Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Mariko 12:1-44

12  Vyongeye, atangura kubabwirira mu bigereranyo ati: “Umuntu umwe yateye umurima w’imizabibu+, awukikuza uruzitiro, hanyuma yimba ikinogo c’uruganiro rw’umuvinyu, yubaka n’umunara+, hanyuma awukotesha ku barimyi+, araheza afata urugendo aja mu mahanga+.  Igihe kigeze, atuma umushumba kuri nya barimyi, ngo bamuhe ku vyamwa vya nya murima w’imizabibu+.  Mugabo baramufata, baramuhuragura hanyuma bamurungika imbokoboko+.  Yongera atuma uwundi mushumba kuri bo; uwo na we baramukubita ku mutwe bongera baramutetereza+.  Hanyuma atuma uwundi, uwo na we barica; n’abandi benshi, bamwe muri bo barabahuragura, abandi na bo barabica.  Yari afise wundi umwe, umwana w’umukundwa+. Amurungika kuri bo ari we wa nyuma, avuga ati: ‘Bazokwubaha umwana wanje+.’  Mugabo abo barimyi bavugana hagati yabo bati: ‘Uyu ni we samuragwa+. Ingo tumwice, maze intoranwa izoca iba rwacu+.’  Nuko baramufata baramwica+, bamuterera inyuma ya wa murima w’imizabibu+.  None nyen’umurima azokora iki? Azoza yice ba barimyi, nya murima+ na wo awuhe abandi+. 10  Mbega ntimwigeze musoma iki canditswe ngo: ‘Ibuye+ abubatsi bataye, iryo ni ryo ribaye ibuye nyamukuru rigumya imfuruka+. 11  Ivyo vyavuye kuri Yehova, kandi ni agatangaza mu maso yacu+’?” 12  Baca batangura kurondera ingene bomufata, mugabo batinya isinzi, kuko bamenye yuko atanze ico kigereranyo ari bo yiyumvira. Nuko baramureka baragenda+. 13  Ubukurikira batuma kuri we bamwe mu Bafarizayo no mu banywanyi b’umugambwe wa Herodi+, ngo bamufatire mu majambo avuga+. 14  Bano bashitse, bamubwira bati: “Mwigisha, turazi ko uri imvugakuri be n’uko ata n’umwe agukanga, kuko utaraba uko abantu baboneka inyuma, mugabo ko wigisha inzira y’Imana uhuje n’ukuri+: Vyoba vyemewe kuriha Sezari ikori ry’umutwe canke ntivyemewe? 15  Turihe, canke ntiturihe+?” Amenya ubwiyorobetsi bwabo, ababwira ati: “Kubera iki mungeza? Nzanira idenariyo ndayirabe+.” 16  Bazana imwe. Na we ababwira ati: “Iyi shusho n’ibi vyandiko ni ivya nde?” Bamubwira bati: “Ni ivya Sezari+.” 17  Yezu aca ababwira ati: “Nimwishure Sezari ivya Sezari+, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana+.” Baramutangarira+. 18  Maze Abasadukayo* baza kuri we, bamwe bavuga ko ata zuka ririho, bamubaza iki kibazo+ bati: 19  “Mwigisha, Musa yatwandikiye yuko mwene wabo n’umuntu niyapfa agasiga umugore ariko ntasige umwana, ko mwene wabo+ akwiye kwabira nya mugore, agahagurukiriza uruvyaro mwene wabo kuri nya mugore+. 20  Hari abavukana indwi; uwa mbere yabira umugore, ariko nya mugabo apfa ata ruvyaro asize+. 21  Uwa kabiri aramucura, mugabo apfa adasize uruvyaro; n’uwugira gatatu bigenda gutyo nyene. 22  Abo indwi rero nta ruvyaro basize. Hanyuma ya bose nya mugore na we arapfa+. 23  Mw’izuka, azoba umugore wa nde muri abo? Kuko abo uko ari indwi baramwabiriye+.” 24  Yezu ababwira ati: “None si co gituma mwahuvye, kuba mutazi Ivyanditswe canke ububasha bw’Imana+? 25  Kuko igihe bazuka mu bapfuye, abagabo ntibarongora canke abagore ngo bashingirwe, mugabo baba bameze nk’abamarayika bo mw’ijuru+. 26  Nayo ku vyerekeye abapfuye, yuko bazurwa, ntimwasomye mu gitabu ca Musa, muri ya nkuru y’igisaka c’amahwa, ingene Imana yamubwiye iti: ‘Ndi Imana ya Aburahamu n’Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+’? 27  Ni Imana, atari iy’abapfuye, ahubwo y’abazima. Mwarahuvye cane+.” 28  Maze umwe mu banditsi yari yaje akabumva baharira, amenya yuko abishuye neza, amubaza ati: “Ibwirizwa rya mbere muri yose ni irihe+?” 29  Yezu yishura ati: “Irya mbere ni iri: ‘Umve, ewe Isirayeli, Yehova Imana yacu ni Yehova umwe+, 30  kandi utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose+.’ 31  Irigira kabiri ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+.’ Nta rindi bwirizwa ririho riruta ayo.” 32  Nya mwanditsi amubwira ati: “Mwigisha, uvuze neza mu buryo buhuye n’ukuri, ‘Ni Umwe, kandi nta wundi ariho atari We+’; 33  kandi ico c’uko umuntu amukunda n’umutima wiwe wose n’ubwenge bwiwe bwose n’inkomezi ziwe zose be n’ukwo gukunda mugenziwe nk’uko yikunda, biri n’agaciro rwose kuruta amashikanwa yose aturiwe uko yakabaye be n’ibimazi vyose+.” 34  Yezu amenya ko yishuranye ubwenge, amubwira ati: “Nturi kure y’ubwami bw’Imana.” Mugabo ntihagira n’umwe yongera kwubahuka kumubaza ikibazo+. 35  Ariko kuri ivyo, Yezu atangura kuvuga ariko yigisha mu rusengero, ati: “Bishoboka bite ngo abanditsi bavuge yuko Kristu ari mwene Dawidi+? 36  Biciye ku mpwemu nyeranda+, Dawidi ubwiwe yavuze ati: ‘Yehova yabwiye Umukama wanje ati: “Icara iburyo bwanje gushika nshize abansi bawe munsi y’ibirenge vyawe+.”’ 37  Dawidi ubwiwe amwita ‘Umukama,’ mugabo none bishoboka bite ngo abe umwana wiwe+?” Kandi nya sinzi rinini ryariko riramwumviriza riryohewe+. 38  Mu nyigisho yiwe abandanya kuvuga ati: “Mwiyubare abanditsi+ bashaka kugendagenda bari mu makanzu, bagashaka n’indamutso mu tuguriro 39  n’ivyicaro vy’imbere mu masinagogi, n’ibibanza biboneka kuruta ibindi ku mfungurwa zo ku migoroba+. 40  Ni bo barotsa inzu+ z’abapfakazi, hanyuma bagatura amasengesho maremare bwa citwazo; abo bazocirwa urubanza ruremereye kuruta+.” 41  Hanyuma yicara aho abona udusandugu two mw’ishikaniro+, atangura kwihweza ingene nya sinzi ritiburira amahera muri nya dusandugu; kandi abatunzi benshi bariko batererayo ibiceri vyinshi+. 42  Buno haza umupfakazi w’umworo atiburirayo uduceri tubiri dufise agaciro gatoyi cane+. 43  Nuko ahamagara abigishwa biwe, ababwira ati: “Ni ukuri, ndababwiye yuko uyu mupfakazi w’umworo yatiburiyeyo vyinshi gusumvya abo bose bariko batiburira amahera mu dusandugu two mw’ishikaniro+; 44  kuko bose batiburiyeyo ibivuye ku musesekara wabo, mugabo we, ku bukene bwiwe, yatiburiyeyo ivyo yari afise vyose, ivyari bimubeshejeho vyose+.”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.