Mariko 10:1-52

10  Arahaguruka ava ng’aho, aza ku mipaka ya Yudaya no hakurya ya Yorodani, buno amasinzi yongera gukoranira kuri we, hanyuma nk’uko yari amenyereye kubigenza, yongera kubigisha+.  Abafarizayo baregera, hanyuma kugira bamugeze, batangura kumubaza nimba vyemewe ko umugabo yirukana umugore+.  Abishura ati: “Musa yabategetse iki?”  Bavuga bati: “Musa yarekuye ko umuntu yandika icete co gusezerera umugore agaheza akamwirukana+.”  Mugabo Yezu ababwira ati: “Yabandikiye iryo bwirizwa kubera ugukomantara kw’imitima yanyu+.  Ariko kuva mu ntango y’irema, ‘Yabagize umugabo n’umugore+.  Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina,  kandi abo babiri bazoba umubiri umwe+’; ku buryo bataba bakiri babiri, ahubwo baba ari umubiri umwe.  Ku bw’ivyo rero, ico Imana yaboheye ku ngǒgo* imwe umuntu ntakagitanye+.” 10  Bongeye kuba bari mu nzu+, abigishwa batangura kumubaza ibibazo kuri ico kintu. 11  Na we ababwira ati: “Uwo wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba arenze ibigo+ ku vyerekeye nya mugore, 12  kandi umugore ataye umugabo wiwe, aramutse arongowe n’uwundi, aba arenze ibigo+.” 13  Buno abantu batangura kumuzanira abana batoyi ngo abakoreko; mugabo abigishwa barabakankamira+. 14  Yezu abibonye biramushavuza, ababwira ati: “Nimureke abana batoyi baze kuri jewe; ntimugerageze kubabuza, kuko ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo+. 15  Ni ukuri ndabibabwiye: Uwo wese atakira ubwami bw’Imana nk’umwana mutoyi ntazogenda abwinjiyemwo+.” 16  Araheza afata nya bana mu maboko yiwe atangura kubahezagira, abarambitseko ibiganza+. 17  Hanyuma igihe yariko arasohoka ngo afate inzira, umuntu umwe aza arirukanga akubita ibipfukamiro imbere yiwe, amubaza ati: “Mwigisha mwiza, ni igiki ntegerezwa gukora ngo nze ntorane ubuzima budahera+?” 18  Yezu amubwira ati: “Unyitira iki mwiza+? Nta n’umwe ari mwiza, atari umwe, na we ni Imana+. 19  Urazi amabwirizwa: ‘Ntiwice+, Nturenge ibigo+, Ntiwibe+, Ntushinge intahe y’ikinyoma+, Ntugunge+, Tera iteka so na nyoko+.’” 20  Nya muntu amubwira ati: “Mwigisha, ivyo vyose narabigumije kuva mu buto bwanje.” 21  Yezu aramwitegereza yumva aramukunze, aca amubwira ati: “Ubuze ikintu kimwe: Genda, ugurishe ivyo ufise vyose, uhe aboro, ni ho uzogira itunga mw’ijuru, maze uze unkurikire+.” 22  Mugabo arijirwa yumvise iryo jambo, aca agenda intuntu ari yose, kuko yari atunze ibintu vyinshi+. 23  Yezu amaze kweraguza, abwira abigishwa biwe ati: “Ese ukuntu kizoba ikigoye ku bari n’amahera+ kwinjira mu bwami bw’Imana+!” 24  Mugabo abigishwa batangazwa cane+ n’amajambo yiwe. Nuko Yezu aca ababwira kandi ati: “Bibondo, ese ukuntu ari ikigoye kwinjira mu bwami bw’Imana! 25  Biroroshe ku ngamiya guca mu zuru ry’urushinge kuruta kwinjira mu bwami bw’Imana ku mutunzi+.” 26  Noneho barushiriza kujorerwa, bamubwira bati: “None koko ni nde ashobora gukizwa+?” 27  Yezu abaraba mu maso, avuga ati: “Ku bantu ntibishoboka, mugabo ku Mana si ukwo, kuko vyose bishoboka ku Mana+.” 28  Petero atangura kumubwira ati: “Ehe twebwe twarasize vyose turagukurikira+.” 29  Yezu avuga ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Nta n’umwe yasize inzu canke bene wabo canke bashikiwe canke nyina canke se canke abana canke amatongo ku bwanje no ku bw’inkuru nziza+ 30  atazoronka incuro ijana+ ubu muri iki kiringo, amazu na bene wabo na bashikiwe na ba nyina n’abana n’amatongo, hariko n’uruhamo+, mu gihe* kizoza na ho ubuzima budahera. 31  Ariko benshi ba mbere bazoba aba nyuma, aba nyuma na bo babe aba mbere+.” 32  Bari mu nzira baduga i Yeruzalemu, Yezu akaba yariko agendera imbere yabo, barumirwa; mugabo abariko barakurikira batangura gutinya. Yongera kwikebukanya bamwe cumi na babiri, atangura kubabwira ibi bintu vyabwirizwa kumushikira+, ati: 33  “Raba tuduze i Yeruzalemu, kandi Umwana w’umuntu azogaburwa mu maboko y’abakuru b’abaherezi n’abanditsi, kandi bazomucira urwo gupfa, bamugabure mu maboko y’abanyamahanga+, 34  bamushinyagurize, bamucireko, bamushishagure hanyuma bamwice, mugabo haciye imisi itatu azozuka+.” 35  Nuko Yakobo na Yohani, ba bahungu babiri ba Zebedayo+, baramwegera bamubwira bati: “Mwigisha, dushaka ko utugirira ico tugusaba cose+.” 36  Ababwira ati: “Mushaka ko ndabagirira iki?” 37  Bamubwira bati: “Duhe kuzokwicara, umwe iburyo bwawe uwundi ibubamfu bwawe, mu buninahazwa bwawe+.” 38  Mugabo Yezu ababwira ati: “Ntimuzi ico muriko murasaba. Mbega murashobora kunywa igikombe ndiko ndanywa, canke kubatizwa ibatisimu ndiko ndabatizwa+?” 39  Bamubwira bati: “Turabishobora.” Yezu aca ababwira ati: “Igikombe ndiko ndanywa muzokinywa, n’ibatisimu ndiko ndabatizwa muzoyibatizwa+. 40  Ariko ukwo kwicara iburyo bwanje canke ibubamfu bwanje si ivyanje ngo ndabitange+, ahubwo ni ivy’ababiteguriwe.” 41  Nuko, aho bamwe cumi bandi bavyumviye, batangura gushavurira Yakobo na Yohani+. 42  Mugabo Yezu amaze kubahamagara ngo baze kuri we, ababwira ati: “Murazi yuko ababoneka ko baganza amahanga bayakandamiza, be n’uko abakomakomeye bayo bayereka ko bayafiseko ububasha+. 43  Ukwo si ko bimeze muri mwebwe; mugabo uwo wese ashaka gucika mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+, 44  kandi uwo wese ashaka kuba uwa mbere muri mwebwe ategerezwa kuba umushumba wa bose+. 45  Kuko mbere n’Umwana w’umuntu yaje, atari kugira akorerwe+, ariko kugira akorere abandi, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu*+ ya benshi+.” 46  Hanyuma baza i Yeriko. Mugabo igihe we n’abigishwa biwe be n’isinzi ritari rito bariko barava i Yeriko, Barutimayo (mwene Timayo), umusezi w’impumyi, yari yicaye iruhande y’inzira+. 47  Aho yumviye ko ari Yezu Umunyanazareti, atangura gusemerera avuga ati: “Yezu Mwana wa Dawidi+, ngirira imbabazi+!” 48  Benshi baca batangura kumubwira bamukarira ngo acereze; mugabo aguma arushiriza gusemerera ati: “Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi+!” 49  Nuko Yezu arahagarara, avuga ati: “Nimumuhamagare.” Na bo bahamagara nya mpumyi, bayibwira bati: “Nureme, uhaguruke, araguhamagaye+.” 50  Ita impuzu yayo yo hejuru, irabaduka, ija kwa Yezu. 51  Yezu amwishura ati: “Ushaka ndakugirire iki+?” Nya mpumyi imubwira iti: “Rabuni*, nimpumuke+.” 52  Yezu na we amubwira ati: “Genda, ukwizera kwawe kuragukijije+.” Buno nyene arahumuka+, aca atangura kumukurikira mu nzira+.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.