Mariko 4:1-41

4  Hanyuma atangura kwongera kwigishiriza iruhande y’ikiyaga+. Buno isinzi rinini cane rikoranira iruhande yiwe, bituma yurira mu bwato yigira hirya, yicara ku kiyaga, mugabo isinzi ryose ryari iruhande y’ikiyaga ku nkengera+.  Nuko atangura kubigisha ibintu vyinshi mu bigereranyo+ no kubabwira mu nyigisho yiwe+ ati:  “Umvirize. Ehe umubivyi yarasohotse kubiba+.  Hanyuma ariko arabiba, imbuto zimwe zigwa iruhande y’inzira, inyoni ziraza zirazirya+.  Izindi na zo zigwa ahantu h’urubuyebuye, aho vyumvikana ko zitaronse ivu ryinshi, zica ziramera buno nyene kuko zitaronse ivu rishika kure+.  Mugabo izuba rirashe, zirababuka, maze kubera ukutagira imizi zica ziruma+.  Izindi na zo zigwa mu mahwa, hanyuma nya mahwa araduga, arazinyoha, maze ntizama na gato+.  Mugabo izindi zaguye mw’ivu ryiza+ hanyuma zirakura, ziragwira, zitangura kwama, zama incuro mirongo itatu, mirongo itandatu, n’ijana+.”  Nuko yongerako iri jambo ati: “Uwuri n’amatwi yo kwumviriza niyumvirize+.” 10  Buno igihe yari wenyene, abamukikije hamwe na bamwe cumi na babiri batangura kumubaza ibibazo ku vyerekeye nya bigereranyo+. 11  Na we ababwira ati: “Mwebwe mwarahawe kumenya ibanga ryeranda+ ry’ubwami bw’Imana, mugabo ku bo hanze ibintu vyose biza mu bigereranyo+, 12  kugira ngo naho baraba, barabe yamara ntibabone, kandi naho bumva, bumve yamara ntibategere insobanuro, canke ngo bigere bahindukira ngo bababarirwe+.” 13  Ababwira kandi ati: “Ko mutamenye ico kigereranyo, none muzotegera gute ibindi bigereranyo vyose? 14  “Umubivyi abiba ijambo+. 15  Ng’aba rero zimwe zagwa iruhande y’inzira aho ijambo ribibwe: bakimara kuryumva Shetani araza+ agatwara nya jambo ryabibwe muri bo+. 16  Muri ubwo buryo nyene, ng’aba izabibwe ahantu h’urubuyebuye: bakimara kwumva iryo jambo, bararyemera n’akanyamuneza+. 17  Yamara nta muzi bagira muri bo, ahubwo bamara igihe gito; maze amakuba canke uruhamo bigize ngo biravyuka kubera iryo jambo, baca batsitara+. 18  Hari n’izindi zabibwe mu mahwa; abo ni abumvise iryo jambo+, 19  mugabo amaganya+ y’ivy’iki gihe* be n’ububasha buhendana bw’ubutunzi+ be n’ukwipfuza+ ibindi bintu, bikabinjiramwo hanyuma bikanyoha iryo jambo, maze rigacika ikirumbirane+. 20  Ubwa nyuma, izabibwe mw’ivu ryiza ni abumviriza iryo jambo bakaryakira neza hanyuma bakama incuro mirongo itatu, mirongo itandatu, n’ijana+.” 21  Abandanya kubabwira ati: “Mbega itara rizanwa ngo rishirwe munsi y’igisimbo co gupimisha canke munsi y’igitanda? None ntirizanwa ngo rishirwe ku gitereko caryo+? 22  Kuko ata kintu na kimwe canyegejwe atari ukugira ngo gishirwe ku mugaragaro; nta kintu na kimwe cahishijwe bimwe vyitondewe atari ukugira ngo kije ahabona+. 23  Uwo wese ari n’amatwi yo kwumviriza, niyumvirize+.” 24  Yongera kubabwira ati: “Mwitwararike ivyo muriko murumva+. Ingero mugeresha, ni yo namwe bazobagererako+, egome, muzokwongerwa n’ibindi+. 25  Kuko uwufise azokwongerwa; mugabo uwudafise, n’ico afise azocakwa+.” 26  Nuko abandanya kuvuga ati: “Ni co gituma ubwami bw’Imana bumeze nk’igihe umuntu amija imbuto kw’ivu+, 27  hanyuma agasinzira mw’ijoro, ku murango akavyuka, za mbuto na zo zikamera hanyuma zigakura, mu buryo atazi+. 28  Buhorobuhoro ivu ubwaryo rirateba rikama: ubwa mbere hamera icatsi, hanyuma kikayangika, amaherezo ihundo rikazana intete zikuze. 29  Mugabo iyo vyeze, aratuma agakero agasarura, kuko iyimbura rigeze.” 30  Abandanya kuvuga ati: “Ubwami bw’Imana tubusanishe n’iki, canke tubugereranye n’iki+? 31  Busa n’agatete ka sinapi, akabibwe mw’ivu ari ko kabuto kanzwinya kuruta imbuto zose ziri kw’isi+ 32  mugabo kamaze kubibwa, karakura kakaruta ibindi biterwa vy’imboga vyose hanyuma kakazana amashami manini+, ku buryo inyoni zo mu kirere+ zishobora kwibera mu gitutu cako+.” 33  Akoresheje ibigereranyo vyinshi+ mwene ivyo rero yarababwira ijambo ry’Imana, nk’uko bari bashoboye kwumviriza. 34  Nkako, nta co yababwira adakoresheje ikigereranyo, mugabo mu mwiherero abigishwa biwe yarabasigurira ibintu vyose+. 35  Hanyuma kuri uwo musi, bumaze kugoroba, ababwira ati: “Tujabuke tuje ku yindi nkengera+.” 36  Nuko bamaze kurungika rya sinzi, bamutwara mu bwato, nk’uko yari, kandi hari n’ubundi bwato bwari kumwe na we+. 37  Buno haduka ikirura c’umuyaga gikaze, imipfunda na yo iguma yisuka mu bwato, ku buryo ubwato buhakwa kwuzura amazi+. 38  Mugabo we yari yibereye mw’itenzi* aryamye ku musego. Nuko baramukangura, bamubwira bati: “Mwigisha, nta co bikubwiye kuba tugira duhone+?” 39  Aca aravyuka akankamira nya muyaga, abwira ikiyaga ati: “Hora! Tekereza+!” Nya muyaga uca uraturura, haratekana cane+. 40  Araheza ababwira ati: “Kubera iki muri n’umutima uhuha? Mbega nta kwizera na gukeya muragira?” 41  Mugabo bagira ubwoba budasanzwe, babwirana bati: “None uyo ni nde, ko mbere n’umuyaga n’ikiyaga bimugamburukira+?”

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Itenzi ni igice c’inyuma c’ubwato.