Matayo 22:1-46
22 Yezu mu kubishura yongera kubabwirira mu bigereranyo+, ati:
2 “Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’umuntu, umwami, yatunganirije umuhungu wiwe inzimano y’ubugeni+.
3 Maze atuma abashumba biwe guhamagara abatumiwe kuri nya nzimano y’ubugeni+, mugabo baranka kuza+.
4 Yongera atuma abandi bashumba+, avuga ati: ‘Mubwire abatumiwe muti: “Ehe nateguye imfungurwa zanje zo ku mutaga+, amashūri yanje n’ibitungwa vyadoheshejwe vyabazwe, kandi ibintu vyose birateguwe. Nimuze ku nzimano y’ubugeni+.”’
5 Mugabo ntibabinegwa, barigira, umwe mw’itongo ryiwe, uwundi mu rucuruza rwiwe+;
6 abandi na bo, bacakira abashumba biwe, babagirira nabi bimwe biteye isoni, barabica+.
7 “Mugabo nya mwami araraka, arungika ingabo ziwe, ziririka abo bicanyi zongera ziturira igisagara cabo+.
8 Maze abwira abashumba biwe ati: ‘Inzimano y’ubugeni yateguwe koko, mugabo abatumiwe ntibari babibereye+.
9 Nimugende rero mu mayira ava mu gisagara, uwo muronka wese mumutumire ku nzimano y’ubugeni+.’
10 Abo bashumba baca barasohoka baja mu mayira, bakorakoranya abo baronse bose, ababi n’abeza+; inzu y’ibirori vy’ubugeni yuzura abari+ ku meza.
11 “Umwami yinjiye kugendura abashitsi, ahabona umuntu atambaye impuzu y’ubugeni+.
12 Nuko amubwira ati: ‘Mugenzi, winjiye ng’aha gute utambaye impuzu y’ubugeni+?’ Abura ico avuga.
13 Maze nya mwami abwira abasuku biwe ati: ‘Nimumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere mu mwiza hanze. Aho ni ho hazoba ukurira kwiwe n’uguhekenya amenyo+.’
14 “Kuko abatumiwe ari benshi, mugabo abatowe bakaba bake+.”
15 Maze Abafarizayo baragenda, baja inama kugira bamutegere mu majambo avuga+.
16 Nuko barungika kuri we abigishwa babo, bari kumwe n’abanywanyi b’umugambwe wa Herodi+, bavuga bati: “Mwigisha, turazi ko uri imvugakuri be n’uko wigisha inzira y’Imana mu kuri, kandi ko ata n’umwe agukanga, kuko utaraba uko abantu baboneka inyuma+.
17 Tubwire rero: Uvyibazako iki? Vyoba vyemewe kuriha Sezari ikori ry’umutwe canke ntivyemewe+?”
18 Mugabo Yezu amenya ububisha bwabo, avuga ati: “Kubera iki mungeza, mwa biyorobetsi mwe+?
19 Nyereka igiceri c’ikori ry’umutwe.” Bamuzanira idenariyo.
20 Ababwira ati: “Iyi shusho n’ibi vyandiko ni ivya nde+?”
21 Bavuga bati: “Ni ivya Sezari.” Maze ababwira ati: “Nimwishure rero Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana+.”
22 Nuko bavyumvise baratangara, maze baramureka, baragenda+.
23 Kuri uwo musi Abasadukayo, bamwe bavuga ko ata zuka ririho, baza kuri we, bamubaza+ bati:
24 “Mwigisha, Musa yavuze ati: ‘Nihagira umuntu apfa ata bana asize, mwene wabo ategerezwa kwabira umugore wiwe, agahagurukiriza uruvyaro mwene wabo+.’
25 Iwacu rero hari abavukana indwi; uwa mbere ararongora hanyuma arahwera, maze kubera ko atagira uruvyaro, asigira umugore wiwe mwene wabo+.
26 Bigenda gutyo nyene no ku wugira kabiri be no ku wugira gatatu, gushika bamwe indwi bose barangiye+.
27 Hanyuma ya bose nya mugore arapfa.
28 None mw’izuka, azoba umugore wa nde muri abo indwi? Kuko bose baramwabiriye+!”
29 Yezu abishura ati: “Mwarahuvye, kubera ko mutazi Ivyanditswe canke ngo mumenye ububasha bw’Imana+;
30 kuko mw’izuka abagabo batarongora canke ngo abagore bashingirwe+, mugabo baba bameze nk’abamarayika bo mw’ijuru.
31 Nayo ku vyerekeye izuka ry’abapfuye, mbega ntimwasomye ivyo mwabwiwe n’Imana+ ngo:
32 ‘Ndi Imana ya Aburahamu n’Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+’? Ni Imana, atari iy’abapfuye, ahubwo y’abazima+.”
33 Isinzi ngo rivyumve, rijorezwa n’inyigisho yiwe+.
34 Abafarizayo bamaze kwumva ko yanumije Abasadukayo, baja hamwe bagira umugwi umwe.
35 Umwe muri bo, akaba yari umuhanga mu vy’Itegeko+, amubaza amugeza, ati:
36 “Mwigisha, ibwirizwa risumba ayandi mw’Itegeko ni irihe+?”
37 Amubwira ati: “‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose+.’
38 Iryo ni ryo bwirizwa risumba ayandi rikaba na ryo rya mbere.
39 Irigira kabiri rimeze nka ryo, ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+.’
40 Ayo mabwirizwa abiri ni yo Itegeko ryose be n’Abahanuzi vyenenako+.”
41 Igihe Abafarizayo bari bakoraniye hamwe, Yezu ababaza+ ati:
42 “Mwibaza iki kuri Kristu? Ni mwene nde?” Bamubwira bati: “Ni mwene Dawidi+.”
43 Ababwira ati: “Bishoboka bite none ngo Dawidi, ahumekewe+, amwite ‘Umukama,’ akavuga ngo:
44 ‘Yehova yabwiye Umukama wanje ati: “Icara iburyo bwanje gushika nshize abansi bawe munsi y’ibirenge vyawe+”’?
45 Nimba rero Dawidi amwita ‘Umukama,’ none aba umwana wiwe gute+?”
46 Ntihaboneka n’umwe ashobora kugira ijambo amwishuye, eka ntihagira n’umwe yubahuka kwongera kumubaza ikibazo kuva uyo musi+.

