Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Matayo 10:1-42

10  Nuko ahamagaza abigishwa biwe cumi na babiri, abaha ububasha ku mpwemu zihumanye+, kugira bazirukane no kugira bakize indwara z’ubwoko bwose n’ubumuga bw’ubwoko bwose.  Amazina ya nya ntumwa cumi na zibiri+ ni aya+: Ubwa mbere, Simoni ari we yitwa Petero+, na Andereya+ mwene wabo; Yakobo mwene Zebedayo+ na Yohani mwene wabo;  Filipo na Barutelemi+; Toma+ na Matayo+ umutozakori; Yakobo mwene Alufayo+, na Tadeyo;  Simoni Umunyakanani+, na Yuda Isikariyoti, ari we yahavuye amugura+.  Abo cumi na babiri Yezu arabatuma, abaha aya mategeko+, ati: “Ntimuje mu nzira y’amahanga, kandi ntimwinjire mu gisagara c’Abasamariya+;  ahubwo mugume muja ku ntama zazimiye z’inzu ya Isirayeli+.  Uko mugenda, mwamamaze, muti: ‘Ubwami bwo mw’ijuru buregereje+.’  Mukize abarwaye+, muzure abapfuye, muhumanure abarwaye imibembe, mwirukane amadayimoni. Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu+.  Ntimutekere inzahabu canke ifeza canke umujumpu mu masaho yanyu yo ku mikanda+, 10  canke umupfuko w’ibifungurwa ku bw’urugendo, canke impuzu zibiri zo munsi canke inkweto* canke inkoni; kuko umukozi akwiriye ibifungurwa vyiwe+. 11  “Igisagara cose canke ikigwati cose muzokwinjiramwo, muharondere uwukwiriye, mugumeyo gushika muvuyeyo+. 12  Mwinjiye mu nzu, muramutse urwo rugo; 13  kandi nimba nya nzu ikwiriye, amahoro muyipfurije ayizeko+; mugabo nimba idakwiriye, amahoro yanyu abagarukeko. 14  Aho hose umuntu atabakiriye canke ngo yumvirize amajambo yanyu, muvuye muri iyo nzu canke muri ico gisagara, mukunkumure umukungugu ku birenge vyanyu+. 15  Ni ukuri ndabibabwiye: Ku Musi w’Urubanza* ivy’igihugu ca Sodomu+ na Gomora bizoba ibigendeka kuruta ivy’ico gisagara+. 16  “Ehe ndabatumye muri nk’intama mu mabingira hagati+; mwiyubare rero nk’inzoka+ yamara mube intungane nk’inuma+. 17  Mwiyubare abantu+; kuko bazobashengeza mu masentare+, kandi babashishagurire+ mu masinagogi yabo+. 18  Egome, bazobakwega babatware imbere ya ba buramatari n’abami+ babampora, kugira bibe intahe+ kuri bo no ku mahanga. 19  Ariko nibabashengeza, ntimuze mwiganyire ku vy’ingene muzovuga canke ku vyo muzovuga; kuko ivyo muzovuga muzobihabwa muri iyo saha+; 20  kuko atari mwebwe gusa muzovuga, mugabo impwemu ya So ni yo izovuga biciye kuri mwebwe+. 21  Bitayeko, umuntu+ azotanga mwene wabo ngo yicwe, na se w’umwana atange umwana wiwe, kandi abana bazokurira hasi abavyeyi, babicishe+. 22  Kandi muzokwankwa n’abantu bose kubera izina ryanje+; mugabo uwihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa+. 23  Nibabahama mu gisagara kimwe, muhungire mu kindi+; kuko ni ukuri ndabibabwiye: Ntimuzogenda muhetuye+ ibisagara vya Isirayeli Umwana w’umuntu adashitse+. 24  “Umwigishwa ntaruta umwigisha wiwe, n’umushumba ntaruta shebuja+. 25  Birahagije yuko umwigishwa acika nk’umwigisha wiwe, umushumba na we nka shebuja+. Nimba nyen’urugo bamwise Beyezebuli+, hari akantu abo mu rugo rwiwe! 26  Ntimubatinye rero; kuko ata catwikiriwe na kimwe kitazotwikururwa, canke icagizwe ibanga na kimwe kitazomenyekana+. 27  Ico mbabwiriye mu mwiza, mukivugire mu muco; kandi ico mwumvise kivugwa mu bwongoshwe, mucamamarize hejuru ku mazu+. 28  Ntimutinye+ abica umubiri mugabo badashobora guhonya ubuzima*; ahubwo nyabuna mutinye urya+ ashobora guhonereza ubuzima* n’umubiri vyompi muri Gehena+. 29  None utujuri tubiri ntitugurishwa igiceri c’agaciro gatoya+? Yamara nta na kamwe muri two gakorokera hasi So atabizi+. 30  Mugabo n’imishatsi yo ku mutwe wanyu iraharuye yose+. 31  Ntimutinye rero: mwebwe muri n’agaciro kuruta utujuri twinshi+. 32  “Umuntu wese rero yemera icese imbere y’abantu yuko yunze ubumwe nanje, nanje nzokwemera icese+ imbere ya Dawe ari mw’ijuru yuko nunze ubumwe na we; 33  mugabo uwo wese anyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana+ imbere ya Dawe ari mw’ijuru. 34  Ntimwiyumvire ngo naje gushira amahoro kw’isi; sinaje gushiraho amahoro+, atari inkota. 35  Kuko naje gucanishamwo abantu: umuhungu akarwanya se, n’umukobwa akarwanya nyina, n’umukazana akarwanya inabukwe+. 36  Egome, abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe bwite. 37  Uwiyumvamwo se canke nyina kuruta jewe, ntankwiriye; kandi uwiyumvamwo umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe kuruta jewe, ntankwiriye+. 38  Kandi uwo wese atemera kwikorera igiti co kubabarizwako ciwe ngo ankurikire, ntankwiriye+. 39  Uwukiza ubuzima bwiwe azobuhomba, nayo uwemera guheba ubuzima bwiwe kubera jewe azoburonka+. 40  “Uwubakiriye na jewe aba anyakiriye, kandi uwunyakiriye aba yakiriye n’uwantumye+. 41  Uwakiriye umuhanuzi kubera ari umuhanuzi azoronka impembo y’umuhanuzi+, kandi uwakiriye umugororotsi kubera ari umugororotsi azoronka impembo y’umugororotsi+. 42  Kandi uwo wese ahaye umwe muri aba batoyi igikombe gusa c’amazi akanye yo kunywa kubera ari umwigishwa, ni ukuri ndabibabwiye, ntazobura kuronka impembo yiwe+.”

Amakuru yiyongereye

Canke, “amasandali.”
Raba Inyongera ya 21.
Canke, “badashobora gukuraho icizigiro co kwongera kubaho.”
Mu kigiriki ni “pisike” (psy·kheʹ). Raba Inyongera ya 6.