Matayo 11:1-30
11 Yezu rero arangije guha amabwirizwa abigishwa biwe cumi na babiri, ava ng’aho aja kwigisha no kwamamaza mu bisagara vyabo+.
2 Mugabo Yohani, amaze kwumvira mw’ibohero+ ivyerekeye ibikorwa Kristu akora, arungika abigishwa biwe
3 kuvuga bati: “Woba uri Umwe ariko araza, canke twitege uwundi+?”
4 Yezu abishura ati: “Gende mwiganire Yohani ivyo muriko murumva n’ivyo muriko murabona:
5 Impumyi zirongera kubona+, abacumbagira+ baragenda, abanyamibembe+ barahumanurwa, ibipfamatwi+ birumva, abapfuye+ barazurwa, n’aboro baramenyeshwa inkuru nziza+;
6 kandi hahiriwe uwutaronka igitsitaza muri jewe+.”
7 Igihe abo bari mu nzira bagenda, Yezu atangura kubwira amasinzi ivyerekeye Yohani ati: “Mwagiye mu gahinga kuraba iki+? Irenga rihungabanywa n’umuyaga+?
8 None mwagiye kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu ziremvye? Erega abambara impuzu ziremvye bari mu nzu z’abami+.
9 None vy’ukuri mwagiriye iki? Kuraba umuhanuzi? Egome, ndabibabwiye, kandi araruta umuhanuzi kure n’iyo+.
10 Uwo ni we handitswe ku bimwerekeye ngo: ‘Ehe jewe ntumye intumwa yanje imbere yawe, ni yo izogutegurira inzira imbere yawe+!’
11 Ni ukuri ndabibabwiye: Mu bavutse ku bagore+ ntihigeze guhaguruka uwuruta Yohani Umubatizi; mugabo umuto mu bwami+ bwo mw’ijuru aramuruta.
12 Mugabo kuva mu misi ya Yohani Umubatizi gushika ubu, ubwami bwo mw’ijuru ni ryo hangiro abantu babandanira, kandi ababandana gutyo barabucakira+.
13 Kuko bose, Abahanuzi n’Itegeko, bavuze ubuhanuzi gushika kuri Yohani+;
14 kandi nimba mushaka kuvyemera: We ubwiwe ni we ‘Eliya abwirizwa kuza+.’
15 Uwuri n’amatwi niyumvirize+.
16 “Iri yaruka ndarigereranye na nde+? Rimeze nk’abana batoyi bicaye mu tuguriro basemerera babwira abo bakinana+
17 bati: ‘Twabavugirije umwironge, ntimwatamba; twaboroze, ntimwikubitagura ku gikiriza kubera intuntu+.’
18 Muri ubwo buryo nyene, Yohani yaje atarya, atanywa+, yamara abantu bavuga ngo: ‘Arimwo idayimoni’;
19 Umwana w’umuntu yaje arya, anywa+, mugabo abantu bavuga ngo: ‘Ehe umukunzi w’inda kandi yatwawe n’umuvinyu, umugenzi w’abatozakori n’abacumuzi+.’ Ariko ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo+.”
20 Maze atangura kunebagura ibisagara vyari vyabereyemwo vyinshi mu bikorwa vyiwe vy’ububasha, kuko bitigaye+, ati:
21 “Uragowe, Korazini! Uragowe, Betsayida+! kubera ko iyo ibikorwa vy’ububasha vyabereye muri mwebwe biza kuba vyabereye i Tiro n’i Sidoni, ivyo bisagara biba vyarigaye kera biri mu magunira* no mu minyota+.
22 Ni co gituma ndababwiye nti: Ku Musi w’Urubanza+ ivya Tiro na Sidoni bizoba ibigendeka kuruta ivyanyu+.
23 Nawe Kaperinawumu+, woba uzoduzwa gushika kw’ijuru? Uzomanuka gushika mu kuzimu+; kubera ko iyo ibikorwa vy’ububasha vyabereye muri wewe biza kuba vyabereye i Sodomu, haba hakiriho gushika n’uno musi.
24 Ni co gituma ndababwiye nti: Ku Musi w’Urubanza ivy’igihugu ca Sodomu bizoba ibigendeka kuruta ivyawe+.”
25 Muri uwo mwanya Yezu aca avuga ati: “Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije inkerebutsi n’incabwenge, ukabihishurira inzoya+.
26 Egome, Data, kubera ko washimye kubigenza gutyo.
27 Ibintu vyose narabihawe na Dawe+, kandi nta n’umwe azi neza Umwana atari Data+, eka nta n’uwuzi neza Data atari Umwana be n’uwo wese Umwana agomba kumuhishurira+.
28 Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe+, nanje ndabaruhurira.
29 Mwishireko ingǒgo*+ yanje munyigireko+, kuko nitonda+ kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzokwumva muruhuriwe+.
30 Kuko ingǒgo yanje yoroshe, n’umutwaro wanje ukaba uhwahutse+.”