Matayo 12:1-50

12  Muri ico kiringo Yezu aca mu mirima y’ingano kw’isabato+. Abigishwa biwe barasonza hanyuma batangura kumyoza uduhundo tw’intete, bararya+.  Abafarizayo ngo babibone bamubwira+ bati: “Ehe abigishwa bawe bariko bakora ibitemewe gukorwa kw’isabato+.”  Arababwira ati: “Mbega ntimwasomye ico Dawidi yakoze igihe we hamwe n’abantu bari kumwe na we basonza+?  Ingene yinjiye mu nzu y’Imana bakarya imikate ishirwa imbere y’Imana*+, kikaba cari ikintu atari yemerewe+ kurya, eka n’abari kumwe na we, kiretse abaherezi gusa+?  Canke ntimwasomye mw’Itegeko+, yuko ku masabato abaherezi mu rusengero bafata isabato nk’iyitari nyeranda, kandi bakaguma ata kibagira+?  Mugabo ndababwiye yuko ng’aha hari ikiruta urusengero+.  Ariko iyo muba mwaratahuye ico ibi bisobanura ngo: ‘Ico nshaka ni imbabazi+, si ibimazi+,’ ntimwari gutsindisha abatagira ikibagira.  Kuko Umwana w’umuntu ari Umukama w’isabato+.”  Amaze kuva aho hantu, aja mw’isinagogi yabo; 10  maze haza umugabo yanyunyutse ukuboko+! Nuko bamubaza bati: “Mbega biremewe gukiza kw’isabato?” Aho kwari ukugira ngo baronke ikirego bomurega+. 11  Ababwira ati: “Ni nde muri mwebwe yoba afise intama imwe, maze yagwa mu cobo+ kw’isabato ntayifate ngo ayikureyo+? 12  Ku bw’ivyo vyose, ibaze ingene umuntu arusha agaciro intama+! Biremewe rero gukora ikintu ciza kw’isabato.” 13  Maze abwira nya mugabo ati: “Ramvura ukuboko kwawe.” Na we arakuramvura, guca kurakira, gusubira kumera neza nk’ukundi+. 14  Mugabo Abafarizayo barasohoka, baja inama yo kumwica+. 15  Yezu abimenye, avayo. Vyongeye, abantu benshi baramukurikira, na we arabakiza bose+, 16  mugabo arabihanikiriza ngo ntibakwiragize ivyiwe+; 17  kugira haranguke ivyavuzwe biciye kuri Yesaya umuhanuzi, uwavuze ati: 18  “Ehe umusavyi wanje+ natoye, umukundwa wanje+, uwo umutima wanje washimye! Nzoshira impwemu yanje kuri we+, kandi azotomorera amahanga ubutungane ico ari co. 19  Ntazotongana+ canke ngo avuze urwamo, eka nta n’uwuzokwumva ijwi ryiwe mu mayira yagutse. 20  Ntazojanjagura irenga rimenetse, kandi ntazozimya urutambi ruyenga+, kugeza ashikanye ubutungane+ ku ntsinzi. 21  Egome, izina ryiwe ni ryo amahanga azokwizigira+.” 22  Maze bamuzanira umugabo yiziziwe n’idayimoni, w’impumyi akaba n’ikiragi; na we aramukiza, ku buryo nya mugabo w’ikiragi avuga akongera akabona. 23  Emwe, amasinzi yose agwa mu gahundwe koko, avuga+ ati: “Ubwo uyu ntiyoba ari wa Mwana wa Dawidi+?” 24  Abafarizayo ngo bavyumve, bavuga bati: “Uyo muntu ntiyirukana amadayimoni bidaciye kuri Beyezebuli, umutware w’amadayimoni+.” 25  Amenya ivyiyumviro vyabo+, aca ababwira ati: “Ubwami bwose bucanyemwo bukirwanya burahona+, kandi igisagara cose canke inzu yose icanyemwo ikirwanya ntizorama. 26  Na Shetani nimba yirukana Shetani, yiciyemwo ibice arirwanya ubwiwe; none ubwami bwiwe buzorama gute? 27  Vyongeye, nimba nirukana amadayimoni biciye kuri Beyezebuli+, abana banyu bo bayirukana biciye kuri nde? Ni co gituma bazoba abacamanza banyu. 28  Mugabo nimba nirukana amadayimoni biciye ku mpwemu y’Imana, ubwami bw’Imana rero bwabahwikiye+. 29  Canke umuntu yoshobora gute kwinjira mu nzu y’umuntu w’inguvu akanyaga ibintu atunze, atabanje kumuboha? Ni ho yobona gusahura inzu yiwe+. 30  Uwutari ku ruhande rwanje aba andwanya, kandi uwutegeraniriza hamwe nanje arasanzaza+. 31  “Ni co gituma ndababwiye nti: Igicumuro ico ari co cose n’ukurogota ukwo ari kwo kwose abantu bazobibabarirwa, mugabo uwurogota ku mpwemu ntazobibabarirwa+. 32  Nk’akarorero, uwo wese avuga nabi Umwana w’umuntu, azobibabarirwa+; mugabo uwo wese avuga nabi impwemu nyeranda, ntazobibabarirwa, habe namba, haba muri iki gihe* canke mu kizoza+. 33  “Nimutume igiti kiba ciza, n’ivyamwa vyaco mubigire vyiza, canke na ho mutume igiti kiba icaboze, n’ivyamwa vyaco ivyaboze; kuko igiti kimenyekanira ku vyamwa vyaco+. 34  Mwa ruvyaro rw’imamba mwe+, mushobora gute kuvuga ibintu vyiza kandi muri babi+? Kuko ibibogaboga mu mutima ari vyo akanwa kavuga+. 35  Umuntu mwiza asohora ibintu vyiza mw’itunga ryiza afise+, nayo umuntu mubi asohora ibintu bibi mw’itunga ribi afise+. 36  Ndababwiye yuko ijambo ryose ritagira akamaro abantu bavuga, bazoribazwa+ ku Musi w’Urubanza; 37  kuko amajambo yawe ari yo azotuma witwa umugororotsi, kandi amajambo yawe ni yo azogutsindisha+.” 38  Maze bamwe mu banditsi n’Abafarizayo basubizayo bati: “Mwigisha, dushaka kubona ikimenyetso kivuye kuri wewe+.” 39  Abishura ati: “Iyaruka ribi kandi ry’irisambanyi+ riguma rirondera ikimenyetso, mugabo nta kimenyetso rizohabwa atari ikimenyetso ca Yona umuhanuzi+. 40  Kuko nk’uko Yona+ yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi runini, ni ko n’Umwana w’umuntu+ azomara imisi itatu n’amajoro atatu+ mu nda y’isi*+. 41  Abagabo b’i Ninewe bazohagurukana n’iri yaruka mu rubanza+ baritsindishe+; kuko bigaye aho bumviye ivyo Yona+ yamamaza, mugabo, ehe ng’aha hari ikiruta Yona. 42  Wa mwamikazi wo mu bumanuko+ azohagurutsanywa n’iri yaruka mu rubanza aritsindishe; kuko yaje ava ku mpera z’isi kugira yumve ubukerebutsi bwa Salomo, mugabo, ehe ng’aha hari ikiruta Salomo+. 43  “Iyo impwemu ihumanye ivuye mu muntu, ica ahantu hagadutse irondera aho kuruhukira, ntiharonke+. 44  Maze iravuga iti: ‘Reka nsubire mu nzu yanje navuyemwo’; kandi ishitse isanga ata kiyibamwo, mugabo ikubuye neza, isharije. 45  Maze iragenda igahitana izindi mpwemu indwi ziyirusha ububisha+, hanyuma zimaze gushika imbere muri nya nzu, zikahaba; maze ivya nyuma vy’uwo muntu bikunyuka kuruta ivya mbere+. Ukwo ni na ko bizogendera iri yaruka ribi+.” 46  Akiriko arabwira iryo sinzi, nyina wiwe na bene wabo+ bahagarara hanze barondera kuvugana na we. 47  Nuko umuntu umwe amubwira ati: “Ehe nyoko wawe na bene wanyu bahagaze hanze, barondera kuvugana nawe.” 48  Yishura uwubimubwiye ati: “Mbega mawe ni nde, kandi bene wacu ni bande+?” 49  Maze aramvura ukuboko akwerekeza ku bigishwa biwe, avuga ati: “Ng’aba mawe na bene wacu+! 50  Kuko uwo wese akora ukugomba kwa Dawe ari mw’ijuru, uwo ni we mwene wacu, na mushikanje, na mawe.”

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “mu mutima w’isi.”