Mariko 8:1-38
8 Muri iyo misi, igihe hongera kuba hari isinzi rinini, kandi akaba ata co bari bafise barya, ahamagaza abigishwa ababwira+ ati:
2 “Iri sinzi rinteye ikigongwe+, kuko imaze kuba imisi itatu riri iruhande yanje bakaba batagira ico barya;
3 kandi nkabarungika iwabo bashonje, baragwa mu nzira. Nkako, bamwe muri bo bava kure.”
4 Mugabo abigishwa biwe bamwishura bati: “Aha muri aka gahinga ka nyaganande umuntu yohaza aba bantu imikate akuye hehe+?”
5 Ariko ababaza ati: “Mufise imikate ingahe?” Na bo bati: “Indwi+.”
6 Nuko abwira nya sinzi ngo rigandagaze hasi, maze afata ya mikate indwi, arakenguruka+, arayimanyagura, atangura kuyiha abigishwa biwe ngo bayibagaburire, na bo bayigaburira rya sinzi+.
7 Bari bafise n’udufi dukeyi; hanyuma amaze kuduhezagira, ababwira kutugabura na two nyene+.
8 Nuko bararya barahaga, begeranya utumanyu twasagutse, haboneka ibisimbo vy’ibifungurwa indwi vyuzuye+.
9 Yamara hari abagabo nk’ibihumbi bine. Araheza arabarungika+.
10 Hanyuma buno nyene yurira ubwato ari kumwe n’abigishwa biwe, aja mu mihingo y’i Dalumanuta+.
11 Hano Abafarizayo baraza, batangura kumuhaririza, bamuronderako ikimenyetso kiva mw’ijuru, kugira bamugeze+.
12 Nuko araniha cane+ mu mutima, avuga ati: “Kubera iki iri yaruka rirondera ikimenyetso? Ni ukuri ndabivuze: Nta kimenyetso iri yaruka rizohabwa+.”
13 Aca abasiga aho, yongera kwurira ubwato, aja ku yindi nkengera.
14 Ico gihe bari bibagiye kwitwaza imikate, kandi nta kindi bari bafise mu bwato atari umukate umwe+.
15 Nuko atangura kubategeka adakikiriza, ati: “Mugume murikanuye, mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo n’umwambiro wa Herodi+.”
16 Nuko batangura guharira hagati yabo ku vy’uko ata mikate bafise+.
17 Arabimenya, ababwira ati: “Kubera iki muharira ku vy’uko ata mikate mufise+? Mbega n’ubu ntimutahura ngo mutegere insobanuro? Mbega imitima yanyu birayigora gutegera+?
18 ‘Naho muri n’amaso, mbega ntimubona? Kandi naho muri n’amatwi, mbega ntimwumva+?’ Vyongeye, mbega ntimwibuka,
19 ca gihe namanyagura ya mikate itanu+ ku bwa ba bantu ibihumbi bitanu, uko ibisimbo vyuzuye utumanyu mwegeranije vyangana?” Bamubwira bati: “Cumi na bibiri+.”
20 “Ca gihe namanyagura imwe indwi ku bwa ba bantu ibihumbi bine, ni ibisimbo vy’ibifungurwa bingahe mwegeranije vyuzuye utumanyu?” Na bo bamubwira bati: “Indwi+.”
21 Aca ababwira ati: “None n’ubu ntimutegera insobanuro+?”
22 Buno bashika i Betsayida. Hano abantu bamuzanira impumyi, baramwinginga ngo ayikoreko+.
23 Nuko afata nya mpumyi ukuboko, ayijana inyuma y’ikigwati, hanyuma amaze gucira amate+ ku maso yayo, ayirambikako ibiganza, ayibaza ati: “Hari ico ubona?”
24 Nya muntu araramura amaso, hanyuma atangura kuvuga ati: “Ndabona abantu kubera ko mbona ibintu womenga ni ibiti, mugabo biriko biragendagenda.”
25 Maze yongera gushira ibiganza ku maso ya nya muntu, nya muntu aca arabona neza, arakira, asigara abona ibintu vyose ata kuvyitiranya.
26 Nuko amurungika i muhira, avuga ati: “Mugabo ntiwinjire mu kigwati+.”
27 Yezu n’abigishwa biwe baraheza bava ng’aho baja mu bigwati vy’i Sezariya ya Filipo, hanyuma mu nzira atangura kubaza abigishwa biwe, ati: “Abantu bavuga ko ndi nde+?”
28 Bamubwira bati: “Bamwe ngo uri Yohani Umubatizi+, abandi ngo uri Eliya+, abandi na bo ngo uri Umwe mu bahanuzi+.”
29 Aca ababaza ati: “Mweho none muvuga ko ndi nde?” Petero amwishura ati: “Uri Kristu+.”
30 Nuko arabihanikiriza ngo ntihagire n’umwe babwira ivyiwe+.
31 Vyongeye, atangura kubigisha yuko Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi no kwiyamirizwa n’abagabo b’inararibonye n’abakuru b’abaherezi be n’abanditsi hanyuma akicwa+, maze akazuka haciye imisi itatu+.
32 Emwe, ivyo yabivuga atarya umunwa. Mugabo Petero aramwikebukanya, atangura kumuhambarira+.
33 Arahindukira, araba abigishwa biwe hanyuma ahambarira Petero, ati: “Herera inyuma yanje, Shetani, kuko utiyumvira ivyiyumviro vy’Imana, ariko wiyumvira ivy’abantu+.”
34 Buno ahamagara isinzi ngo rize kuri we hamwe n’abigishwa biwe, ababwira ati: “Nimba umuntu ashaka kunkurikira, niyiyanke atore igiti co kubabarizwako ciwe hanyuma agume ankurikira+.
35 Kuko uwushaka gukiza ubuzima bwiwe azobubura; mugabo uwuheba ubuzima bwiwe kubera jewe no kubera inkuru nziza azobukiza+.
36 Mu vy’ukuri, umuntu vyomumarira iki kwunguka isi yose agaheba ubuzima bwiwe+?
37 Mu vy’ukuri, umuntu yotanga iki ngo arokore ubuzima bwiwe+?
38 Kuko uwo wese aterwa isoni nanje be n’amajambo yanje muri iri yaruka ry’irisambanyi kandi ry’iricumuzi, n’Umwana w’umuntu azoterwa isoni+ na we niyashika mu buninahazwa bwa Se ari kumwe n’abamarayika beranda+.”