Matayo 24:1-51

24  Hanyuma Yezu afata inzira aragenda avuye mu rusengero, mugabo abigishwa biwe baramwegera ngo bamwereke inyubakwa z’urusengero+.  Na we ababwira ati: “Ntimubona ivyo vyose? Ni ukuri ndabibabwiye: Nta buye rizogenda risigaye aha rigeretse ku rindi ridasenyuriwe hasi+.”  Yicaye ku musozi w’Imyelayo, abigishwa baramwegera biherereye, bamubwira bati: “Tubwire: Ivyo bizoba ryari, kandi ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba*+ kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi+?”  Yezu abishura ati: “Mwiyubare ntihagire uwubazimiza+;  kuko benshi bazoza mw’izina ryanje, bavuga ngo: ‘Ni jewe Kristu,’ kandi bazozimiza benshi+.  Muzokwumva intambara n’amakuru y’intambara; muze murabe ntimutekerwe n’ubwoba. Kuko ivyo bitegerezwa kuba, mugabo iherezo ntirizoba riragera+.  “Kuko ihanga rizohagurukira irindi hanga+, n’ubwami bugahagurukira ubundi bwami+, kandi hazoba amapfa+ na vya nyamugigima+, biva hamwe bija ahandi.  Ivyo bintu vyose bizoba ari intango y’ububabare nk’ubw’ibise.  “Maze bazobashira mu makuba+, babice+, kandi muzokwankwa+ n’amahanga yose muhorwa izina ryanje+. 10  Maze kandi benshi bazotsitara+, bagurane bongere bankane+. 11  Kandi abahanuzi b’ikinyoma+ benshi bazohaguruka bazimize benshi+; 12  kandi kubera ukwongerekana kw’ubugarariji+, urukundo rwa benshi ruzokanya+. 13  Mugabo uwihanganye+ gushika kw’iherezo ni we azokizwa+. 14  Kandi iyi nkuru nziza+ y’ubwami+ izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose+; maze iherezo+ rizoca riza. 15  “Nimwabona rero ca kintu gisesemye+ giteza ubugesera, nk’uko cavuzwe biciye kuri Daniyeli umuhanuzi, gihagaze ahantu heranda+ (umusomyi nakoreshe ugutahura), 16  abari i Yudaya bazoce batangura guhungira+ mu misozi. 17  Uwuzoba ari hejuru ku nzu ntaze amanuke gutora ibintu mu nzu yiwe; 18  kandi uwuzoba ari mw’itongo ntaze agaruke i muhira gutora impuzu yiwe yo hejuru. 19  Haragowe abagore bazoba bibungenze n’abazoba bonsa muri iyo misi+! 20  Mugume musenga ngo uguhunga kwanyu ntikuzobe mu rushana, canke ku musi w’isabato; 21  kuko ico gihe hazoba amakuba akomeye+ atigeze abaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu+, kandi atazokwongera kubaho. 22  Nkako, iyo misi iyaba itogeruwe, nta gifise umubiri cokize; mugabo ku bw’abatowe+, iyo misi izogerurwa+. 23  “Maze nihagira uwubabwira ati: ‘Ehe Kristu ari ng’aha+,’ canke ‘Hariya!’, ntimuze muvyemere+. 24  Kuko ba Kristu b’ikinyoma+ n’abahanuzi b’ikinyoma+ bazohaguruka, kandi bazokora ibimenyetso+ n’ibitangaza bikomeye kugira ngo bishobotse bazimize n’abatowe+. 25  Ehe mbaye ndababurira+. 26  Abantu nibababwira rero bati: ‘Ehe ari mu gahinga,’ ntimuze mugende; ‘Ehe ari mu vyumba vy’ahiherereye,’ ntimuze muvyemere+. 27  Kuko nk’uko umuravyo+ urabiriza mu buseruko ugakayangana gushika mu burengero, ni ko n’ukuhaba* kw’Umwana w’umuntu kuzomera+. 28  Aho hose umuvyimba uzoba uri, ni ho inkona+ zizokoranira+. 29  “Buno nyene inyuma y’ayo makuba yo muri iyo misi, izuba rizocura umwiza+, n’ukwezi+ ntikuzotanga umuco wakwo, n’inyenyeri zizotibagurika ziva kw’ijuru, kandi ibinyabubasha vyo mw’ijuru bizonyiganyizwa+. 30  Maze ikimenyetso c’Umwana w’umuntu+ kizoboneka mw’ijuru, maze imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza iboroga+, kandi bazobona Umwana w’umuntu aza ku bicu vyo kw’ijuru ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi+. 31  Na we azotuma abamarayika biwe n’ijwi ry’urumbete rikomeye+, bakoranirize hamwe abatowe biwe+ bo muri ya miyaga ine*+, kuva ku mpera imwe y’ijuru gushika ku yindi. 32  “Nimufatire rero ku kigereranyo c’igiti c’umusukoni, muhigire iki kintu: Iyo ishami ryaco rikiri rito rikimara gutoha, rikazana amababi, muca mumenya yuko ici* riri hafi+. 33  Na mwebwe nyene, mukabona ivyo bintu vyose, muze mumenye ko ari hafi ku miryango+. 34  Ni ukuri, ndababwiye yuko iri yaruka+ ritazogenda rivuyeho ivyo vyose bitabaye. 35  Ijuru n’isi bizovaho+, mugabo amajambo yanje ntazogenda avuyeho+. 36  “Nayo ivy’uwo musi n’iyo saha+, nta n’umwe abizi, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana, atari Data gusa+. 37  Kuko nk’uko imisi ya Nowa+ yari imeze, ni ko n’ukuhaba* kw’Umwana w’umuntu kuzomera+. 38  Kuko nk’uko bari bameze muri iyo misi y’imbere ya rya segenya, barya bakanywa, abagabo bakarongora n’abagore bagashingirwa, gushika umusi Nowa+ yinjiriye mu bwato+, 39  ntihagire ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose+, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera. 40  Maze abagabo babiri bazoba bari mu murima: umwe azojanwa, uwundi na we arekwe; 41  abagore babiri bazoba bariko barasyera ku rusyo rw’amaboko+: umwe azojanwa, uwundi na we arekwe+. 42  Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi Umukama wanyu azozirako+. 43  “Mugabo mumenye ikintu kimwe: iyaba nyen’urugo yari azi iterama igisuma coziyemwo+, yogumye arikanuye ntareke ngo inzu yiwe imenwe. 44  Ku bw’ivyo, na mwebwe nyene mwame mwiteguye+ kuko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira. 45  “None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge+ shebuja yashinze abakozi biwe bo mu nzu, kugira abahe ibifungurwa vyabo ku gihe kibereye+? 46  Hahiriwe+ uwo mushumba shebuja niyashika azosanga ariko akora atyo! 47  Ni ukuri ndabibabwiye: Azomuzeza ivyo atunze vyose+. 48  “Mugabo uwo mushumba mubi niyaramuka yibwiye mu mutima wiwe+ ati: ‘Databuja aratevye+,’ 49  agatangura gukubita abashumba bagenziwe no kurya no kunywa asangira n’imborerwa katwa, 50  shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atiteze+ no kw’isaha atazi, 51  kandi azomuhana bimwe vya ruhasha*+, amusangize umugabane wiwe n’abiyorobetsi. Aho ni ho hazoba ukurira kwiwe n’uguhekenya amenyo+.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki ni “parusiya” (pa·rou·siʹa). Raba Inyongera ya 4.
Raba Mt 24:3, akajambo k’epfo.
Canke, “kuva mu mpande zine z’isi.”
Muri Palestina, ici ni co gihe ibiterwa bitotahara.
Raba Mt 24:3, akajambo k’epfo.
Ijambo ku rindi ni “azomucamwo kubiri.”