Matayo 19:1-30

19  Buno Yezu arangije ayo majambo, ava i Galilaya, aza ku mipaka ya Yudaya hakurya ya Yorodani+.  Vyongeye, amasinzi menshi aramukurikira, na we ayakirizayo+.  Hanyuma Abafarizayo baza kuri we barondera kumugerageza, bavuga bati: “Vyoba vyemewe ko umugabo yirukana umugore wiwe ku mvo iyo ari yo yose+?”  Yishura ati: “Mbega ntimwasomye yuko uwabaremye kuva mu ntango yabagize umugabo n’umugore+,  akavuga ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina+ akifatanya* n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe+’?  Ku buryo bataba bakiri babiri, ahubwo baba ari umubiri umwe. Ku bw’ivyo rero, ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye+.”  Bamubwira bati: “Kubera iki none Musa yashizeho itegeko ry’uko umuntu atanga icete co gusezerera umugore agaheza akamwirukana+?”  Ababwira ati: “Musa yabemereye kwirukana abagore banyu kubera ugukomantara kw’imitima yanyu+, mugabo ukwo si ko vyari kuva mu ntango+.  Ndababwiye yuko uwo wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi akarongora uwundi, aba arenze ibigo+.” 10  Abigishwa bamubwira bati: “Nimba ivy’umugabo n’umugore wiwe ari ukwo bimeze, umuntu yopfuma areka kwubaka+.” 11  Arababwira ati: “Si bose bemera iryo jambo, kiretse gusa ababifitiye ingabirano+. 12  Kuko hari inkone* zavutse gutyo kuva mu nda ya ba nyina+, hakaba n’inkone zagizwe inkone n’abantu, hakaba n’inkone zigize inkone ku bw’ubwami bwo mw’ijuru. Uwushoboye kuvyemera navyemere+.” 13  Maze abana batoyi bazanwa kuri we, kugira abarambikeko ibiganza yongere asenge; mugabo abigishwa barabakankamira+. 14  Ariko Yezu avuga ati: “Nimureke abana batoyi, kandi yaco mubabuza kuza kuri jewe, kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubw’abameze nk’abo+.” 15  Hanyuma abashirako ibiganza, araheza avayo+. 16  Maze haza umuntu kuri we, avuga ati: “Mwigisha, ni iciza ikihe ntegerezwa gukora kugira ndonke ubuzima budahera+?” 17  Amubwira ati: “Kubera iki umbaza iciza ico ari co? Umwiza ahari ni umwe+. Mugabo, nimba ushaka kwinjira mu buzima, niwubahirize amabwirizwa ubudahengeshanya+.” 18  Nya muntu amubwira ati: “Ayahe+?” Yezu ati: “Emwe, Ntukice+, Ntukarenge ibigo+, Ntukibe+, Ntugashinge intahe y’ikinyoma+, 19  Tera iteka so na nyoko+, kandi Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+.” 20  Nya musore amubwira ati: “Ivyo vyose narabigumije; ikindi mpajije ni igiki?” 21  Yezu amubwira ati: “Nimba ushaka gutungana, genda ugurishe ivyo utunze, uhe aboro, ni ho uzogira itunga mw’ijuru+, maze uze unkurikire+.” 22  Uwo musore yumvise iryo jambo, agenda intuntu ari yose, kuko yari atunze ibintu vyinshi+. 23  Mugabo Yezu abwira abigishwa biwe ati: “Ni ukuri, ndababwiye yuko kizoba ikigoye ku mutunzi kwinjira mu bwami bwo mw’ijuru+. 24  Vyongeye ndabibabwiye: Biroroshe ku ngamiya guca mu zuru ry’urushinge kuruta kwinjira mu bwami bw’Imana ku mutunzi+.” 25  Abigishwa bavyumvise barajongoroka cane, bavuga bati: “None ni nde vy’ukuri ashobora gukizwa+?” 26  Yezu abaraba mu maso, ababwira ati: “Ku bantu ivyo ntibishoboka, mugabo ku Mana vyose birashoboka+.” 27  Maze Petero amwishura ati: “Ehe twebwe twarasize vyose turagukurikira; none vy’ukuri tuzohakura iki+?” 28  Yezu ababwira ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Muri kwa kurema busha, Umwana w’umuntu niyicara ku ntebe y’ubwami yiwe y’ubuninahazwa, mwebwe mwankurikiye namwe ubwanyu muzokwicara ku ntebe z’ubwami cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli+. 29  Kandi umuntu wese yasize amazu, canke bene wabo canke bashikiwe, canke se canke nyina, canke abana, canke amatongo ku bw’izina ryanje, azobironka incuro nyinshi yongere atorane ubuzima budahera+. 30  “Mugabo benshi ba mbere bazoba aba nyuma, aba nyuma na bo babe aba mbere+.

Utujambo tw'epfo

Ijambo ry’igiheburayo risobanura “kwumira ku, kumata rwose ubutarekura, nk’aho hoba hakoreshejwe uburembo.”
Raba Inyongera ya 21.