Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Matayo 15:1-39

15  Maze Abafarizayo n’abanditsi bavuye i Yeruzalemu+ baza kuri Yezu, bavuga bati:  “Kubera iki abigishwa bawe bahonyanga umugenzo w’aba kera? Nk’akarorero, ntibakaraba iyo bagira bafungure+.”  Abishura ati: “Kubera iki namwe muhonyanga ibwirizwa ry’Imana kubera umugenzo wanyu+?  Nk’akarorero, Imana yavuze iti: ‘Tera iteka so na nyoko+’; yongera iti: ‘Uwututse se canke nyina ntaze abure gupfa+.’  Mugabo mwebwe muvuga ngo: ‘Uwo wese abwira se canke nyina ati: “Ico nari mfise cose nogufashishije ni ingabirano yeguriwe Imana,”  ntabwirizwa gutera iteka se na gatoyi+.’ Gutyo rero mwatituye ijambo ry’Imana kubera imigenzo yanyu+.  Mwa biyorobetsi mwe+, Yesaya+ ntiyihenze igihe yavuga mu buhanuzi ibiberekeye, ati:  ‘Aba bantu bantera iteka n’iminwa yabo, yamara umutima wabo uri kure yanje cane+.  Bansengera ubusa, kuko inyigisho bigisha ari amabwirizwa y’abantu+.’” 10  Aca ahamagara isinzi ngo ryegere, maze ababwira ati: “Mwumvirize kandi mutegere insobanuro+: 11  Ivyinjira mu kanwa si vyo bihumanya umuntu; mugabo ibiva mu kanwa k’umuntu ni vyo bimuhumanya+.” 12  Maze abigishwa baraza, bamubwira bati: “Mbega urazi ko Abafarizayo batsitaye bumvise ivyo uvuze+?” 13  Yishura ati: “Igiterwa cose Dawe wo mw’ijuru atateye kizorandurwa+. 14  Bareke. Ni indongozi zihumye. Iyo rero impumyi irongoye iyindi mpumyi, zompi zigwa mu cobo+.” 15  Petero amubwira ati: “Dusigurire ico kigereranyo+.” 16  Na we avuga ati: “Mbega namwe n’ubu ntimutegera+? 17  Ntimuzi yuko ikintu cose cinjira mu kanwa gica mu mara hanyuma kigasohoka kikaja mu musarani? 18  Ariko ibiva mu kanwa biba bivuye mu mutima, kandi ivyo ni vyo bihumanya umuntu+. 19  Nk’akarorero, mu mutima ni ho hava ivyiyumviro bibi+, ubwicanyi, ukurenga ibigo, ubusambanyi, ukwiba, ugushinga intahe z’ikinyoma, ukurogota+. 20  Ivyo ni vyo bihumanya umuntu; mugabo gufungura n’iminwe idakaravye ntibihumanya umuntu+.” 21  Yezu ava ng’aho, aja mu mihingo y’i Tiro n’i Sidoni+. 22  Maze, haza umugore w’Umunyafenisiya+ wo muri izo ntara, asemerera ati: “Ngirira imbabazi+, Mukama, Mwana wa Dawidi. Umukobwa wanje ararembejwe n’idayimoni.” 23  Mugabo nta jambo yamwishuye. Nuko abigishwa biwe baraza, batangura kumusaba bati: “Murungike; kuko aguma asemerera inyuma yacu.” 24  Yishura ati: “Nta wundi natumweko atari ku ntama zazimiye z’inzu ya Isirayeli+.” 25  Nya mugore ashitse, yikubita imbere yiwe, avuga ati: “Mukama, mfasha+!” 26  Yishura ati: “Si vyiza gufata umukate w’abana ukawuterera utubwa.” 27  Nya mugore ati: “Egome, Mukama; ariko mu vy’ukuri utubwa twirira ku tuvunguka dukoroka tuva ku meza ya ba shebuja+.” 28  Maze Yezu amwishura ati: “Ewe mugore, ukwizera kwawe ni kwinshi; nibikubere nk’uko ushaka.” Buno nya mukobwa wiwe akira guhera kuri iyo saha+. 29  Yezu ava ng’aho aragenda, ashika hafi y’ikiyaga c’i Galilaya+, hanyuma, amaze kuduga ku musozi+, yicara ng’aho. 30  Maze amasinzi menshi aramwegera, ari kumwe n’abacumbagira, abacitse ibihimba vy’umubiri, impumyi, ibiragi, n’abandi benshi barwaye ibindi, bagasa n’ababaterera ku birenge vyiwe, na we arabakiza+, 31  ku buryo iryo sinzi ryumizwa no kubona ibiragi bivuga, n’abacumbagira bagendagenda, n’impumyi zongera kubona, maze baninahaza Imana ya Isirayeli+. 32  Mugabo Yezu ahamagara abigishwa biwe ngo baze kuri we, hanyuma avuga+ ati: “Iri sinzi rinteye ikigongwe+, kuko imaze kuba imisi itatu turi kumwe bakaba batagira ico barya; nanje sinshaka kubarungika bashonje. Bohava bagwa mu nzira.” 33  Ariko abigishwa bamubwira bati: “None muri aka gahinga ka nyaganande dukura hehe imikate ikwiye yo guhaza isinzi ringana gutya+?” 34  Yezu abishura ati: “Mufise imikate ingahe?” Na bo bati: “Indwi, hamwe n’udufi dukeyi.” 35  Nuko, amaze kubwira iryo sinzi ngo rigandagaze hasi, 36  afata ya mikate indwi na za fi, hanyuma, amaze gukenguruka, arabimanyagura atangura kubihereza abigishwa, abigishwa na bo babiha nya masinzi+. 37  Bose bararya barahaga, begeranya utumanyu twasigaye, haboneka ibisimbo vy’ibifungurwa indwi vyuzuye+. 38  Yamara abariye bari abagabo ibihumbi bine, hatarimwo abagore n’abana batoyi. 39  Amaherezo, amaze kurungika ya masinzi, yurira ubwato aja mu turere tw’i Magadani+.

Amakuru yiyongereye