Mariko 3:1-35

3  Yongera kwinjira mw’isinagogi, hakaba hari umugabo w’ukuboko kwumye+.  Bari bamureretse bitonze rero ngo barabe ko akiza nya mugabo kw’isabato, kugira ngo bamwagirize+.  Abwira nya mugabo yanyunyutse ukuboko ati: “Haguruka uze hagati.”  Hanyuma ababwira ati: “Vyoba vyemewe kw’isabato gukora igikorwa ciza canke gukora igikorwa kibi, gukiza umuntu canke kumwica+?” Mugabo baguma bacereje.  Amaze kweraguza abaraba ashavuye, atuntujwe cane n’ugukomantara kw’imitima yabo+, abwira nya mugabo ati: “Ramvura ukuboko kwawe.” Na we arakuramvura, ukuboko kwiwe guca kurakira+.  Abafarizayo baca barasohoka, buno nyene batangura kumugira inama bari kumwe n’abanywanyi b’umugambwe wa Herodi+ kugira bamwice+.  Mugabo Yezu hamwe n’abigishwa biwe bavayo baja ku kiyaga; abantu indiri n’indiri bavuye i Galilaya n’i Yudaya baramukurikira+.  Mbere n’abantu indiri n’indiri bavuye i Yeruzalemu no muri Idumeya no hakurya ya Yorodani be no mu micungararo ya Tiro+ na Sidoni, bumvise ibintu vyose ariko arakora, baza kuri we.  Abwira abigishwa biwe kwamana akato gatoya yikorako, kugira ngo isinzi ntirimugunde. 10  Kuko yakijije benshi, bigatuma abari barwaye indwara zibabaza cane bose bamurundanako kugira bamukoreko+. 11  Mbere n’impwemu zihumanye+, igihe cose zaba zimubonye, zarakubita inkoro hasi imbere yiwe zigasemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana+.” 12  Mugabo kenshi yarazihanikiriza ngo ntizimumenyekanishe+. 13  Buno aduga umusozi hanyuma ahamagara abo ashaka+, na bo baja aho ari+. 14  Nuko ashinga umugwi wa cumi na babiri, ari na bo kandi yise “intumwa,” kugira bagumane na we no kugira abatume kwamamaza+ 15  no kugira ngo bagire ububasha bwo kwirukana amadayimoni+. 16  Nya mugwi yashinze wa cumi na babiri rero wari ugizwe na Simoni, ari we kandi yataziriye Petero+, 17  na Yakobo mwene Zebedayo na Yohani mwene wabo na Yakobo+ (abo ni bo kandi yataziriye Bowanerige, bikaba bisobanura ngo: Abana b’Umuturagaro), 18  na Andereya na Filipo na Barutelemi na Matayo na Toma na Yakobo mwene Alufayo na Tadeyo na Simoni Umunyakanani 19  na Yuda Isikariyoti, ari we yahavuye amugura+. Hanyuma yinjira mu nzu. 20  Isinzi ryongera gukorana, ku buryo badashobora no gufungura+. 21  Mugabo incuti+ ziwe zivyumvise, zirasohoka zija kumufata, kuko zariko zivuga ngo: “Yasaze+.” 22  Vyongeye, abanditsi bari bamanutse bavuye i Yeruzalemu bariko bavuga bati: “Arimwo Beyezebuli, kandi yirukana amadayimoni biciye ku mutware w’amadayimoni+.” 23  Nuko, amaze kubahamagara ngo baze kuri we, atangura kubabwirira mu bigereranyo* ati: “Shetani ashobora gute kwirukana Shetani? 24  Nakare, nimba ubwami bwiciyemwo ibice bukirwanya, ubwo bwami ntibushobora kurama+; 25  kandi nimba inzu yiciyemwo ibice ikirwanya, iyo nzu ntizoshobora kurama+. 26  Vyongeye, nimba Shetani ahagurutse ngo yirwanye akicamwo ibice, ntashobora kurama, ahubwo ivyiwe biraheze+. 27  Nkako, nta muntu yinjiye mu nzu y’umuntu w’inguvu ashobora gusahura+ ibintu atunze, atabanje kumuboha, akabona rero gusahura inzu yiwe+. 28  Ni ukuri, ndababwiye yuko abana b’abantu bazobabarirwa ibintu vyose, naho boba bakora ibicumuro bimeze gute, bakarogota ibirogotano bimeze gute+. 29  Ariko uwo wese arogota ku mpwemu nyeranda ntazokwigera ababarirwa, ahubwo yagirwa n’igicumuro kidahera+.” 30  Ivyo yabivuze kubera ko bariko bavuga ngo: “Arimwo impwemu ihumanye+.” 31  Buno nyina na bene wabo+ baraza, hanyuma bahagaze hanze, bamutumako+. 32  Ico gihe isinzi ryari rigandagaje rimukikije, baraheza bamubwira bati: “Ehe nyoko wawe na bene wanyu aho hanze barakurondera+.” 33  Mugabo abishura ati: “Mbega mawe na bene wacu ni bande+?” 34  Yeraguza hirya no hino mu bari bicaye bamukikije, avuga ati: “Ng’aba mawe na bene wacu+! 35  Uwo wese akora ukugomba kw’Imana, ni we mwene wacu na mushikanje na mawe+.”

Utujambo tw'epfo

Canke, “imigani.”