Matayo 11:1-30

11  Yezu rero arangije guha amabwirizwa abigishwa biwe cumi na babiri, ava ng’aho aja kwigisha no kwamamaza mu bisagara vyabo+.  Mugabo Yohani, amaze kwumvira mw’ibohero+ ivyerekeye ibikorwa Kristu akora, arungika abigishwa biwe  kuvuga bati: “Woba uri Umwe ariko araza, canke twitege uwundi+?”  Yezu abishura ati: “Gende mwiganire Yohani ivyo muriko murumva n’ivyo muriko murabona:  Impumyi zirongera kubona+, abacumbagira+ baragenda, abanyamibembe+ barahumanurwa, ibipfamatwi+ birumva, abapfuye+ barazurwa, n’aboro baramenyeshwa inkuru nziza+;  kandi hahiriwe uwutaronka igitsitaza muri jewe+.”  Igihe abo bari mu nzira bagenda, Yezu atangura kubwira amasinzi ivyerekeye Yohani ati: “Mwagiye mu gahinga kuraba iki+? Irenga rihungabanywa n’umuyaga+?  None mwagiye kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu ziremvye? Erega abambara impuzu ziremvye bari mu nzu z’abami+.  None vy’ukuri mwagiriye iki? Kuraba umuhanuzi? Egome, ndabibabwiye, kandi araruta umuhanuzi kure n’iyo+. 10  Uwo ni we handitswe ku bimwerekeye ngo: ‘Ehe jewe ntumye intumwa yanje imbere yawe, ni yo izogutegurira inzira imbere yawe+!’ 11  Ni ukuri ndabibabwiye: Mu bavutse ku bagore+ ntihigeze guhaguruka uwuruta Yohani Umubatizi; mugabo umuto mu bwami+ bwo mw’ijuru aramuruta. 12  Mugabo kuva mu misi ya Yohani Umubatizi gushika ubu, ubwami bwo mw’ijuru ni ryo hangiro abantu babandanira, kandi ababandana gutyo barabucakira+. 13  Kuko bose, Abahanuzi n’Itegeko, bavuze ubuhanuzi gushika kuri Yohani+; 14  kandi nimba mushaka kuvyemera: We ubwiwe ni we ‘Eliya abwirizwa kuza+.’ 15  Uwuri n’amatwi niyumvirize+. 16  “Iri yaruka ndarigereranye na nde+? Rimeze nk’abana batoyi bicaye mu tuguriro basemerera babwira abo bakinana+ 17  bati: ‘Twabavugirije umwironge, ntimwatamba; twaboroze, ntimwikubitagura ku gikiriza kubera intuntu+.’ 18  Muri ubwo buryo nyene, Yohani yaje atarya, atanywa+, yamara abantu bavuga ngo: ‘Arimwo idayimoni’; 19  Umwana w’umuntu yaje arya, anywa+, mugabo abantu bavuga ngo: ‘Ehe umukunzi w’inda kandi yatwawe n’umuvinyu, umugenzi w’abatozakori n’abacumuzi+.’ Ariko ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo+.” 20  Maze atangura kunebagura ibisagara vyari vyabereyemwo vyinshi mu bikorwa vyiwe vy’ububasha, kuko bitigaye+, ati: 21  “Uragowe, Korazini! Uragowe, Betsayida+! kubera ko iyo ibikorwa vy’ububasha vyabereye muri mwebwe biza kuba vyabereye i Tiro n’i Sidoni, ivyo bisagara biba vyarigaye kera biri mu magunira* no mu minyota+. 22  Ni co gituma ndababwiye nti: Ku Musi w’Urubanza+ ivya Tiro na Sidoni bizoba ibigendeka kuruta ivyanyu+. 23  Nawe Kaperinawumu+, woba uzoduzwa gushika kw’ijuru? Uzomanuka gushika mu kuzimu+; kubera ko iyo ibikorwa vy’ububasha vyabereye muri wewe biza kuba vyabereye i Sodomu, haba hakiriho gushika n’uno musi. 24  Ni co gituma ndababwiye nti: Ku Musi w’Urubanza ivy’igihugu ca Sodomu bizoba ibigendeka kuruta ivyawe+.” 25  Muri uwo mwanya Yezu aca avuga ati: “Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije inkerebutsi n’incabwenge, ukabihishurira inzoya+. 26  Egome, Data, kubera ko washimye kubigenza gutyo. 27  Ibintu vyose narabihawe na Dawe+, kandi nta n’umwe azi neza Umwana atari Data+, eka nta n’uwuzi neza Data atari Umwana be n’uwo wese Umwana agomba kumuhishurira+. 28  Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe+, nanje ndabaruhurira. 29  Mwishireko ingǒgo*+ yanje munyigireko+, kuko nitonda+ kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzokwumva muruhuriwe+. 30  Kuko ingǒgo yanje yoroshe, n’umutwaro wanje ukaba uhwahutse+.”

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.