Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Mariko 15:1-47

15  Hanyuma buno nyene mu mutwenzi abakuru b’abaherezi hamwe n’abagabo b’inararibonye n’abanditsi, eka Inama Nkuru yose, bagira inama+, baraheza baboha Yezu hanyuma baramujana bamuhereza Pilato+.  Nuko Pilato amubaza iki kibazo ati: “Wewe uri umwami+ w’Abayuda?” Amwishura ati: “Wewe ubwawe urabivuze+.”  Mugabo abakuru b’abaherezi batangura kumwagiriza ibintu vyinshi+.  Pilato yongera kumubaza ati: “Nta co wishura+? Raba ibirego bariko barakurega ingene bingana+.”  Mugabo Yezu ntihagira ikindi yishura, ku buryo Pilato bimutangaza+.  Kandi igihe cose habaye umusi mukuru yahora abarekurira imbohe imwe basavye+.  Ico gihe hari uwitwa Baraba yari mu mvuto ari kumwe n’abagumutsi, mu bugumutsi bwabo bakaba bari bakoze ubwicanyi+.  Nuko isinzi riraza ritangura gusaba rifatiye ku co yahora abakorera.  Pilato arabishura, ati: “Mushaka ndabarekurire umwami w’Abayuda+?” 10  Kuko yari azi ko agashari+ ari ko kari katumye abakuru b’abaherezi bamutanga+. 11  Mugabo abakuru b’abaherezi bagumura iryo sinzi ngo ahubwo rimusabe arirekurire Baraba+. 12  Pilato yongera kubishura ati: “None umwe mwita umwami+ w’Abayuda we ndamugire nte+?” 13  Bongera gusemerera bati: “Mumanike+!” 14  Mugabo Pilato abandanya kubabwira ati: “Mbega yemwe, none ikibi yakoze ni igiki?” Na ho nyene barushiriza gusemerera bati: “Mumanike+!” 15  Pilato, kugira ngo ashirire iryo sinzi aho rishaka+, abarekurira Baraba, hanyuma amaze gukubitisha Yezu, aramutanga ngo amanikwe+. 16  Buno abasoda bamutwara mu rugo, ari ho ku kirimba ca buramatari; hanyuma bakoranya umugwi wose w’abasirikare+, 17  baraheza bamwambika icambarwa gisa n’umuyugubwe bongera bajisha urugori rw’amahwa barumushirako+. 18  Batangura kuza baramuramutsa bati: “Ndabugize+, Mwami w’Abayuda!” 19  Vyongeye, baza baramuhondesha irenga mu mutwe bongera bamucirako, bakaza baramwunamira bapfukamye+. 20  Amaherezo, bamaze kumushinyaguriza, bamukura ca cambarwa gisa n’umuyugubwe, bamushirako impuzu ziwe zo hejuru. Baraheza baramusohokana bamutwara kumumanika+. 21  Vyongeye, bategeka uwuhita, akaba yari umuntu yitwa Simoni w’i Sireni yari aje ava mu gihugu hagati, se wa Alegizandere na Rufo, ngo yikorere igiti co kubabarizwako ciwe+. 22  Nuko bamuzana ahantu hitwa Gologota, bikaba bisobanura ngo: Ahantu h’Agahanga+. 23  Hano bagerageza kumuha umuvinyu uvanze n’ikiyayuramutwe citwa imira*+, mugabo ntiyawunywa+. 24  Hanyuma baramumanika, baraheza bagabura impuzu ziwe zo hejuru+ mu kuzipfindirako ubupfindo kugira bamenye ico umuntu wese atwara+. 25  Kw’isaha igira gatatu+, baramumanika. 26  Ivyandiko vy’ikirego+ aregwa vyandikwa hejuru yiwe ngo: “Umwami w’Abayuda+.” 27  Vyongeye, bamanika abambuzi babiri hamwe na we, umwe iburyo bwiwe, uwundi ibubamfu bwiwe+. 28*  —— 29  Kandi abahaca baza baramutuka+, bazunza umutwe bongera bavuga ngo: “Ee! Wewe ugira ngo wosenyura urusengero ukarwubaka mu misi itatu+, 30  niwikize mu kumanuka ukava ku giti co kubabarizwako+.” 31  N’abakuru b’abaherezi hamwe n’abanditsi baramushinyaguriza nk’ukwo nyene, bavuga ngo: “Abandi yarabakijije; we ntashobora kwikiza+! 32  Kristu Umwami wa Isirayeli namanuke ubu ave kuri ico giti co kubabarizwako, tubibone duheze twemere+.” Eka n’abari bamanikanywe na we bariko baramutuka+. 33  Hageze kw’isaha igira gatandatu, umwiza utwikira igihugu cose gushika kw’isaha y’icenda+. 34  Hanyuma kw’isaha y’icenda, Yezu arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Eli, Eli, lama sabakitani?”, bikaba bisobanura ngo: “Mana yanje, Mana yanje, kubera iki umpevye+?” 35  Bamwe mu bari bahagaze iruhande na bo ngo bavyumve, batangura kuvuga bati: “Ehe ariko arahamagara Eliya+.” 36  Mugabo umuntu umwe arirukanga, ajobeka ikinyuko mu muvinyu ukarishe, agishira kw’irenga, maze aramuha ngo anywe+, avuga ati: “Mureke! Reka turabe ko Eliya aza kumumanura+.” 37  Mugabo Yezu araboroga n’ijwi rirenga, aca aracikana+. 38  Maze irido+ ry’aheranda ritantamukamwo kubiri, kuva hejuru gushika hasi+. 39  Buno intwazangabo yari ihagaze ng’aho imuraba, ibonye acikanye atyo, ivuga iti: “Ni ivy’ukuri, uyu muntu yari Umwana w’Imana+.” 40  Hari kandi abagore bariko babirabira nka hariya+, muri bo hakaba harimwo Mariya Magadalena hamwe na Mariya nyina wa Yakobo Umutoyi akaba na nyina wa Yoze, be na Salome+, 41  bahora bamuherekeza+ kandi bakamukorera udukorwa igihe yari i Galilaya, be n’abandi bagore benshi bari bazananye na we i Yeruzalemu+. 42  Kubera ko bwari bumaze kugoroba, hakaba kandi hari ku Mwiteguro, ni ukuvuga ku musi bwaca ari isabato, 43  haza Yozefu w’i Arimateya, umuntu w’umwubahwa wo mu Nama Nkuru, na we nyene akaba yari arindiriye ubwami bw’Imana+. Ararinduka aja kwa Pilato asaba ikiziga+ ca Yezu. 44  Mugabo Pilato atangazwa n’ingene yoba yari yamaze gupfa, ni kwo guhamagaza ya ntwazangabo, ayibaza nimba yari yamaze gupfa. 45  Amaze kubibaririkiza kuri nya ntwazangabo, aha Yozefu nya kiziga+. 46  Na we aca agura impuzu y’ilino nziza, aramumanura, amuzingira muri nya mpuzu hanyuma amushira+ mu mva+ yari yimbwe mu gitandara; araheza atembagariza ibuye ku muryango w’iyo mva+. 47  Mugabo Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yoze baguma baraba aho yari yaryamitswe+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Raba Mr 7:16, akajambo k’epfo.