Mariko 6:1-56

6  Hanyuma avayo, aza mu karere k’iwabo, n’abigishwa biwe baramukurikira+.  Hageze kw’isabato, atangura kwigisha mw’isinagogi; maze benshi mu bariko baramwumviriza barajorerwa, bavuga bati: “Mbega uyu muntu yakuye hehe ibi bintu+? Kandi kubera iki yoba yahawe ubwo bukerebutsi, n’ibikorwa vy’ububasha mwene ivyo bigakorwa biciye ku maboko yiwe?  Uyu si wa mubaji+, umuhungu wa Mariya+ akaba na mwene wabo na Yakobo+ na Yozefu na Yuda na Simoni+? Bashikiwe na bo ntibari ng’aha kumwe natwe?” Nuko batangura gutsitara kubera we+.  Mugabo Yezu abandanya kubabwira ati: “Umuhanuzi ntabura guterwa iteka kiretse mu karere k’iwabo+ no mu ncuti ziwe no mu nzu iwabo+.”  Ni co gituma ata gikorwa c’ububasha yakoreyeyo kiretse kurambika ibiganza ku barwaye bakeyi akabakiza.  Emwe, yaratangajwe n’ukutizera kwabo. Nuko agendagenda azunguruka mu bigwati, yigisha+.  Buno ahamagaza bamwe cumi na babiri, atanguza ivyo kubatuma babiribabiri+, kandi abaha ububasha ku mpwemu zihumanye+.  Abategeka kandi kutagira ikintu na kimwe bitwaza ku bw’urugendo kiretse inkoni yonyene, ntibitwaze umukate, umupfuko w’ibifungurwa+, canke amahera* mu masaho yabo yo ku mikanda+,  mugabo abategeka kwambara inkweto*, no kutambara impuzu zibiri zo munsi+. 10  Ababwira kandi ati: “Aho hose mwinjiye mu nzu+, muhagume kugeza musohotse mukahava+. 11  Kandi ahantu hose batazobakira canke ngo babumvirize, muhavuye muze mukunkumure ivu riri munsi y’ibirenge vyanyu kugira bibere intahe abo bantu+.” 12  Nuko baragenda, baramamaza ngo abantu bigaye+; 13  kandi bǎrirukana amadayimoni menshi+ bakongera bagasiga amavuta+ abantu benshi barwaye, bakanabakiza+. 14  Maze bishika mu gutwi kw’Umwami Herodi, kuko izina rya Yezu ryari ryamenyekanye cane, abantu bakaba bariko bavuga bati: “Yohani umubatizi yazuwe mu bapfuye, ari co gituma akora ibikorwa vy’ububasha+.” 15  Mugabo abandi bariko bavuga bati: “Ni Eliya+.” Abandi na bo bati: “Ni umuhanuzi nk’abandi bahanuzi+.” 16  Mugabo Herodi avyumvise atangura kuvuga ati: “Umwe Yohani naca umutwe, ni we w’uyo yazuwe+.” 17  Kuko Herodi ubwiwe yari yatumye ngo bafate Yohani hanyuma amubohera mw’ibohero kubera Herodiya muka Filipo mwene wabo, kuko Herodi yari yamwabiriye+. 18  Kuko Yohani yari yagumye abwira Herodi ati: “Ntivyemewe ko utwara umugore wa mwene wanyu+.” 19  Mugabo Herodiya yamwamanira inzika+, agashaka kumwica, mugabo ntabishobore+. 20  Kuko Herodi yatinya+ Yohani, kubera yari azi ko ari umugabo w’umugororotsi kandi w’umweranda+; mbere yaramukingira. Kandi amaze kumwumviriza+ yarazazanirwa rwose, yamara akabandanya kumwumviriza ahimbawe. 21  Mugabo akaryo+ karabonetse igihe Herodi yatereka imfungurwa zo ku mugoroba ku musi w’ivuka ryiwe+, aziteretse abo ku rwego rwo hejuru biwe n’abakomanda ba gisirikare hamwe n’abantu bakurubakuru b’i Galilaya. 22  Maze umukobwa w’uwo Herodiya nyene arinjira, aratamba, ashimisha Herodi hamwe n’abari bicaranye+ na we. Umwami abwira nya mwigeme ati: “Nsaba ico ushaka cose, ndakiguha.” 23  Egome, aramurahira ati: “Ico unsaba cose, ndakiguha+, gushika no ku gice c’ubwami bwanje+.” 24  Hanyuma arasohoka abwira nyina ati: “Nsabe iki?” Na we ati: “Umutwe wa Yohani wa mubatizi+.” 25  Buno nyene arinjira anyaragasa, aja ku mwami, amusaba ati: “Nshaka ko umpa ubu nyene kw’isiniya umutwe wa Yohani Umubatizi.” 26  Naho umwami yagize intuntu nyinshi cane, yaranse kumwirengagiza, kubera za ndahiro be n’abari ku meza+. 27  Umwami buno nyene aca arungika uwo mu bacungera ubuzima, amutegeka kuzana umutwe wa Yohani. Na we aca aragenda amucira umutwe mw’ibohero+, 28  hanyuma azana umutwe wiwe kw’isiniya, awuha nya mwigeme, nya mwigeme na we awuha nyina+. 29  Aho abigishwa biwe bavyumviye baraza batora ikiziga ciwe, bagishira mu mva+. 30  Hanyuma intumwa zikoranira imbere ya Yezu zimwiganira ibintu vyose zari zakoze n’ivyo zari zigishije+. 31  Na we ababwira ati: “Nimuze, mwebwe mwenyene, ahiherereye mu gahinga+ muruhuke gatoya+.” Kuko abaza n’abagenda bari benshi, ku buryo batari bafise n’akanya ko gufungura+. 32  Nuko bafata ubwato baja mu gahinga ari bonyene+. 33  Mugabo abantu barababona bagenda kandi benshi barabimenya, baca birukirayo icarimwe n’amaguru bavuye mu bisagara vyose, babatangayo+. 34  Nuko yururutse, abona isinzi rinini, mugabo bamutera ikigongwe+, kuko bari bameze nk’intama zitagira umwungere+. Aca atangura kubigisha ibintu vyinshi+. 35  Ico gihe amasaha yari ageze kure, hanyuma abigishwa biwe baza kuri we, bavuga bati: “Aha hantu ni mu gahinga ka nyaganande, kandi amasaha amaze kugera kure+. 36  Barungike, bagende mu gihugu hagati no mu bigwati vyo mu micungararo bigurire ico barya+.” 37  Abishura ati: “Be ari mwebwe mubaha ico barya.” Baca bamubwira bati: “Tugende tugure imikate iciye idenariyo* amajana abiri tuyihe abantu barye+?” 38  Ababwira ati: “Mufise imikate ingahe? Gende murabe!” Bamaze kubimenya, bavuga bati: “Itanu, hamwe n’ifi zibiri+.” 39  Nuko abwira abantu bose kugandagaza mu migwimigwi+ ku vyatsi bitoto+. 40  Hanyuma bagandagaza mu migwi y’ijanijana n’iya mirongo itanitanu+. 41  Araheza atora ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru arabihezagira+, hanyuma amanyagura+ ya mikate atangura kuyiha abigishwa, kugira ngo bano bayishire imbere y’abantu; hanyuma agabura za fi zibiri ku bwa bose. 42  Nuko bose bararya barahaga+; 43  hanyuma begeranya utumanyu, haboneka ibisimbo cumi na bibiri vyuzuye, ifi zitarimwo. 44  Ikigeretseko, abariye kuri nya mikate bari abagabo ibihumbi bitanu+. 45  Hanyuma, bidatevye, agobera abigishwa biwe kwurira ubwato ngo babe baragenda ku yindi nkengera amagana i Betsayida, mu gihe na we ubwiwe arungika rya sinzi+. 46  Mugabo amaze kubasezera, aja ku musozi gusenga+. 47  Bumaze kugoroba, ubwato bwari hagati mu kiyaga, mugabo we yari wenyene i musozi+. 48  Hanyuma aho aboneye bariko baracumukura+ mu gusoza, kuko umuyaga waza ubaturutse imbere, nko mw’iterama rya kane* ry’ijoro araza abagana, agendagenda ku kiyaga; mugabo yagomba kubarengana. 49  Bamubonye agendera ku kiyaga biyumvira bati: “Ni igihume!”, baca bayiha umunwa+. 50  Kuko bose bamubonye bagahagarika umutima. Mugabo buno nyene avugana na bo, maze ababwira ati: “Nimureme, ni jewe; ntimutinye+.” 51  Hanyuma yurira mu bwato hamwe na bo, wa muyaga uca uraturura. Nuko barumirwa cane mu mitima yabo+, 52  kuko batari barategereye insobanuro ya ya mikate, yamara imitima yabo bikaguma biyigora gutegera+. 53  Hanyuma bajabutse bakaja i musozi, binjira i Genesareti baraheza bakorora inanga bazirika imeri hafi yaho+. 54  Mugabo bakiva mu bwato, abantu baramumenya, 55  baca birukanga irya n’ino muri ako karere hanyuma batangura guterura abarwaye ku nderuzo babazana aho bumvise ari. 56  Kandi aho hose yaba yinjiye mu bigwati canke mu bisagara canke mu gihugu hagati+, barashira abarwaye mu tuguriro hanyuma bakamutakambira ngo bapfe gusa gukora+ ku buyonga+ bw’impuzu yiwe yo hejuru. Kandi ababukorako bose barakira+.

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “amahera y’umuringa.”
Canke, “amasandali.”
Raba Inyongera ya 21.
Twisunze uko ikiringo c’ijoro cagaburwa mu Bagiriki no mu Baroma, iterama rya kane ryatangura nk’isaha icenda z’ijoro gushika izuba riserutse.