Mariko 9:1-50
9 Ikigeretseko, abandanya kubabwira ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Hariho bamwe mu bahagaze ng’aha batazohonja urupfu na gato batabanje kubona ubwami bw’Imana bumaze kuza mu bubasha+.”
2 Nuko haciye imisi itandatu, Yezu ahitana Petero na Yakobo na Yohani, abadugana ku musozi muremure ari bonyene gusa. Maze ahinduka ukundi imbere yabo+,
3 impuzu ziwe zo hejuru na zo zicika izakaka, zirererana cane ku buryo ata mumesuzi n’umwe kw’isi yoshoboye kuzeza gutyo+.
4 Vyongeye, Eliya hamwe na Musa barababonekera, bariko barayaga na Yezu+.
5 Nuko Petero aca abwira Yezu ati: “Rabi, ni vyiza kuba turi ng’aha; reka rero dushinge amahema atatu, rimwe ryawe, irindi rya Musa, irindi rya Eliya+.”
6 Nkako, ntiyari azi ico ari buvuge, kuko bari batekewe n’ubwoba.
7 Nuko hirema igicu, kibatwikiriza igitutu caco, maze ijwi+ riva muri nya gicu, riti: “Uyu ni Umwana wanje+, umukundwa; nimumwumvirize+.”
8 Ariko buno nyene bareraguza, ntihagira uwundi bongera kubona ari kumwe na bo, atari Yezu wenyene+.
9 Bariko baramanuka bava kuri nya musozi, abategeka adakikiriza kutagira n’umwe biganira+ ivyo babonye, kugeza Umwana w’umuntu amaze kuzuka mu bapfuye+.
10 Na bo iryo jambo barishira ku mutima, mugabo baguma babazanya ico ukwo kuzuka mu bapfuye gusobanura.
11 Batangura kumubaza bati: “Ni kubera iki abanditsi bavuga yuko Eliya+ ategerezwa kubanza kuza+?”
12 Ababwira ati: “Eliya abanza kuza koko agasubiza ibintu vyose mu buryo+; mugabo none bishoboka bite ngo habe handitswe ku Mwana w’umuntu yuko ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi+ akongera agafatwa nk’uwutagira ico amaze+?
13 Mugabo ndabibabwiye: Eliya+ mu vy’ukuri yaraje, bamugirira ivyo bashaka vyose, nk’uko vyanditswe kuri we+.”
14 Buno baje bagana abandi bigishwa, babona isinzi rinini ribakikije, n’abanditsi bariko baharira na bo+.
15 Mugabo nya sinzi ryose ngo rimukubite ijisho rirajumararirwa, hanyuma ryirukanga iyo ari, ritangura kumuramutsa.
16 Na we ababaza ati: “Muriko muharira iki na bo?”
17 Umwe muri iryo sinzi amwishura ati: “Mwigisha, nakuzaniye umwana wanje kubera ko arimwo impwemu y’ikiragi+;
18 kandi aho imufatiye hose iramukubita hasi, akabimba ifuro, akazyegenya amenyo, hanyuma akaregera. None nabwiye abigishwa bawe ngo bayirukane, mugabo ntibabishoboye+.”
19 Aca ababwira ati: “Ewe wa yaruka ritagira ukwizera+, nzogumana namwe kugeza ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Munzanire+.”
20 Baramumuzanira. Mugabo ya mpwemu imubonye ica irahotagura nya mwana, hanyuma amaze kugwa hasi aguma akumbagara, abimba ifuro+.
21 Abaza se wa nya mwana ati: “Ivyo bimaze igihe kingana iki bimushikira?” Na we ati: “Kuva mu bwana;
22 kandi incuro n’izindi iramuta mu muriro no mu mazi irondera kumwica+. Mugabo nimba ushobora kugira ico ukoze, tugirire ikigongwe udufashe.”
23 Yezu amubwira ati: “Ugize ngo: ‘Nimba ushobora’! Erega vyose birashoboka ku wizeye+.”
24 Buno nyene se wa nya mwana arasemerera ati: “Ndizeye! Mfasha aho mbuze ukwizera+!”
25 Maze Yezu abonye yuko isinzi ririko rishwabaduka riza kuri bo, akankamira+ nya mpwemu ihumanye, mu kuyibwira ati: “Wa mpwemu y’ikiragi kandi y’igipfamatwi we, ndabigutegetse, muvemwo kandi ntugasubire kumwinjiramwo.”
26 Hanyuma imaze gusemerera no kwihotagura kenshi irasohoka+; aca acika nk’uwapfuye, ku buryo abenshi muri bo bavuga bati: “Yapfuye!”
27 Mugabo Yezu amufata ukuboko aramuhagurutsa, na we arahaguruka+.
28 Amaze kwinjira mu nzu abigishwa biwe batangura kumubaza biherereye bati: “Ni kubera iki twebwe tutashoboye kuyirukana+?”
29 Na we ababwira ati: “Burya bwoko nta kindi gishobora kubusohora atari isengesho+.”
30 Bava ng’aho baragenda, baca i Galilaya, mugabo ntiyashaka ko hagira n’umwe abimenya.
31 Kuko yariko yigisha abigishwa biwe ababwira ati: “Umwana w’umuntu abwirizwa gutangwa mu maboko y’abantu, kandi bazomwica+, mugabo naho azoba yishwe, azozuka inyuma y’imisi itatu+.”
32 Ariko ntibategera iryo jambo, kandi baratinya kumubaza ibibazo+.
33 Hanyuma baza i Kaperinawumu. Ari mu nzu, ababaza ati: “Mwariko muharira ku biki mu nzira+?”
34 Baguma bacereje, kuko mu nzira bari bahaririye hagati yabo ku wuruta abandi uwo ari we+.
35 Araheza aricara, ahamagara bamwe cumi na babiri, ababwira ati: “Nimba umuntu ashaka kuba uw’imbere, ategerezwa kuba uw’inyuma ya bose n’umusuku wa bose+.”
36 Maze afata umwana mutoyi, amuhagarika hagati yabo, amukikiza amaboko, araheza ababwira+ ati:
37 “Uwo wese yakiriye umwe mu bana batoyi mwene aba mw’izina ryanje, aba anyakiriye; kandi uwo wese anyakiriye, ntaba yakiriye jewe gusa, mugabo aba yakiriye n’uwantumye+.”
38 Yohani amubwira ati: “Mwigisha, twabonye umuntu yariko yirukana amadayimoni akoresheje izina ryawe, natwe tugerageza kumubuza+, kubera atariko ajana natwe+.”
39 Mugabo Yezu avuga ati: “Ntimugerageze kumubuza, kuko ata n’umwe azokora igikorwa c’ububasha mw’izina ryanje ngo ace ashobora kuntuka ningoga+;
40 kuko uwutaturwanya adushigikiye+.
41 Kuko uwo wese abaha igikombe+ c’amazi yo kunywa kubera ko muri aba Kristu+, ni ukuri ndabibabwiye, ntazogenda abuze impembo yiwe.
42 Mugabo uwo wese atsitaza umwe muri aba batoyi bemera, yopfuma ashirwa mw’izosi urusyo nka rumwe ruzungurutswa n’indogobwa, agatererwa vy’ukuri mu kiyaga+.
43 “Kandi ikiganza cawe kiramutse kigutsitaje, gice; wopfuma winjira mu buzima ucitse igihimba c’umubiri hako ujana ibiganza bibiri muri Gehena*, mu muriro udashobora kuzima+.
44 * ——
45 Kandi nimba ikirenge cawe kigutsitaza, gice; wopfuma winjira mu buzima ucumbagira+, hako utererwa muri Gehena ufise ibirenge bibiri+.
46 * ——
47 Kandi nimba ijisho ryawe rigutsitaza, rite kure+; wopfuma winjira mu bwami bw’Imana ufise ijisho rimwe, hako utererwa muri Gehena ufise amaso abiri+,
48 aho urunyo rwavyo rudapfa n’umuriro ntuzime+.
49 “Kuko umuntu wese ategerezwa kurungwa umunyu+ w’umuriro.
50 Umunyu ni mwiza; mugabo umunyu uramutse utakaje ubukomezi bwawo, muzowurunga iki+? Mugire umunyu+ muri mwebwe kandi mugumane amahoro+ hagati yanyu.”
Utujambo tw'epfo
^ Ikibanza caturirirwamwo umwavu inyuma ya Yeruzalemu.