Matayo 16:1-28
16 Ng’aho Abafarizayo+ n’Abasadukayo baramwegera, maze kugira bamugerageze, bamusaba ngo abereke ikimenyetso kivuye mw’ijuru+.
2 Abishura ati: “[[Iyo bugorovye mukunda kuvuga muti: ‘Haraza kuba heza, kuko ijuru ritukura nk’umuriro’;
3 mu gitondo na ho muti: ‘Uno musi haza kwirirwa hakanye cane, kandi imvura irashobora kugwa, kuko ijuru ritukura nk’umuriro, mugabo rikaba ryiraburaniwe.’ Murazi gusobanura uko ijuru risa, mugabo ibimenyetso vy’ibihe ntimushobora kubisobanura+.]]
4 Iyaruka ribi kandi ry’irisambanyi riguma rirondera ikimenyetso, mugabo nta kimenyetso rizohabwa+ atari ikimenyetso ca Yona+.” Aca arigira, abasiga ng’aho+.
5 Nuko abigishwa barajabuka baja ku yindi nkengera, bibagira kwitwaza imikate+.
6 Yezu ababwira ati: “Mugume murikanuye, mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo n’Abasadukayo+.”
7 Nuko batangura kwiyumvira hagati yabo bati: “Nta mikate twitwaje.”
8 Yezu arabimenya, aca avuga ati: “Kubera iki muriko mwiyumvira gutyo hagati yanyu, ngo ni uko ata mikate mufise, yemwe ab’ukwizera guke mwe+?
9 Mbega n’ubu ntimutahura ico bishaka kuvuga, canke ntimwibuka ya mikate itanu kuri vya bihumbi bitanu, be n’ibisimbo mwegeranije uko vyangana+?
10 Canke ya mikate indwi kuri vya bihumbi bine, be n’ibisimbo vy’ibifungurwa mwegeranije uko vyangana+?
11 Bigenda gute none ngo ntimutahure yuko ntababwiye imikate? Ariko mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo n’Abasadukayo+.”
12 Maze bategera yuko atababwiye kwiyubara umwambiro w’imikate, ahubwo kwiyubara inyigisho+ y’Abafarizayo n’Abasadukayo.
13 Yezu amaze kwinjira mu mihingo yo mu turere tw’i Sezariya ya Filipo, abaza abigishwa biwe ati: “Abantu bavuga ko Umwana w’umuntu ari nde+?”
14 Na bo bati: “Bamwe bavuga ngo ni Yohani Umubatizi+, abandi ngo ni Eliya+, abandi na bo ngo ni Yeremiya canke umwe mu bahanuzi.”
15 Arababwira ati: “Mweho none muvuga ko ndi nde+?”
16 Simoni Petero yishura ati: “Uri Kristu+, Umwana w’Imana nzima+.”
17 Yezu aca amubwira ati: “Urahiriwe, Simoni mwene Yona, kuko ab’inyama n’amaraso atari bo babiguhishuriye, mugabo Dawe ari mw’ijuru ni we yabiguhishuriye+.
18 Vyongeye, ndabikubwiye: Uri Petero+, kandi kuri ico gitandara+ nzohubaka ishengero ryanje, kandi amarembo y’ukuzimu+ ntazorinesha+.
19 Nzoguha impfunguruzo z’ubwami bwo mw’ijuru, kandi ikintu cose uzoboha kw’isi kizoba ari icaboshwe mw’ijuru, kandi ikintu cose uzobohora kw’isi kizoba ari icabohowe mw’ijuru+.”
20 Maze yihanikiriza abigishwa ngo ntihagire uwo babwira yuko ari we Kristu+.
21 Kuva ico gihe Yezu Kristu atangura kwereka abigishwa biwe yuko ategerezwa kuja i Yeruzalemu agashikirwa n’ibintu vyinshi atejwe n’abagabo b’inararibonye n’abakuru b’abaherezi be n’abanditsi, hanyuma akicwa, maze ku musi ugira gatatu akazurwa+.
22 Nuko Petero aramwikebukanya, atangura kumuhambarira, ati: “Ibabarire, Mukama; ntuzogenda ushikiwe n’ivyo bintu+.”
23 Mugabo, arahindukira, abwira Petero ati: “Herera inyuma yanje, Shetani+! Uri igitsitaza kuri jewe, kuko utiyumvira ivyiyumviro vy’Imana+, ariko wiyumvira ivy’abantu.”
24 Maze Yezu abwira abigishwa biwe ati: “Nimba umuntu ashaka kunkurikira, niyiyanke atore igiti co kubabarizwako ciwe hanyuma agume+ ankurikira.
25 Kuko uwushaka gukiza ubuzima bwiwe azobubura; mugabo uwuheba ubuzima bwiwe kubera jewe azoburonka+.
26 Mbega umuntu vyomumarira iki niyunguka isi yose mugabo agaheba ubuzima bwiwe+? Canke umuntu yotanga iki ngo arokore+ ubuzima bwiwe?
27 Kuko Umwana w’umuntu abwirizwa kuzoza mu buninahazwa bwa Se ari kumwe n’abamarayika biwe; maze azohemba umwe wese ibihuye n’inyifato yiwe+.
28 Ni ukuri, ndababwiye yuko hariho bamwe mu bahagaze ng’aha batazohonja urupfu na gato batabanje kubona Umwana w’umuntu aza mu bwami bwiwe+.”