Mariko 3:1-35
3 Yongera kwinjira mw’isinagogi, hakaba hari umugabo w’ukuboko kwumye+.
2 Bari bamureretse bitonze rero ngo barabe ko akiza nya mugabo kw’isabato, kugira ngo bamwagirize+.
3 Abwira nya mugabo yanyunyutse ukuboko ati: “Haguruka uze hagati.”
4 Hanyuma ababwira ati: “Vyoba vyemewe kw’isabato gukora igikorwa ciza canke gukora igikorwa kibi, gukiza umuntu canke kumwica+?” Mugabo baguma bacereje.
5 Amaze kweraguza abaraba ashavuye, atuntujwe cane n’ugukomantara kw’imitima yabo+, abwira nya mugabo ati: “Ramvura ukuboko kwawe.” Na we arakuramvura, ukuboko kwiwe guca kurakira+.
6 Abafarizayo baca barasohoka, buno nyene batangura kumugira inama bari kumwe n’abanywanyi b’umugambwe wa Herodi+ kugira bamwice+.
7 Mugabo Yezu hamwe n’abigishwa biwe bavayo baja ku kiyaga; abantu indiri n’indiri bavuye i Galilaya n’i Yudaya baramukurikira+.
8 Mbere n’abantu indiri n’indiri bavuye i Yeruzalemu no muri Idumeya no hakurya ya Yorodani be no mu micungararo ya Tiro+ na Sidoni, bumvise ibintu vyose ariko arakora, baza kuri we.
9 Abwira abigishwa biwe kwamana akato gatoya yikorako, kugira ngo isinzi ntirimugunde.
10 Kuko yakijije benshi, bigatuma abari barwaye indwara zibabaza cane bose bamurundanako kugira bamukoreko+.
11 Mbere n’impwemu zihumanye+, igihe cose zaba zimubonye, zarakubita inkoro hasi imbere yiwe zigasemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana+.”
12 Mugabo kenshi yarazihanikiriza ngo ntizimumenyekanishe+.
13 Buno aduga umusozi hanyuma ahamagara abo ashaka+, na bo baja aho ari+.
14 Nuko ashinga umugwi wa cumi na babiri, ari na bo kandi yise “intumwa,” kugira bagumane na we no kugira abatume kwamamaza+
15 no kugira ngo bagire ububasha bwo kwirukana amadayimoni+.
16 Nya mugwi yashinze wa cumi na babiri rero wari ugizwe na Simoni, ari we kandi yataziriye Petero+,
17 na Yakobo mwene Zebedayo na Yohani mwene wabo na Yakobo+ (abo ni bo kandi yataziriye Bowanerige, bikaba bisobanura ngo: Abana b’Umuturagaro),
18 na Andereya na Filipo na Barutelemi na Matayo na Toma na Yakobo mwene Alufayo na Tadeyo na Simoni Umunyakanani
19 na Yuda Isikariyoti, ari we yahavuye amugura+.
Hanyuma yinjira mu nzu.
20 Isinzi ryongera gukorana, ku buryo badashobora no gufungura+.
21 Mugabo incuti+ ziwe zivyumvise, zirasohoka zija kumufata, kuko zariko zivuga ngo: “Yasaze+.”
22 Vyongeye, abanditsi bari bamanutse bavuye i Yeruzalemu bariko bavuga bati: “Arimwo Beyezebuli, kandi yirukana amadayimoni biciye ku mutware w’amadayimoni+.”
23 Nuko, amaze kubahamagara ngo baze kuri we, atangura kubabwirira mu bigereranyo* ati: “Shetani ashobora gute kwirukana Shetani?
24 Nakare, nimba ubwami bwiciyemwo ibice bukirwanya, ubwo bwami ntibushobora kurama+;
25 kandi nimba inzu yiciyemwo ibice ikirwanya, iyo nzu ntizoshobora kurama+.
26 Vyongeye, nimba Shetani ahagurutse ngo yirwanye akicamwo ibice, ntashobora kurama, ahubwo ivyiwe biraheze+.
27 Nkako, nta muntu yinjiye mu nzu y’umuntu w’inguvu ashobora gusahura+ ibintu atunze, atabanje kumuboha, akabona rero gusahura inzu yiwe+.
28 Ni ukuri, ndababwiye yuko abana b’abantu bazobabarirwa ibintu vyose, naho boba bakora ibicumuro bimeze gute, bakarogota ibirogotano bimeze gute+.
29 Ariko uwo wese arogota ku mpwemu nyeranda ntazokwigera ababarirwa, ahubwo yagirwa n’igicumuro kidahera+.”
30 Ivyo yabivuze kubera ko bariko bavuga ngo: “Arimwo impwemu ihumanye+.”
31 Buno nyina na bene wabo+ baraza, hanyuma bahagaze hanze, bamutumako+.
32 Ico gihe isinzi ryari rigandagaje rimukikije, baraheza bamubwira bati: “Ehe nyoko wawe na bene wanyu aho hanze barakurondera+.”
33 Mugabo abishura ati: “Mbega mawe na bene wacu ni bande+?”
34 Yeraguza hirya no hino mu bari bicaye bamukikije, avuga ati: “Ng’aba mawe na bene wacu+!
35 Uwo wese akora ukugomba kw’Imana, ni we mwene wacu na mushikanje na mawe+.”
Utujambo tw'epfo
^ Canke, “imigani.”