Mariko 16:1-20

16  Isabato+ imaze kurengana, Mariya Magadalena+ na Mariya nyina wa Yakobo, na Salome, bagura ibimota kugira ngo baze, bamusige+.  Hanyuma kare cane ku musi wa mbere+ w’iyinga baza ku mva, izuba rimaze guseruka+.  Kandi bariko barabwirana bati: “Ni nde aza kudutembagariza rya buye ngo rive ku muryango w’imva?”  Mugabo bararamuye amaso, babona rya buye ryatembagajwe, naho ryari rinini cane+.  Binjiye muri ya mva, babona umusore yicaye ku ruhande rw’iburyo yambaye ikanzu yera, barajumararirwa+.  Ababwira ati: “Ntaco mujumararirwa. Muriko murondera Yezu Umunyanazareti, umwe yamanikwa+. Yazuwe+, nta wuri ng’aha. Raba aho bari bamushize+!  Mugabo nimugende, mubwire abigishwa biwe na Petero muti: ‘Arabitangira imbere kuja i Galilaya+; ni ho muzomubonera, nk’uko yabibabwiye+.’”  Basohotse baca barahunga bava kuri ya mva, kuko bari bishwe n’uguhinda agashitsi, umutima ukaba wari wabavuyemwo. Kandi nta we babwiye ikintu na kimwe, kuko bari bagize ubwoba+. INSOZERO NGUFI Ivyandiko vy’iminwe bimwebimwe be n’impinduro zimwezimwe vyo mu nyuma birimwo insozero ngufi inyuma ya Mariko 16:8, ari yo y’iyi: Mugabo ibintu vyose vyari vyarategetswe bavyiganira muri make abari bakikuje Petero. Bitayeko, inyuma y’ivyo Yezu ubwiwe abicishije kuri bo, arungika kuva mu buseruko gushika mu burengero, itangazwa ryeranda kandi ritabora ry’ubukiriro bw’ibihe bidahera. INSOZERO NDENDE Ivyandiko vy’iminwe bimwebimwe vya kera (Codex Alexandrinus, Codex Ephraemi, Codex Bezae) be n’impinduro zimwezimwe za kera (Latin Vulgate, Curetonian Syriac, Syriac Peshitta) vyongerako insozero ndende ikurikira, mugabo itaboneka muri Codex Sinaiticus, Codex Vaticanus, Sinaitic Syriac codex no muri Armenian Version:  Amaze kuzuka kare ku musi ugira gatatu w’iyinga abanza kubonekera Mariya Magadalena, uwo yari yarirukanyemwo amadayimoni indwi. 10  Uwo mugore aragenda, avyiganira abahoranye na Yezu, kuko bari bagandaye bongera barira. 11  Mugabo bo, aho bumviye ko yari yabaye muzima be n’uko yari yabonywe n’uwo mugore, ntibavyemera. 12  Vyongeye, inyuma y’ivyo abonekera babiri muri bo ameze ukundi bari ku nzira, bariko baja mu gihugu hagati; 13  nuko baragaruka bavyiganira abandi. N’ivyo abo bavuze ntibavyemera. 14  Mugabo mu nyuma abonekera bamwe cumi n’umwe ubwabo igihe bari ku meza, aranebagura ukutizera kwabo n’ugukomantara kw’imitima yabo, kuko batemeye ivyavuzwe n’abari bamubonye yazuwe mu bapfuye. 15  Araheza ababwira ati: “Nimugende mw’isi yose mwamamaze inkuru nziza ku vyaremwe vyose. 16  Uwemera kandi akabatizwa azokizwa, mugabo uwutemera azotsindwa n’urubanza. 17  Ikigeretseko, ng’ibi ibimenyetso bizoherekeza abemera: Bakoresheje izina ryanje bazokwirukana amadayimoni, bazovuga mu ndimi, 18  kandi bazotoza inzoka iminwe yabo, kandi banyoye ikintu ico ari co cose cica nta co kizogenda kibagize. Bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire.” 19  Nuko rero, Umukama Yezu ahejeje kuvugana na bo, aduganwa mw’ijuru hanyuma yicara iburyo bw’Imana. 20  Na bo baragenda, bamamaza hose, kandi Umukama yakorana na bo akongera agashigikira ubutumwa biciye ku bimenyetso bibuherekeza.

Utujambo tw'epfo