Matayo 13:1-58

13  Kuri uwo musi, Yezu amaze kuva kuri iyo nzu, yicara ku nkengera y’ikiyaga;  hanyuma amasinzi menshi akoranira kuri we, bituma yurira mu bwato aricara+, isinzi ryose na ryo rikaba ryari rihagaze kw’isesero ry’ikiyaga.  Maze ababwira ibintu vyinshi mu bigereranyo*, ati: “Ehe umubivyi yarasohotse kubiba+;  hanyuma ariko arabiba, imbuto zimwe zigwa iruhande y’inzira, inyoni ziraza zirazirya+.  Izindi zigwa ahantu h’urubuyebuye aho zitaronka ivu ryinshi, zica ziramera buno nyene kuko zitaronse ivu rishika kure+.  Mugabo izuba rirashe zirababuka, maze kubera ukutagira imizi zica ziruma+.  Izindi na zo zigwa mu mahwa, hanyuma nya mahwa araduga, arazinyoha+.  Izindi na zo zigwa mw’ivu ryiza, hanyuma zitangura kwama+, uru rukama incuro ijana, rurya mirongo itandatu, urundi mirongo itatu+.  Uwuri n’amatwi niyumvirize+.” 10  Nuko abigishwa biwe baraza, bamubwira bati: “Kubera iki ubabwirira mu bigereranyo+?” 11  Arishura ati: “Mwebwe mwarahawe gutegera amabanga meranda+ y’ubwami bwo mw’ijuru, mugabo bobo ntibabihawe+. 12  Kuko uwufise wese, azokwongerwa akagwiza+; mugabo uwudafise wese, n’ico afise azocakwa+. 13  Ni co gituma ndababwirira mu bigereranyo, kubera ko kuraba baraba bakarabira ubusa, no kwumva bumva bakumvira ubusa, kandi ntibanategera insobanuro+; 14  kandi ubuhanuzi bwa Yesaya buriko burabarangukirako, ubuvuga buti: ‘Kwumva muzokwumva, mugabo ntimuzogenda mutegereye insobanuro; kandi kuraba muzoraba, mugabo ntimuzogenda mubonye+. 15  Kuko umutima w’aba bantu udadaraye, kandi bumvishije amatwi yabo ntihagira ico bakora, kandi bihumye amaso; kugira ntibigere babonesha amaso yabo ngo bumvishe n’amatwi yabo baheze bategere insobanuro bakoresheje imitima yabo, ngo bahindukire, ndabakize+.’ 16  “Ariko amaso yanyu arahiriwe+ kubera abona, n’amatwi yanyu kubera yumva. 17  Kuko ndababwije ukuri: Abahanuzi benshi+ n’abagororotsi benshi baripfuje kubona ivyo muriko muritegereza ntibabibona+, no kwumva ivyo muriko murumva ntibavyumva+. 18  “Umvirize rero ca kigereranyo c’umuntu yabivye+. 19  Iyo hagize umuntu yumva ijambo ry’ubwami mugabo ntategere ico risobanura, wa mubisha+ araza akanyahura ivyabibwe mu mutima wiwe; uwo ni we yabibwe iruhande y’inzira. 20  Uwabibwe ahantu h’urubuyebuye na we, uwo ni uwumva iryo jambo buno nyene agaca aryemerana akanyamuneza+. 21  Yamara nta muzi agira muri we, mugabo amara igihe gito, hamara kuvyuka amakuba canke uruhamo kubera iryo jambo, buno nyene agaca atsitara+. 22  Uwabibwe mu mahwa na we, uwo ni uwumva iryo jambo, mugabo amaganya y’ivy’iki gihe+ be n’ububasha buhendana bw’ubutunzi bikanyoha iryo jambo, maze agacika ikirumbirane+. 23  Uwabibwe mw’ivu ryiza na we, uwo ni uwumva iryo jambo agategera ico risobanura, akama ivyamwa koko, uyu akama incuro ijana, urya mirongo itandatu, uwundi mirongo itatu+.” 24  Abaha ikindi kigereranyo, ati: “Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’umuntu yabivye imbuto nziza mw’itongo ryiwe+. 25  Igihe abantu bari basinziriye, umwansi wiwe araza abiba icatsi kibi mu ngano, arigira. 26  Zimaze kumera zikayangika, ca catsi kibi na co gica kiraseruka. 27  Nuko abashumba ba nyen’urugo baraza, bamubwira bati: ‘Databuja, mbega burya ntiwabivye imbuto nziza mw’itongo ryawe+? None bigenze gute ngo habemwo icatsi kibi+?’ 28  Arababwira ati: ‘Ni umuntu w’umwansi yabigize+.’ Bamubwira bati: ‘None ushaka ko tugenda tukacegeranya?’ 29  Avuga ati: ‘Oya; ntimuhave musanga igihe mwegeranya ico catsi kibi mukiranduranye n’ingano. 30  Reka vyompi bikurane kugeza mw’iyimbura; maze mu gihe c’iyimbura nzobwira abashwabuzi nti: Banza mwegeranye icatsi kibi, mugitekere mu mikama mugiturire+, muheze mugende mwegeranirize ingano mu kigega canje+.’” 31  Abaha ikindi kigereranyo+, ati: “Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’agatete ka sinapi+, ako umuntu yatoye akagatera mw’itongo ryiwe; 32  nkako, ni ko kabuto kanzwinya kuruta imbuto zose, mugabo iyo gakuze kaba igiterwa c’imboga kinini kuruta ibindi vyose hanyuma kagacika igiti, ku buryo inyoni zo mu kirere+ ziza zikibera mu mashami yaco+.” 33  Abaha ikindi kigereranyo, ati: “Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’umwambiro+ umugore yafashe akawunyegeza mu ngero* zitatu nininini z’ifu, gushika igikandu cose gitutumvye.” 34  Ivyo vyose Yezu yabibwiye amasinzi mu bigereranyo. Nkako, nta co yababwira adakoresheje ikigereranyo+; 35  kugira haranguke ivyavuzwe biciye ku muhanuzi yavuze ati: “Ngira nteranure akanwa kanje mvugire mu bigereranyo, namamaze ibintu vyanyegejwe uhereye kw’ishingwa ry’isi+.” 36  Maze ahejeje kurungika nya masinzi, yinjira mu nzu. Hanyuma abigishwa biwe baza kuri we, bamubwira bati: “Dusigurire ca kigereranyo c’icatsi kibi mw’itongo.” 37  Arababwira ati: “Umubivyi w’imbuto nziza ni Umwana w’umuntu; 38  itongo ni isi+; nayo imbuto nziza, ni abana b’ubwami; mugabo icatsi kibi ni abana ba wa mubisha+, 39  umwansi yakibivye na we ni Shetani*+. Iyimbura+ ni insozero y’ivy’isi+, abashwabuzi na bo ni abamarayika. 40  Nk’uko rero ca catsi kibi cegeranijwe kigaturizwa umuriro, ni ko bizoba ku nsozero y’ivy’isi+. 41  Umwana w’umuntu azotuma abamarayika biwe, na bo begeranye ibintu vyose bitsitaza+ be n’abantu bakora ivy’ubugarariji, babikure mu bwami bwiwe 42  hanyuma babiterere mw’itanure ry’umuriro+. Aho ni ho hazoba ukurira kwabo n’uguhekenya amenyo+. 43  Ico gihe abagororotsi bazokayangana+ nk’izuba+ mu bwami bwa Se. Uwuri n’amatwi niyumvirize+. 44  “Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’itunga ryanyegejwe mw’itongo, iryo umuntu yubutseko akarinyegeza; maze kubera akanyamuneza agize, aragenda agurisha+ ivyo afise vyose hanyuma agura iryo tongo+. 45  “Vyongeye, ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’umudandaza w’ingenzi arondera imaragarita nziza. 46  Aronse imaragarita imwe y’agaciro kanini+, aragenda, aca agurisha ibintu vyose yari afise, arayigura+. 47  “Vyongeye, ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’urusenga rw’umukwabu rwarekuriwe mu kiyaga, rwegeranya ifi z’ubwoko bwose+. 48  Rumaze kwuzura barukwegera kw’isesero ry’ikiyaga, baricara, begeraniriza ifi nzizanziza+ mu biseke, mugabo mbimbi+ barazita. 49  Ukwo ni ko bizogenda ku nsozero y’ivy’isi: abamarayika bazosohoka barobanure ababisha+ mu bagororotsi+, 50  hanyuma babaterere mw’itanure ry’umuriro. Aho ni ho hazoba ukurira kwabo n’uguhekenya amenyo+. 51  “None mwategereye ico ivyo vyose bisobanura?” Bamubwira bati: “Egome.” 52  Maze ababwira ati: “Ko ari ukwo biri, umwigisha w’abantu wese, iyo yigishijwe mu bijanye n’ubwami bwo mw’ijuru+, amera nk’umuntu, nyen’urugo, asohora mu bubiko bw’itunga ryiwe ibintu bishasha n’ibishaje+.” 53  Buno Yezu arangije ivyo bigereranyo ava ng’aho aragenda. 54  Hanyuma amaze kwinjira mu karere k’iwabo+, atangura kubigisha mw’isinagogi yabo+, ku buryo bajorerwa bakavuga bati: “Mbega uyu muntu yakuye hehe ubu bukerebutsi n’ibi bikorwa vy’ububasha? 55  None uyu si umwana wa wa mubaji+? Nyina wiwe ntiyitwa Mariya, bene wabo na bo si Yakobo na Yozefu na Simoni na Yuda? 56  Bashikiwe na bo, ntibari kumwe natwe bose+? None uyu muntu yakuye hehe ivyo bintu vyose+?” 57  Nuko batangura gutsitara kubera we+. Mugabo Yezu arababwira ati: “Umuhanuzi ntabura guterwa iteka kiretse mu karere k’iwabo no mu nzu iwabo+.” 58  Kandi ntiyakoreye ng’aho ibikorwa vyinshi vy’ububasha kubera ukutizera kwabo+.

Utujambo tw'epfo

Canke, “imigani.”
Ingero imwe yangana n’amalitiro 7,33.
Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.