Matayo 1:1-25
1 Igitabu c’amamuko+ ya Yezu Kristu, mwene Dawidi+, mwene Aburahamu+:
2 Aburahamu yavyaye Izahaki+;Izahaki avyara Yakobo+;Yakobo avyara Yuda+ na bene wabo;
3 Yuda avyara Perezi+ na Zera kuri Tamari;Perezi avyara Hezironi+;Hezironi avyara Ramu+;
4 Ramu avyara Aminadabu;Aminadabu avyara Nahashoni+;Nahashoni avyara Salumoni+;
5 Salumoni avyara Bowazi kuri Rahabu+;Bowazi avyara Obedi kuri Rusi+;Obedi avyara Yese+;
6 Yese avyara Dawidi+ umwami+. Dawidi avyara Salomo+ ku mugore wa Uriya;
7 Salomo avyara Rehobowamu+;Rehobowamu avyara Abiya;Abiya+ avyara Asa+;
8 Asa avyara Yehoshafati+;Yehoshafati avyara Yehoramu+;Yehoramu avyara Uziya;
9 Uziya avyara Yotamu;Yotamu+ avyara Ahazi+;Ahazi avyara Hezekiya+;
10 Hezekiya avyara Manase+;Manase+ avyara Amoni+;Amoni+ avyara Yosiya;
11 Yosiya+ avyara Yekoniya+ na bene wabo mu gihe c’ukwambukanwa i Babiloni+.
12 Inyuma y’ukwambukanwa i Babiloni, Yekoniya yavyaye Sheyalutiyeli+;Sheyalutiyeli avyara Zerubabeli+;
13 Zerubabeli avyara Abihudi;Abihudi avyara Eliyakimu;Eliyakimu avyara Azori;
14 Azori avyara Zadoki;Zadoki avyara Akimu;Akimu avyara Elihudi;
15 Elihudi avyara Eleyazari;Eleyazari avyara Matani;Matani avyara Yakobo;
16 Yakobo avyara Yozefu umugabo wa Mariya umwe yavyara Yezu+, uwitwa Kristu+.
17 Amayaruka yose rero, kuva kuri Aburahamu gushika kuri Dawidi yari cumi n’ane, hanyuma kuva kuri Dawidi gushika ku kwambukanwa i Babiloni haba amayaruka cumi n’ane, maze kuva ku kwambukanwa i Babiloni gushika kuri Kristu haba amayaruka cumi n’ane.
18 Mugabo ivuka rya Yezu Kristu ryagenze gutya: Mu gihe nyina wiwe Mariya yari asabwe+ na Yozefu, basanze yibungenze bivuye ku mpwemu nyeranda+, imbere y’uko babirana.
19 Ariko Yozefu umugabo wiwe, kubera ko yari umugororotsi akaba atashaka kumugira akabarore+, yaciye yiyumvira kwahukana+ na we mu mpisho.
20 Mugabo amaze kuzirikana ivyo bintu, umumarayika wa Yehova amubonekera mu ndoto, avuga ati: “Yozefu, mwana wa Dawidi, ntutinye gutwara Mariya umugore wawe i muhira, kuko icasamwe mu nda yiwe caje bivuye ku mpwemu nyeranda+.
21 Azovyara umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yezu+, kuko azokiza+ abantu biwe+ ibicumuro vyabo+.”
22 Mu vy’ukuri, ivyo vyose vyabaye kugira haranguke ivyavuzwe na Yehova+ biciye ku muhanuzi wiwe+, ati:
23 “Raba! Umwigeme w’isugi+ azokwibungenga hanyuma avyare umuhungu, kandi bazomwita Emanweli+,” bikaba bisobanura ngo: “Imana iri kumwe natwe+.”
24 Maze Yozefu arikangura mw’itiro ryiwe, akora nk’uko umumarayika wa Yehova yari yamutegetse, atwara umugore wiwe i muhira.
25 Mugabo ntiyaryamanye+ na we gushika avyaye umwana w’umuhungu+; araheza amwita Yezu+.