Matayo 12:1-50
12 Muri ico kiringo Yezu aca mu mirima y’ingano kw’isabato+. Abigishwa biwe barasonza hanyuma batangura kumyoza uduhundo tw’intete, bararya+.
2 Abafarizayo ngo babibone bamubwira+ bati: “Ehe abigishwa bawe bariko bakora ibitemewe gukorwa kw’isabato+.”
3 Arababwira ati: “Mbega ntimwasomye ico Dawidi yakoze igihe we hamwe n’abantu bari kumwe na we basonza+?
4 Ingene yinjiye mu nzu y’Imana bakarya imikate ishirwa imbere y’Imana*+, kikaba cari ikintu atari yemerewe+ kurya, eka n’abari kumwe na we, kiretse abaherezi gusa+?
5 Canke ntimwasomye mw’Itegeko+, yuko ku masabato abaherezi mu rusengero bafata isabato nk’iyitari nyeranda, kandi bakaguma ata kibagira+?
6 Mugabo ndababwiye yuko ng’aha hari ikiruta urusengero+.
7 Ariko iyo muba mwaratahuye ico ibi bisobanura ngo: ‘Ico nshaka ni imbabazi+, si ibimazi+,’ ntimwari gutsindisha abatagira ikibagira.
8 Kuko Umwana w’umuntu ari Umukama w’isabato+.”
9 Amaze kuva aho hantu, aja mw’isinagogi yabo;
10 maze haza umugabo yanyunyutse ukuboko+! Nuko bamubaza bati: “Mbega biremewe gukiza kw’isabato?” Aho kwari ukugira ngo baronke ikirego bomurega+.
11 Ababwira ati: “Ni nde muri mwebwe yoba afise intama imwe, maze yagwa mu cobo+ kw’isabato ntayifate ngo ayikureyo+?
12 Ku bw’ivyo vyose, ibaze ingene umuntu arusha agaciro intama+! Biremewe rero gukora ikintu ciza kw’isabato.”
13 Maze abwira nya mugabo ati: “Ramvura ukuboko kwawe.” Na we arakuramvura, guca kurakira, gusubira kumera neza nk’ukundi+.
14 Mugabo Abafarizayo barasohoka, baja inama yo kumwica+.
15 Yezu abimenye, avayo. Vyongeye, abantu benshi baramukurikira, na we arabakiza bose+,
16 mugabo arabihanikiriza ngo ntibakwiragize ivyiwe+;
17 kugira haranguke ivyavuzwe biciye kuri Yesaya umuhanuzi, uwavuze ati:
18 “Ehe umusavyi wanje+ natoye, umukundwa wanje+, uwo umutima wanje washimye! Nzoshira impwemu yanje kuri we+, kandi azotomorera amahanga ubutungane ico ari co.
19 Ntazotongana+ canke ngo avuze urwamo, eka nta n’uwuzokwumva ijwi ryiwe mu mayira yagutse.
20 Ntazojanjagura irenga rimenetse, kandi ntazozimya urutambi ruyenga+, kugeza ashikanye ubutungane+ ku ntsinzi.
21 Egome, izina ryiwe ni ryo amahanga azokwizigira+.”
22 Maze bamuzanira umugabo yiziziwe n’idayimoni, w’impumyi akaba n’ikiragi; na we aramukiza, ku buryo nya mugabo w’ikiragi avuga akongera akabona.
23 Emwe, amasinzi yose agwa mu gahundwe koko, avuga+ ati: “Ubwo uyu ntiyoba ari wa Mwana wa Dawidi+?”
24 Abafarizayo ngo bavyumve, bavuga bati: “Uyo muntu ntiyirukana amadayimoni bidaciye kuri Beyezebuli, umutware w’amadayimoni+.”
25 Amenya ivyiyumviro vyabo+, aca ababwira ati: “Ubwami bwose bucanyemwo bukirwanya burahona+, kandi igisagara cose canke inzu yose icanyemwo ikirwanya ntizorama.
26 Na Shetani nimba yirukana Shetani, yiciyemwo ibice arirwanya ubwiwe; none ubwami bwiwe buzorama gute?
27 Vyongeye, nimba nirukana amadayimoni biciye kuri Beyezebuli+, abana banyu bo bayirukana biciye kuri nde? Ni co gituma bazoba abacamanza banyu.
28 Mugabo nimba nirukana amadayimoni biciye ku mpwemu y’Imana, ubwami bw’Imana rero bwabahwikiye+.
29 Canke umuntu yoshobora gute kwinjira mu nzu y’umuntu w’inguvu akanyaga ibintu atunze, atabanje kumuboha? Ni ho yobona gusahura inzu yiwe+.
30 Uwutari ku ruhande rwanje aba andwanya, kandi uwutegeraniriza hamwe nanje arasanzaza+.
31 “Ni co gituma ndababwiye nti: Igicumuro ico ari co cose n’ukurogota ukwo ari kwo kwose abantu bazobibabarirwa, mugabo uwurogota ku mpwemu ntazobibabarirwa+.
32 Nk’akarorero, uwo wese avuga nabi Umwana w’umuntu, azobibabarirwa+; mugabo uwo wese avuga nabi impwemu nyeranda, ntazobibabarirwa, habe namba, haba muri iki gihe* canke mu kizoza+.
33 “Nimutume igiti kiba ciza, n’ivyamwa vyaco mubigire vyiza, canke na ho mutume igiti kiba icaboze, n’ivyamwa vyaco ivyaboze; kuko igiti kimenyekanira ku vyamwa vyaco+.
34 Mwa ruvyaro rw’imamba mwe+, mushobora gute kuvuga ibintu vyiza kandi muri babi+? Kuko ibibogaboga mu mutima ari vyo akanwa kavuga+.
35 Umuntu mwiza asohora ibintu vyiza mw’itunga ryiza afise+, nayo umuntu mubi asohora ibintu bibi mw’itunga ribi afise+.
36 Ndababwiye yuko ijambo ryose ritagira akamaro abantu bavuga, bazoribazwa+ ku Musi w’Urubanza;
37 kuko amajambo yawe ari yo azotuma witwa umugororotsi, kandi amajambo yawe ni yo azogutsindisha+.”
38 Maze bamwe mu banditsi n’Abafarizayo basubizayo bati: “Mwigisha, dushaka kubona ikimenyetso kivuye kuri wewe+.”
39 Abishura ati: “Iyaruka ribi kandi ry’irisambanyi+ riguma rirondera ikimenyetso, mugabo nta kimenyetso rizohabwa atari ikimenyetso ca Yona umuhanuzi+.
40 Kuko nk’uko Yona+ yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi runini, ni ko n’Umwana w’umuntu+ azomara imisi itatu n’amajoro atatu+ mu nda y’isi*+.
41 Abagabo b’i Ninewe bazohagurukana n’iri yaruka mu rubanza+ baritsindishe+; kuko bigaye aho bumviye ivyo Yona+ yamamaza, mugabo, ehe ng’aha hari ikiruta Yona.
42 Wa mwamikazi wo mu bumanuko+ azohagurutsanywa n’iri yaruka mu rubanza aritsindishe; kuko yaje ava ku mpera z’isi kugira yumve ubukerebutsi bwa Salomo, mugabo, ehe ng’aha hari ikiruta Salomo+.
43 “Iyo impwemu ihumanye ivuye mu muntu, ica ahantu hagadutse irondera aho kuruhukira, ntiharonke+.
44 Maze iravuga iti: ‘Reka nsubire mu nzu yanje navuyemwo’; kandi ishitse isanga ata kiyibamwo, mugabo ikubuye neza, isharije.
45 Maze iragenda igahitana izindi mpwemu indwi ziyirusha ububisha+, hanyuma zimaze gushika imbere muri nya nzu, zikahaba; maze ivya nyuma vy’uwo muntu bikunyuka kuruta ivya mbere+. Ukwo ni na ko bizogendera iri yaruka ribi+.”
46 Akiriko arabwira iryo sinzi, nyina wiwe na bene wabo+ bahagarara hanze barondera kuvugana na we.
47 Nuko umuntu umwe amubwira ati: “Ehe nyoko wawe na bene wanyu bahagaze hanze, barondera kuvugana nawe.”
48 Yishura uwubimubwiye ati: “Mbega mawe ni nde, kandi bene wacu ni bande+?”
49 Maze aramvura ukuboko akwerekeza ku bigishwa biwe, avuga ati: “Ng’aba mawe na bene wacu+!
50 Kuko uwo wese akora ukugomba kwa Dawe ari mw’ijuru, uwo ni we mwene wacu, na mushikanje, na mawe.”
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Ijambo ku rindi ni “mu mutima w’isi.”