Matayo 20:1-34

20  “Kuko ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’umuntu, nyen’urugo, yasohotse mu gatondo ka kare akaja kurondera abakozi bo gukora mu murima wiwe w’imizabibu+.  Amaze kwumvikana na nya bakozi idenariyo ku musi+, abarungika mu murima wiwe w’imizabibu.  Yongera arasohoka nko kw’isaha ya gatatu+, abona abandi bahagaze mu kaguriro+ ata kazi bafise;  abo na bo ababwira ati: ‘Na mwebwe, nimuje mu murima w’imizabibu, igikwiriye cose ndakibaha.’  Nuko baragenda. Arongera arasohoka nko kw’isaha ya gatandatu+ no kw’isaha y’icenda+, agira kuno.  Ubwa nyuma, nko kw’isaha y’icumi na rimwe arasohoka, asanga hari abandi bahagaze, ababwira ati: ‘Ni kubera iki mumaze umusi wose muhagaze ng’aha ata co mukora?’  Bamubwira bati: ‘Ni kubera ko ata waduhaye akazi.’ Ababwira ati: ‘Na mwebwe nimuje mu murima w’imizabibu+.’  “Bugorovye+, nyen’umurima w’imizabibu abwira uwubijejwe ati: ‘Hamagara abakozi ubahe impembo yabo+, uva ku wa nyuma uja ku wa mbere.’  Aho ba bantu bo kw’isaha y’icumi na rimwe baziye, umwe wese aronka idenariyo. 10  Nuko, aba mbere baje, biyumvira ko boronse ibiruta ivyo; mugabo na bo nyene baronka umwumwe idenariyo. 11  Bayironse batangura kwidodombera nyen’urugo+ 12  bati: ‘Aba ba nyuma bakoze isaha imwe; yamara wabanganishije natwe twikoreye umuzigo w’umusi wose n’ubushuhe buturira!’ 13  Mugabo yishura umwe muri bo ati: ‘Mugenzi, sinkurenganije. None ntitwumvikanye ko nguhemba idenariyo+? 14  Tora ivyawe ugende. Nshaka guha uyu wa nyuma nk’ivyo nguhaye+. 15  None sinemerewe gukoresha ivyanje uko nshaka? Canke ugize ijisho ribi+ kubera ko ndi umuntu mwiza+?’ 16  Ukwo ni ko aba nyuma bazoba aba mbere, aba mbere na bo bakaba aba nyuma+.” 17  Buno Yezu agira aduge i Yeruzalemu, atwara bamwe cumi na babiri+ arabihereranya, ababwirira mu nzira ati: 18  “Ehe tuduze i Yeruzalemu, kandi Umwana w’umuntu azogaburwa mu maboko y’abakuru b’abaherezi n’abanditsi, bamucire urwo gupfa+, 19  bamugabure mu maboko y’abanyamahanga kugira ashinyagurizwe, ashishagurwe yongere amanikwe+, kandi ku musi ugira gatatu azozurwa+.” 20  Maze nyina w’abahungu ba Zebedayo+ aramwegera ari kumwe n’abahungu biwe, yikubita imbere yiwe ngo amusabe ikintu+. 21  Yezu amubwira ati: “Ushaka iki?” Nya mugore amubwira ati: “Rivuge aba bahungu banje babiri bazokwicare, umwe iburyo bwawe uwundi ibubamfu bwawe, mu bwami bwawe+.” 22  Yezu yishura ati: “Mwebwe ntimuzi ico muriko murasaba. Ubwo mwoshobora kunywa igikombe+ ngira nywe?” Bamubwira bati: “Twobishobora.” 23  Ababwira ati: “Igikombe canje muzokinywa koko+, mugabo ivy’ukwo kwicara iburyo bwanje n’ibubamfu bwanje si ivyanje ngo ndabitange, ahubwo ni ivy’abo Dawe yabiteguriye+.” 24  Aho bamwe cumi bandi bavyumviye, bashavurira abo babiri bavukana+. 25  Mugabo Yezu arabahamagara ngo baze kuri we, avuga ati: “Murazi yuko abatware b’amahanga bayakandamiza be n’uko abakomakomeye bayereka ko bayafiseko ububasha+. 26  Ukwo si ko bimeze muri mwebwe+; mugabo uwo wese ashaka gucika mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+, 27  kandi uwo wese ashaka kuba uwa mbere muri mwebwe ategerezwa kuba umushumba wanyu+. 28  Nk’uko Umwana w’umuntu yaje, atari kugira akorerwe, ariko kugira akorere abandi+, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu* ya benshi+.” 29  Igihe bariko bava i Yeriko+, isinzi rinini riramukurikira. 30  Maze hari impumyi zibiri zari zicaye iruhande y’inzira; aho zumviye yuko Yezu ariko ararengana, zirasemerera ziti: “Mukama, tugirire imbabazi, Mwana wa Dawidi+!” 31  Mugabo nya sinzi rizibwira rizikarira ngo zicereze; yamara zirushirizaho gusemerera cane, ziti: “Mukama, tugirire imbabazi, Mwana wa Dawidi+!” 32  Yezu arahagarara, arazihamagara, avuga ati: “Mushaka ndabagirire iki?” 33  Zimubwira ziti: “Mukama, amaso yacu nahumuke+.” 34  Yezu bimutera ikigongwe, akora ku maso yabo+, buno nyene baca barabona, hanyuma baramukurikira+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.