Matayo 21:1-46

21  Nuko begereje i Yeruzalemu, bashika i Betifage ku musozi w’Imyelayo, maze Yezu atuma abigishwa babiri+,  ababwira ati: “Nimuje muri kiriya kigwati mubona, muca muhasanga indogobwa iziritse iri kumwe n’umwana wayo; mubiziture, mubinzanire+.  Nihagira uwubavugisha, muvuge muti: ‘Umukama arabikeneye.’ Aca abirungika buno nyene.”  Ivyo vyabaye koko kugira haranguke ivyavuzwe biciye ku muhanuzi ngo:  “Nimubwire umukobwa wa Siyoni muti: ‘Raba! Umwami wawe araje kuri wewe+, aritonda+, kandi agendera ku ndogobwa, egome, ku mwana w’indogobwa, umwana w’igitwazi+.’”  Nuko nya bigishwa bafata inzira baragenda, bagira nk’uko Yezu yabategetse.  Bazana ya ndogobwa n’umwana wayo, babishirako impuzu zabo zo hejuru, na we azicarako*+.  Benshi muri iryo sinzi basasa mu nzira impuzu zabo zo hejuru+, abandi na bo baca amashami ku biti bayasasa mu nzira+.  Nayo amasinzi, ayagendera imbere yiwe n’ayamukurikira, yaguma asemerera ati: “Turatakamvye, kiza+ Umwana wa Dawidi+! Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova+! Mukize, turatakamvye, wewe uri iyo hejuru mu majuru+!” 10  Buno yinjiye i Yeruzalemu+, igisagara cose kija mu ruyogoyogo, kivuga ngo: “Uyu ni nde?” 11  Amasinzi aguma avuga ngo: “Uyu ni wa muhanuzi+ Yezu, w’i Nazareti h’i Galilaya!” 12  Hanyuma Yezu yinjira mu rusengero, ahindira hanze abari mu vyo kugurishiriza no kugurira mu rusengero bose, ahenagura imeza z’abakaba amahera be n’intebe z’abariko bagurisha inuma+. 13  Maze ababwira ati: “Vyanditswe ngo: ‘Inzu yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo+,’ mugabo mwebwe muriko muyigira isenga ry’abambuzi+.” 14  Vyongeye, impumyi n’abacumbagira baza kuri we mu rusengero, na we arabakiza. 15  Abakuru b’abaherezi n’abanditsi ngo babone ibintu vy’agatangaza akoze+, n’abana b’abahungu bariko basemerera mu rusengero bongera bavuga ngo: “Turatakamvye, kiza+ Umwana wa Dawidi+!”, barashavura, 16  bamubwira bati: “Urumva ivyo aba bariko baravuga?” Yezu ababwira ati: “Egome. Mbega ntimwigeze musoma+ ngo: ‘Bivuye mu kanwa k’inzoya n’abonka wazanye ishemezo+’?” 17  Abasiga aho, ava mu gisagara aja i Betaniya, ararayo+. 18  Igihe yariko aragaruka mu gisagara mu gatondo ka kare, arasonza+. 19  Hanyuma abona igiti c’umusukoni hampande y’inzira, aja iyo kiri, mugabo ntiyagira ico agisangako+ atari amababi yonyene, akibwira ati: “Ntihabe hakigira icamwa kiva kuri wewe, ibihe vyose+.” Nya giti c’umusukoni gica kiruma ako kanya nyene. 20  Mugabo abigishwa babibonye, baratangara, bavuga bati: “Bishoboka bite ngo ico giti c’umusukoni kibe caciye cuma ako kanya nyene+?” 21  Yezu abishura ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Mufise ukwizera gusa kandi ntimukekeranye+, ntimuzokora ivyo nakoze kuri ico giti c’umusukoni vyonyene, mugabo kandi mubwiye uyu musozi muti: ‘Shinguka ujugunywe mu kiyaga,’ bizoba+. 22  Kandi ibintu vyose muzosaba mu gusenga, mufise ukwizera, muzobironka+.” 23  Amaze kwinjira mu rusengero, abakuru b’abaherezi be n’abagabo b’inararibonye bo muri ico gisata baza kuri we igihe yariko arigisha, bavuga+ bati: “Ni ububasha ki butuma ukora ivyo bintu? Kandi ni nde yabuguhaye+?” 24  Yezu abishura ati: “Nanje ndababaza ikintu kimwe. Nimwakimbwira, nanje ndababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo+: 25  Ibatisimu ya Yohani, yava ku rihe sôko? Yava mw’ijuru canke ku bantu+?” Mugabo batangura kwiyumvira hagati yabo, bati: “Nitwavuga ngo ‘Mw’ijuru,’ aca atubwira ati: ‘Kubera iki none mutamwemeye+?’ 26  Nitwavuga na ho ngo ‘Ku bantu,’ turatinya isinzi+, kuko bose Yohani bamufata nk’umuhanuzi+.” 27  Nuko bishura Yezu bati: “Nta vyo tuzi.” Na we ababwira ati: “Nanje sindababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo+. 28  “Muvyiyumvirako iki? Umuntu umwe yari afise abana babiri+. Aja ku wa mbere, amubwira ati: ‘Mwananje, genda ukore uno musi mu murima w’imizabibu.’ 29  Uno yishura ati: ‘Ndagenda, mutungwa+,’ mugabo ntiyagenda. 30  Yegera uwugira kabiri, amubwira kwa kundi. Uno yishura ati: ‘Singenda.’ Mu nyuma aricuza+, aragenda. 31  Ni nde muri abo babiri yakoze ukugomba kwa se+?” Bishura bati: “Ni uwo wa nyuma.” Yezu ababwira ati: “Ni ukuri, ndababwiye yuko abatozakori n’abamaraya bariko barabatanga kwinjira mu bwami bw’Imana. 32  Kuko Yohani yaje kuri mwebwe mu nzira y’ubugororotsi+, mugabo ntimwamwemera+. Ariko abatozakori n’abamaraya baramwemeye+, mugabo mwebwe, naho ivyo mwabibonye, ntimwicujije mu nyuma ngo mumwemere. 33  “Umve ikindi kigereranyo: Habaye umuntu, nyen’urugo+, yateye umurima w’imizabibu, awukikuza uruzitiro hanyuma awimbamwo uruganiro rw’umuvinyu yongera yubaka umunara+, hanyuma awukotesha ku barimyi, araheza afata urugendo aja mu mahanga+. 34  Iyera rigeze, arungika abashumba biwe kuri nya barimyi ngo bamutorere ivyamwa. 35  Ariko nya barimyi bafata ba bashumba biwe, umwe barahuragura, uwundi barica, uwundi batera amabuye+. 36  Arongera arungika abandi bashumba, benshi kuruta aba mbere, mugabo babagira kwa kundi+. 37  Ubwa nyuma abarungikira umwana wiwe, avuga ati: ‘Bazokwubaha umwana wanje.’ 38  Nya barimyi ngo babone nya mwana, bavugana hagati yabo bati: ‘Uyu ni we samuragwa+; ingo tumwice, dutware intoranwa yiwe+!’ 39  Nuko baramufata bamuterera hanze ya wa murima w’imizabibu, baramwica+. 40  None nyen’umurima niyaza, azogira ate abo barimyi?” 41  Bamubwira bati: “Kubera ko ari babi, azobatikiza bimwe bibi+, nya murima na wo awuhe abandi barimyi bazomuhereza ivyamwa igihe kigeze+.” 42  Yezu ababwira ati: “Mbega ntimwigeze musoma mu Vyanditswe ngo: ‘Ibuye abubatsi bataye+ ni ryo ribaye ibuye nyamukuru rigumya imfuruka+. Ivyo vyavuye kuri Yehova, kandi ni agatangaza mu maso yacu’? 43  Ni co gituma ndababwiye nti: Ubwami bw’Imana muzobwakwa buhabwe ihanga ryama ivyamwa vyabwo+. 44  Vyongeye, umuntu agwa kuri iryo buye azovunagurika. Nayo uwo rizogwako wese, rizomusya+.” 45  Buno abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo bamaze kwumva ibigereranyo vyiwe, bamenya ko ari bo yariko aravuga+. 46  Barondera kumufata, mugabo batinya amasinzi kubera ko ano yamufata nk’umuhanuzi+.

Utujambo tw'epfo

Bishoboka ko izo yicayeko ari nya mpuzu.