Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Mariko 7:1-37

7  Buno Abafarizayo na bamwe mu banditsi bari baje bava i Yeruzalemu bakoranira iruhande yiwe+.  Hanyuma babonye bamwe mu bigishwa biwe bafungura n’iminwe ihumanye, ni ukuvuga iminwe idakaravye+  kuko Abafarizayo n’Abayuda bose batarya batabanje gukaraba iminwe kugeza mu nkokora, bakagumya umugenzo w’aba kera,  kandi iyo bavuye mu kaguriro, ntibarya batihumanuye mu kwimijagira amazi; hari n’iyindi migenzo+ myinshi bahawe ngo bayigumye, nko kwinika mu mazi ibikombe n’amakarabo n’inkono z’umuringa+,—  abo Bafarizayo n’abanditsi baca bamubaza bati: “Kubera iki abigishwa bawe batigenza nk’uko umugenzo w’aba kera uri, mugabo bagafungura n’iminwe ihumanye+?”  Ababwira ati: “Yesaya ntiyihenze igihe yavuga mu buhanuzi ibiberekeye, mwa biyorobetsi, nk’uko vyanditswe ngo+: ‘Aba bantu bantera iteka n’iminwa yabo, mugabo imitima yabo yigijwe kure yanje cane+.  Bansengera ubusa, kuko inyigisho bigisha ari amabwirizwa y’abantu+.’  Mureka ibwirizwa ry’Imana, mukagumya umugenzo w’abantu+.”  Hanyuma ababwira ati: “Mubigiranye ubuhanga, murigiza ku ruhande ibwirizwa+ ry’Imana kugira ngo mugumye umugenzo wanyu. 10  Nk’akarorero, Musa yavuze ati: ‘Tera iteka so na nyoko+,’ yongera ati: ‘Uwututse se canke nyina ntaze abure gupfa+.’ 11  Mugabo mwebwe muvuga ngo: ‘Iyo umuntu abwiye se canke nyina ati: “Ico nari mfise cose nogufashisha ni korubani+ (ni ukuvuga ingabirano yeguriwe+ Imana),”’— 12  ntimuba mukimuretse ngo agire ikintu na kimwe akorera se canke nyina+, 13  gutyo rero mugatituza ijambo ry’Imana+ imigenzo yanyu mwagiye murahererekana. Kandi murakora n’ibindi vyinshi+ mwene ivyo.” 14  Nuko yongera guhamagara isinzi ngo rize kuri we, ababwira ati: “Nimunyumvirize, mwebwe mwese, kandi mutegere insobanuro+. 15  Nta kintu na kimwe kiva hanze y’umuntu cinjira muri we gishobora kumuhumanya; mugabo ibisohoka bivuye mu muntu ni vyo bihumanya umuntu+.” 16*  —— 17  Amaze kwinjira mu nzu kure ya rya sinzi, abigishwa biwe batangura kumubaza ibijanye n’ico kigereranyo+. 18  Nuko ababwira ati: “Mbega namwe cokimwe na bo ntimutegera+? Ntimuzi yuko ata kintu na kimwe kiva hanze kikinjira mu muntu gishobora kumuhumanya, 19  kuko kitinjira mu mutima wiwe, mugabo cinjira mu mara yiwe, hanyuma kigasohoka kikaja mu musarani+?” Gutyo yari yerekanye ko ibifungurwa vyose bihumanuye+. 20  Bitayeko, avuga ati: “Ibisohoka bivuye mu muntu ni vyo bihumanya umuntu+; 21  kuko imbere mu mutima w’abantu+ ari ho ivyiyumviro bibi bisohoka biva: ubusambanyi+, ukwiba, ubwicanyi+, 22  ukurenga ibigo, ukugira umwina+, ibikorwa vy’ububisha, ubuhendanyi, ubushirasoni*+, ijisho ry’inzigo, ukurogota, ubwibone, ubusazi. 23  Ivyo bintu bibi vyose bisohoka biva imbere kandi birahumanya umuntu+.” 24  Arahaguruka ava ng’aho aja mu turere twa Tiro na Sidoni+. Hanyuma yinjira mu nzu, akaba atashaka ko hagira umuntu n’umwe abimenya. Yamara ntivyashobotse ko batamubona+; 25  mugabo buno nyene umugore yari afise agakobwa karimwo impwemu ihumanye yumva ivyiwe, hanyuma araza akubita inkoro hasi ku birenge vyiwe+. 26  Nya mugore yari Umugirikikazi, yamuka i Sirofenisiya; kandi yaguma amusaba kwirukana iyo dayimoni mu mukobwa wiwe+. 27  Mugabo amubwira ati: “Banza ureke abana bahage, kuko atari vyiza gufata umukate w’abana+ ukawuterera utubwa+.” 28  Ariko abishura ati: “Egome mutungwa, yamara nya tubwa aho twibereye munsi y’imeza, turya ku tuvunguka+ tw’abana+.” 29  Aca amubwira ati: “Ko uvuze ivyo, genda; ya dayimoni yavuye mu mukobwa wawe+.” 30  Nuko aragenda i muhira, asanga+ wa mwana mutoyi aryamye ku gitanda, ya dayimoni na yo yamuvuyemwo. 31  Yongera kugaruka ava mu turere tw’i Tiro aciye i Sidoni, aja ku kiyaga c’i Galilaya aciye hagati mu turere tw’i Dekapoli+. 32  Hano bamuzanira umugabo w’igipfamatwi kandi atavuga ngo atobore, hanyuma baramwinginga ngo amurambikeko ikiganza+. 33  Nuko amujana hirya ya rya sinzi ahiherereye hanyuma ashira intoke ziwe mu matwi ya nya mugabo, buno amaze gucira amate, amukora ku rurimi+. 34  Hanyuma arangamiza mw’ijuru+ ariruhutsa+ cane, amubwira ati: “Efata,” ni ukuvuga ngo: “Zibuka.” 35  Ubushobozi bwiwe bwo kwumva buca buragaruka+, icamugoba ururimi kirahava, aca atangura kuvuga nk’uko bisanzwe. 36  Nuko arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babibwira+; mugabo uko yarushiriza kubihanikiriza, ni ko barushiriza kubitangaza+. 37  Emwe, barajorerwa+ bimwe vy’akataraboneka, bavuga bati: “Akoze ibintu vyose neza. Aratuma n’ibipfamatwi vyumva n’ibiragi bikavuga+.”

Amakuru yiyongereye

Uyu murongo uraboneka mu mpinduro zimwezimwe za Bibiliya, mugabo ntuboneka mu vyandiko vy’iminwe bikurubikuru vy’ikigiriki vya kera binyuranye.
Raba Inyongera ya 21.