Mariko 2:1-28
2 Ariko haciye imisi mikeyi yongera kwinjira i Kaperinawumu, maze bivugwa ko Yezu ari iwabo+.
2 Nuko abantu benshi bakoranira ng’aho, kugeza n’aho ata kibanza gisigara, habe no hambavu y’umuryango, hanyuma atangura kubabwira ijambo ry’Imana+.
3 Buno abantu baza bamuzaniye ikimuga kireruwe na bane+.
4 Mugabo kubera batashoboye kugishikana aho Yezu ari kubera isinzi, bakurako ibisakazo hejuru y’aho yari ari, hanyuma bamaze kuhatobora, bururutsa inderuzo nya kimuga cari kiryamyeko+.
5 Maze Yezu abonye ukwizera+ kwabo, abwira ico kimuga ati: “Kibondo, ibicumuro vyawe birababariwe+.”
6 Kandi hari bamwe mu banditsi bari bicaye ng’aho, biyumvira mu mitima yabo+ bati:
7 “Kubera iki uyu mugabo avuga gutyo? Ararogose. Ni nde ashoboye kubabarira ibicumuro atari umwe, ari we Mana+?”
8 Mugabo Yezu atahura buno nyene mu muzirikanyi wiwe yuko bariko biyumvira gutyo muri bo, ababwira ati: “Kubera iki muriko mwiyumvira ivyo bintu mu mitima yanyu+?
9 Icoroshe ni ikihe? Ni ukubwira ico kimuga ngo: ‘Ibicumuro vyawe birababariwe,’ canke kuvuga ngo: ‘Haguruka utore inderuzo yawe utambuke+’?
10 Mugabo kugira mumenye yuko Umwana w’umuntu+ afise ububasha bwo kubabarira ibicumuro kw’isi+,”... abwira nya kimuga ati:
11 “Ndabikubwiye: Haguruka, tora inderuzo yawe witahire+.”
12 Aca arahaguruka, buno nyene atora inderuzo yiwe, asohoka bose bamubona+, bose bagwa mu gahundwe, baninahaza Imana, bavuga bati: “Ntitwari bwigere tubona ikintu nk’ico+.”
13 Yongera gusohoka aja iruhande y’ikiyaga; isinzi ryose riguma riza kuri we, na we atangura kubigisha.
14 Mugabo ariko ararengana, abona Lewi+ mwene Alufayo yicaye ku biro vy’ikori, amubwira ati: “Nkurikira.” Na we arahaguruka aramukurikira+.
15 Mu nyuma, Yezu yari ku meza mu nzu y’uwo, kandi abatozakori+ n’abacumuzi benshi bari bicaranye na we be n’abigishwa biwe, kuko bari bahari ari benshi hanyuma batangura kumukurikira+.
16 Mugabo abanditsi b’Abafarizayo* babonye ko ariko asangira n’abacumuzi be n’abatozakori, batangura kubwira abigishwa biwe bati: “Mbega arasangira n’abatozakori be n’abacumuzi+?”
17 Yezu ngo avyumve, ababwira ati: “Abakomeye ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera. Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi+.”
18 Ico gihe abigishwa ba Yohani n’Abafarizayo barisonzesha. Nuko baraza, bamubwira bati: “Ni kubera iki abigishwa ba Yohani n’abigishwa b’Abafarizayo bisonzesha, mugabo abigishwa bawe ntibisonzeshe+?”
19 Yezu na we ababwira ati: “None igihe umukwe akiri kumwe n’abagenzi biwe, boshobora kwisonzesha+? Umwanya bakiri kumwe n’umukwe ntibashobora kwisonzesha+.
20 Mugabo hazoza imisi aho umukwe azokurwa muri bo; bazoheza rero bisonzeshe kuri uwo musi+.
21 Nta wushonera ikiremo c’impuzu nshasha* ku mpuzu yo hejuru ishaje; abigize, inkomezi zaco zose zirakwega nya mpuzu yo hejuru, igishasha kigakwega igishaje, ugutabuka kugaca kwunyuka+.
22 Vyongeye, nta muntu ashira umuvinyu mushasha mu mikuza y’inshato ishaje; abigize, nya muvinyu uraturitsa ya mikuza y’inshato, umuvinyu n’imikuza bigahomba vyose+. Mugabo umuvinyu mushasha bawushira mu mikuza y’inshato mishasha+.”
23 Ikindi gihe yariko aca mu mirima y’ingano kw’isabato, abigishwa biwe batangura kugenda bamyoza+ uduhundo tw’intete+.
24 Nuko Abafarizayo bamubwira bati: “Ehe raba! Ni kubera iki bariko bakora ibitemewe gukorwa kw’isabato+?”
25 Na we ababwira ati: “Mbega none ntimurigera musoma ico Dawidi+ yakoze igihe yabura ibifungurwa agasonza, we hamwe n’abantu bari kumwe na we+?
26 Ingene yinjiye mu nzu y’Imana, muri ya nkuru ya Abiyatari+ umukuru w’abaherezi, akarya imikate ishirwa imbere y’Imana*+, kikaba ari ikintu ata n’umwe yemerewe+ kurya kiretse abaherezi, hanyuma agahako n’abantu bari kumwe na we+?”
27 Abandanya rero kubabwira ati: “Isabato yabayeho ku bw’umuntu+, si umuntu yabayeho ku bw’isabato+;
28 ku bw’ivyo rero Umwana w’umuntu ni Umukama mbere w’isabato+.”
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Ni ukuvuga, “impuzu itaritunatuna.”
^ Raba Inyongera ya 21.