Mariko 11:1-33

11  Igihe bariko begereza i Yeruzalemu, i Betifage n’i Betaniya+ ku musozi w’Imyelayo, arungika babiri mu bigishwa biwe+,  ababwira ati: “Nimugende muri kiriya kigwati mubona, hanyuma mukicinjiramwo murahasanga umwana w’indogobwa uziritse, ata muntu n’umwe aricarako; muwuziture, muwuzane+.  Kandi nihagira uwubabwira ati: ‘Kubera iki mugira ivyo?’, muvuge muti: ‘Umukama arawukeneye, kandi aca awugarukana ng’aha+.’”  Nuko baragenda basanga wa mwana w’indogobwa uziritse imbere y’umuryango, hanze ku kabarabara, baraheza barawuzitura+.  Mugabo bamwe mu bari bahagaze ng’aho, batangura kubabwira bati: “Ni ibiki ko muzitura uwo mwana w’indogobwa+?”  Bababwira nk’uko Yezu yari yavuze; baca barabareka baragenda+.  Nuko bazanira Yezu nya mwana w’indogobwa+, hanyuma bashira impuzu zabo zo hejuru kuri wo, na we awicarako+.  Vyongeye, benshi basasa mu nzira impuzu zabo zo hejuru+, mugabo abandi baca amashami+ mu matongo+.  Kandi abagendera imbere n’abakurikira baguma basemerera bati: “Kiza, turatakamvye+! Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova+! 10  Burahezagiwe ubwami bwa data Dawidi+ buriko buraza! Kiza, turatakamvye, wewe uri iyo hejuru mu majuru!” 11  Nuko yinjira i Yeruzalemu, mu rusengero; hanyuma areraguza araba ibintu vyose, maze kubera ko amasaha yari amaze kugera kure, arasohoka aja i Betaniya ari kumwe na bamwe cumi na babiri+. 12  Bukeye, igihe bari bamaze kuva i Betaniya, arasonza+. 13  Ari nka hariya, abona igiti c’umusukoni cari gifise amababi, araheza aja kuraba ko kumbure yogisangako ikintu. Mugabo agishikiriye, ntiyagira ico ahasanga atari amababi, kuko kitari ikiringo c’insukoni+. 14  Aca rero akibwira ati: “Ntihabe hakigira uwongera kurya insukoni zo kuri wewe, ibihe vyose+.” Abigishwa biwe na bo bariko barumviriza. 15  Hanyuma baza i Yeruzalemu. Hano yinjira mu rusengero, atangura guhindira hanze abari mu vyo kugurishiriza no kugurira mu rusengero, yongera ahenagura imeza z’abakaba amahera be n’intebe z’abariko bagurisha inuma+; 16  kandi ntiyareka ngo hagire n’umwe aca mu rusengero atwaye igikoresho co mu nzu, 17  mugabo akaguma yigisha avuga ati: “Ntivyanditswe none ngo: ‘Inzu yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo+ ku mahanga yose+’? Mugabo mwebwe mwayigize isenga ry’abambuzi+.” 18  Maze abakuru b’abaherezi n’abanditsi baravyumva, baca batangura kurondera ingene bomwica+; kuko bamutinya kubera ko isinzi ryose ryaguma rijorezwa n’inyigisho yiwe+. 19  Kandi iyo buhwibiriye, barasohoka bakava mu gisagara. 20  Mugabo igihe bariko bararengana mu gatondo ka kare, babona ca giti c’umusukoni camaze kwuma guhera mu mizi+. 21  Nuko Petero aravyibuka, amubwira ati: “Rabi, raba! Ca giti c’umusukoni wavuma cumye+.” 22  Yezu abishura ati: “Mwizere Imana. 23  Ni ukuri, ndababwiye yuko uwo wese azobwira uyu musozi ati: ‘Shinguka utererwe mu kiyaga,’ kandi akaba adakekeranya mu mutima wiwe, mugabo akizera yuko ivyo avuze biba, bizomugendera kuno+. 24  Ni co gituma ndababwiye nti: Ibintu vyose musaba mu gusenga, mwizere ko ari nk’aho mumaze kubihabwa, kandi muzobironka+. 25  Kandi igihe muhagaze musenga, mubabarire+ umuntu wese ikintu cose mupfa na we; kugira ngo So ari mw’ijuru na we abababarire amakosa yanyu+.” 26 * —— 27  Bongera kuza i Yeruzalemu. Igihe yariko aragendagenda mu rusengero, abakuru b’abaherezi n’abanditsi be n’abagabo b’inararibonye baza kuri we+, 28  batangura kumubwira bati: “Ni ububasha ki butuma ukora ivyo bintu? canke ni nde yaguhaye ubwo bubasha bwo kubikora+?” 29  Yezu ababwira ati: “Ndababaza ikibazo kimwe. Munyishure, nanje ndaheza ndababwire ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo+. 30  Ibatisimu+ ya Yohani yava mw’ijuru canke ku bantu? Nimunyishure+.” 31  Nuko batangura kwiyumvira hagati yabo bati: “Nitwavuga ngo ‘Mw’ijuru,’ aca avuga ati: ‘Kubera iki none mutamwemeye+?’ 32  Mugabo none, duhirahire tuvuge ngo ‘Ku bantu’?”... Batinya isinzi, kuko abo bose bemera yuko Yohani yari umuhanuzi vy’ukuri+. 33  Nuko bishura Yezu bati: “Nta vyo tuzi.” Yezu na we ababwira ati: “Nanje sindababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo+.”

Utujambo tw'epfo

Raba Mr 7:16, akajambo k’epfo.