Matayo 14:1-36

14  Ico gihe nyene, Herodi umutware w’intara, yumva inkuru yerekeye Yezu+,  aca abwira abasavyi biwe ati: “Uwo ni Yohani Umubatizi. Yarazuwe mu bapfuye, kandi ni co gituma akora ibikorwa vy’ububasha+.”  Kuko Herodi yari yafashe Yohani aramuboha, amuta mw’ibohero kubera Herodiya muka Filipo mwene wabo+.  Kuko Yohani yari yahoze amubwira ati: “Ntivyemewe ko umutwara+.”  Ariko naho yashaka kumwica, yaratinya isinzi, kubera ko bamufata nk’umuhanuzi+.  Mugabo igihe hariko harahimbazwa umusi w’ivuka rya Herodi+, umukobwa wa Herodiya yaratamvye arashimisha cane Herodi  ku buryo asezerana ashizeko n’indahiro ko amuha ico asaba cose+.  Maze nya mukobwa, yohejwe na nyina, avuga ati: “Numpe ng’aha kw’isiniya umutwe wa Yohani Umubatizi+.”  Naho umwami vyamuteye intuntu nyinshi, ku bwo kwubahiriza indahiro yari yarahiye no ku bw’abari bicaranye na we, ategeka ko bawumuha+; 10  maze arungika abantu ngo bace umutwe Yohani mw’ibohero. 11  Nuko umutwe wiwe uzanwa kw’isiniya, uhabwa nya mwigeme, na we awuzanira nyina+. 12  Amaherezo abigishwa biwe baraza bakuraho ikiziga ciwe baramuhamba+, hanyuma baraza babibwira Yezu. 13  Yezu avyumvise afata ubwato avayo aja mu gahinga ngo abe ukwa wenyene+; mugabo amasinzi aravyumva, aca amukurikira n’amaguru kuva mu bisagara. 14  Buno yururutse ubwato, abona isinzi rinini; bamutera ikigongwe+, na we akiza abarwayi babo+. 15  Mugabo bugorovye abigishwa biwe baza kuri we, bavuga bati: “Aha hantu ni mu gahinga kandi amasaha aramaze kwiterera; nurungike ayo masinzi, bagende mu bigwati bigurire ivyo kurya+.” 16  Ariko Yezu ababwira ati: “Ntibirirwa baragenda: Be ari mwebwe mubaha ico barya+.” 17  Bamubwira bati: “Aha nta kindi dufise atari imikate itanu n’ifi zibiri+.” 18  Avuga ati: “Binzanire ng’aha.” 19  Maze ategeka nya masinzi kugandagaza ku vyatsi, hanyuma afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, arabihezagira+, hanyuma amaze kumanyagura ya mikate, ayihereza abigishwa, abigishwa na bo bayigaburira nya masinzi+. 20  Bose bararya barahaga, begeranya utumanyu twasigaye, haboneka ibisimbo cumi na bibiri vyuzuye+. 21  Yamara abariye bari abagabo nk’ibihumbi bitanu, hatarimwo abagore n’abana batoyi+. 22  Maze bidatevye, agobera abigishwa biwe kwurira ubwato ngo bamwitangire imbere baje ku yindi nkengera, igihe arungika nya masinzi+. 23  Mu nyuma, amaze kurungika ayo masinzi, aduga ku musozi ari wenyene gusenga+. Naho bwari bwije, yari wenyene ng’aho. 24  Ico gihe bwa bwato bwari bumaze kugenda imetero amajana uvuye i musozi, bukagenda bukubagurwa n’imipfunda+, kubera ko umuyaga waza ubaturutse imbere. 25  Mugabo mu gihe c’iterama rigira kane ry’ijoro, aza aho bari agendera ku kiyaga+. 26  Abigishwa ngo bamubone agendera ku kiyaga, bahagarika umutima, bavuga bati: “Ni igihume+!” N’ubwoba n’akantu bayiha umunwa. 27  Mugabo Yezu aca arabavugisha ati: “Nimureme, ni jewe+; ntimutinye.” 28  Petero amwishura ati: “Mukama, nimba ari wewe, ntegeka nze aho uri ngendera ku mazi.” 29  Na we ati: “Ingo!” Petero aca yururuka ubwato+, agendera ku mazi, agana Yezu. 30  Mugabo aravye ikirura c’umuyaga agira ubwoba, hanyuma atanguye kunyika, akoma induru ati: “Mukama, ntabara!” 31  Buno nyene Yezu aramvura ukuboko aramufata, amubwira ati: “Wa muntu w’ukwizera guke we, kubera iki waretse ugatwarwa n’ugukekeranya+?” 32  Bamaze kwurira mu bwato, ca kirura c’umuyaga kiraturura. 33  Maze abari mu bwato bikubita imbere yiwe, bavuga bati: “Uri Umwana w’Imana vy’ukuri+.” 34  Hanyuma barajabuka baja i musozi i Genesareti+. 35  Abagabo baho bamumenye, barungika ubutumwa muri iyo ntara yose ihakikuje, maze abantu bamuzanira abari barwaye bose+. 36  Baramwinginga ngo bapfe gusa gukora ku buyonga bw’impuzu yiwe yo hejuru+; kandi ababukorako bose barakira neza.

Utujambo tw'epfo