiwe n’uguhekenya amenyo+.’
31 “Umwana w’umuntu+ niyashika mu buninahazwa bwiwe, n’abamarayika bose bari kumwe na we+, ni ho azokwicara ku ntebe yiwe y’ubwami y’ubuninahazwa+.
32 Maze amahanga yose azokoranirizwa imbere yiwe+; na we azotandukanya+ abantu n’abandi+, nka kurya umwungere atandukanya intama n’impene.
33 Azoshira intama iburyo bwiwe+, mugabo impene azishire ibubamfu bwiwe+.
34 “Maze umwami azobwira abari iburyo bwiwe ati: ‘Nimuze, mwebwe abahezagiwe na Dawe+, mutorane+ ubwami+ mwateguriwe kuva kw’ishingwa ry’isi+.
35 Kuko nashonje mukampa ico ndya+. Naranyotewe murampa ico nywa. Nari kavantara muranyakira neza+;
36 nari gusa+ muranyambika. Nararwaye muranyitwararika. Nari mw’ibohero+ murangarukirako.’
37 Maze abagororotsi bazomwishura bati: ‘Mukama, ni ryari twakubonye ushonje tukakugaburira, canke unyotewe+ tukaguha ico unywa+?
38 Ni ryari twakubonye uri kavantara tukakwakira neza, canke uri gusa tukakwambika?
39 Ni ryari twakubonye urwaye canke uri mw’ibohero tukakugarukirako?’
40 Umwami+ na we azobishura ati: ‘Ni ukuri ndabibabwiye: Ku rugero mwabigiriye umwe muri aba batoyi bo hanyuma y’abandi+ muri bene wacu+, ni jewe mwabigiriye+.’
41 “Maze azoheza abwire abari ibubamfu bwiwe ati: ‘Mva iruhande+, mwebwe abavumwe, muje mu muriro utazima+ wateguriwe Shetani* n’abamarayika biwe+.
42 Kuko nashonje ntimwampa ico ndya+, ndanyoterwa+ ntimwampa ico nywa.
43 Nari kavantara, ntimwanyakira neza; nari gusa, ntimwanyambika+; nararwaye, ndaja mw’ibohero+, ntimwanyitwararika.’
44 Maze na bo nyene bazokwishura bati: ‘Mukama, ni ryari twakubonye ushonje, canke unyotewe, canke uri kavantara, canke uri gusa, canke urwaye canke uri mw’ibohero, ntihagire ico tugufasha?’
45 Maze azobishura ati: ‘Ni ukuri ndabibabwiye: Ku rugero mutabigiriye umwe muri aba batoyi bo hanyuma y’abandi+, nta vyo mwangiriye+.’
46 Abo bazoja mu kurandurwa kw’ibihe bidahera+, mugabo abagororotsi baje mu buzima budahera+.”
Utujambo tw'epfo
^ Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.