Mariko 11:1-33
11 Igihe bariko begereza i Yeruzalemu, i Betifage n’i Betaniya+ ku musozi w’Imyelayo, arungika babiri mu bigishwa biwe+,
2 ababwira ati: “Nimugende muri kiriya kigwati mubona, hanyuma mukicinjiramwo murahasanga umwana w’indogobwa uziritse, ata muntu n’umwe aricarako; muwuziture, muwuzane+.
3 Kandi nihagira uwubabwira ati: ‘Kubera iki mugira ivyo?’, muvuge muti: ‘Umukama arawukeneye, kandi aca awugarukana ng’aha+.’”
4 Nuko baragenda basanga wa mwana w’indogobwa uziritse imbere y’umuryango, hanze ku kabarabara, baraheza barawuzitura+.
5 Mugabo bamwe mu bari bahagaze ng’aho, batangura kubabwira bati: “Ni ibiki ko muzitura uwo mwana w’indogobwa+?”
6 Bababwira nk’uko Yezu yari yavuze; baca barabareka baragenda+.
7 Nuko bazanira Yezu nya mwana w’indogobwa+, hanyuma bashira impuzu zabo zo hejuru kuri wo, na we awicarako+.
8 Vyongeye, benshi basasa mu nzira impuzu zabo zo hejuru+, mugabo abandi baca amashami+ mu matongo+.
9 Kandi abagendera imbere n’abakurikira baguma basemerera bati: “Kiza, turatakamvye+! Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova+!
10 Burahezagiwe ubwami bwa data Dawidi+ buriko buraza! Kiza, turatakamvye, wewe uri iyo hejuru mu majuru!”
11 Nuko yinjira i Yeruzalemu, mu rusengero; hanyuma areraguza araba ibintu vyose, maze kubera ko amasaha yari amaze kugera kure, arasohoka aja i Betaniya ari kumwe na bamwe cumi na babiri+.
12 Bukeye, igihe bari bamaze kuva i Betaniya, arasonza+.
13 Ari nka hariya, abona igiti c’umusukoni cari gifise amababi, araheza aja kuraba ko kumbure yogisangako ikintu. Mugabo agishikiriye, ntiyagira ico ahasanga atari amababi, kuko kitari ikiringo c’insukoni+.
14 Aca rero akibwira ati: “Ntihabe hakigira uwongera kurya insukoni zo kuri wewe, ibihe vyose+.” Abigishwa biwe na bo bariko barumviriza.
15 Hanyuma baza i Yeruzalemu. Hano yinjira mu rusengero, atangura guhindira hanze abari mu vyo kugurishiriza no kugurira mu rusengero, yongera ahenagura imeza z’abakaba amahera be n’intebe z’abariko bagurisha inuma+;
16 kandi ntiyareka ngo hagire n’umwe aca mu rusengero atwaye igikoresho co mu nzu,
17 mugabo akaguma yigisha avuga ati: “Ntivyanditswe none ngo: ‘Inzu yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo+ ku mahanga yose+’? Mugabo mwebwe mwayigize isenga ry’abambuzi+.”
18 Maze abakuru b’abaherezi n’abanditsi baravyumva, baca batangura kurondera ingene bomwica+; kuko bamutinya kubera ko isinzi ryose ryaguma rijorezwa n’inyigisho yiwe+.
19 Kandi iyo buhwibiriye, barasohoka bakava mu gisagara.
20 Mugabo igihe bariko bararengana mu gatondo ka kare, babona ca giti c’umusukoni camaze kwuma guhera mu mizi+.
21 Nuko Petero aravyibuka, amubwira ati: “Rabi, raba! Ca giti c’umusukoni wavuma cumye+.”
22 Yezu abishura ati: “Mwizere Imana.
23 Ni ukuri, ndababwiye yuko uwo wese azobwira uyu musozi ati: ‘Shinguka utererwe mu kiyaga,’ kandi akaba adakekeranya mu mutima wiwe, mugabo akizera yuko ivyo avuze biba, bizomugendera kuno+.
24 Ni co gituma ndababwiye nti: Ibintu vyose musaba mu gusenga, mwizere ko ari nk’aho mumaze kubihabwa, kandi muzobironka+.
25 Kandi igihe muhagaze musenga, mubabarire+ umuntu wese ikintu cose mupfa na we; kugira ngo So ari mw’ijuru na we abababarire amakosa yanyu+.”
26 * ——
27 Bongera kuza i Yeruzalemu. Igihe yariko aragendagenda mu rusengero, abakuru b’abaherezi n’abanditsi be n’abagabo b’inararibonye baza kuri we+,
28 batangura kumubwira bati: “Ni ububasha ki butuma ukora ivyo bintu? canke ni nde yaguhaye ubwo bubasha bwo kubikora+?”
29 Yezu ababwira ati: “Ndababaza ikibazo kimwe. Munyishure, nanje ndaheza ndababwire ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo+.
30 Ibatisimu+ ya Yohani yava mw’ijuru canke ku bantu? Nimunyishure+.”
31 Nuko batangura kwiyumvira hagati yabo bati: “Nitwavuga ngo ‘Mw’ijuru,’ aca avuga ati: ‘Kubera iki none mutamwemeye+?’
32 Mugabo none, duhirahire tuvuge ngo ‘Ku bantu’?”... Batinya isinzi, kuko abo bose bemera yuko Yohani yari umuhanuzi vy’ukuri+.
33 Nuko bishura Yezu bati: “Nta vyo tuzi.” Yezu na we ababwira ati: “Nanje sindababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo+.”