Matayo 18:1-35
18 Kuri iyo saha abigishwa begera Yezu, bavuga bati: “None ni nde mukuru mu bwami bwo mw’ijuru+?”
2 Nuko, ahamagara umwana mutoyi aza aho ari, amuhagarika hagati yabo+,
3 maze avuga ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Nimutahinduka ngo mucike nk’abana batoyi+, ntimuzogenda mwinjiye mu bwami bwo mw’ijuru+.
4 Uwo wese rero azokwicisha bugufi+ nk’uyu mwana mutoyi ni we mukuru mu bwami bwo mw’ijuru+;
5 kandi uwo wese yakiriye umwana mutoyi umwe nk’uyu mw’izina ryanje, na jewe aba anyakiriye+.
6 Mugabo uwo wese atsitaza umwe muri aba batoyi banyizera, yopfuma yambikwa mw’izosi urusyo+ nka rumwe ruzungurutswa n’indogobwa, akadwibizwa mu kiyaga kinini amahanga+.
7 “Isi iragowe kubera ibitsitaza! Yamara ibitsitaza vyovyo ni ngombwa bize+, mugabo aragowe umuntu igitsitaza+ kizananako!
8 Nimba rero ikiganza cawe canke ikirenge cawe kigutsitaza, gice ugite kure yawe+; wopfuma winjira mu buzima ucitse igihimba c’umubiri canke ucumbagira, hako utererwa mu muriro utazima ufise ibiganza bibiri n’ibirenge bibiri+.
9 Vyongeye, nimba ijisho ryawe rigutsitaza, rinogore urite kure yawe; wopfuma winjira mu buzima ufise ijisho rimwe, hako utererwa muri Gehena y’umuriro ufise amaso abiri+.
10 Murabe ntimusuzugure n’umwe muri aba batoyi; kuko ndababwiye yuko abamarayika babo+ mw’ijuru bama bitegereza mu maso ha Dawe ari mw’ijuru+.
11 * ——
12 “Muvyiyumvirako iki? Hamwe umuntu yoba afise intama ijana hanyuma imwe muri zo ikazimira+, ntazosiga none zimwe mirongo icenda n’icenda ku misozi, akaja kurondera imwe yazimira+?
13 Kandi aramutse ayitoye, ndababwiye ukuri yuko anezerwa kubera yo kuruta uko anezererwa zimwe mirongo icenda n’icenda zitazimiye+.
14 Na Dawe ari mw’ijuru ntibimuhimbara ko hagira n’umwe muri abo batoyi apfa+.
15 “Vyongeye, nimba mwene wanyu acumuye, genda werekane neza ikosa ryiwe, hagati yawe na we mwenyene+. Niyakwumviriza, uzoba ugaruye mwene wanyu+.
16 Mugabo natumviriza, nuhitane wundi umwe canke babiri, kugira ikintu cose gishingwe bivuye ku ntahe ishinzwe* n’ivyabona bibiri canke bitatu+.
17 Natabumviriza, nubibwire ishengero. Nimba n’ishengero ataryumvirije, kuri wewe nabe nk’umunyamahanga+ n’umutozakori+.
18 “Ni ukuri ndabibabwiye: Ibintu vyose muzoboha kw’isi bizoba ari ivyaboshwe mw’ijuru, kandi ibintu vyose muzobohora kw’isi bizoba ari ivyabohowe mw’ijuru+.
19 Vyongeye, ndababwije ukuri: Babiri muri mwebwe kw’isi nibumvikana ku kintu ico ari co cose gihambaye bakwiye gusaba, kizobabera kuno bivuye kuri Dawe ari mw’ijuru+.
20 Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye mw’izina ryanje+, mba ndahari hagati yabo+.”
21 Maze Petero araza amubwira ati: “Mukama, mwene wacu azoncumurako kangahe nanje nza ndamubabarira+? Gushika ku ncuro indwi+?”
22 Yezu aramubwira ati: “Sinkubwiye Gushika ku ncuro indwi, ahubwo Gushika ku ncuro mirongo irindwi n’indwi+.
23 “Ni co gituma ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’umuntu, umwami+, yashaka kwishuza+ abashumba biwe.
24 Atanguye kwishuza, bamuzanira umuntu yari amufitiye italanto ibihumbi cumi*.
25 Mugabo kubera atari afise uburyo bwo kwishura, shebuja ategeka ko we n’umugore wiwe n’abana biwe be n’ivyo afise vyose bigurishwa, umwenda ukabona kwishurwa+.
26 Nya mushumba aca yikubita hasi imbere yiwe, aratakamba ati: ‘Nyihanganire nzokwishura vyose.’
27 Shebuja w’uyo mushumba bimutera ikigongwe, aramureka+, ahanagura umwenda wiwe+.
28 Mugabo uyo mushumba arasohoka, abona umwe mu bashumba bagenziwe yari amufitiye idenariyo* ijana+; aca aramusumira, atangura kumunigura, avuga ati: ‘Ishura ivyo umfitiye vyose.’
29 Nya mushumba mugenziwe aca yikubita hasi, aramwinginga ati: ‘Nyihanganire+ nzokwishura.’
30 Ariko uno ntiyakunda, ahubwo aca aragenda amutesha mw’ibohero gushika yishuye ivyo yari amufitiye.
31 Aho rero abashumba bagenziwe baboneye ivyari vyabaye, bibatera intuntu nyinshi, baca baragenda badondera shebuja wabo ivyari vyabaye vyose+.
32 Maze shebuja aramuhamagaza, amubwira ati: ‘Wa mushumba mubi we, nahanaguye wa mwenda wose wari ufise, igihe wanyinginga.
33 None weho ntiwari ukwiye kugirira imbabazi+ umushumba mugenzawe, nk’uko nanje nakugiriye imbabazi+?’
34 N’ishavu n’akantu+, shebuja aca amuhereza abarinzi b’ibohero, gushika yishuye ivyo yari amufitiye vyose.
35 Ukwo nyene+ ni ko na Dawe wo mw’ijuru azobagirira, umwe wese muri mwebwe natababarira mwene wabo bivuye ku mutima+.”
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ku rindi ni “bivuye mu kanwa.”
^ Ni idenariyo 60.000.000.
^ Raba Inyongera ya 21.