Mariko 1:1-45

1  Intango y’inkuru nziza yerekeye Yezu Kristu:  Nk’uko vyanditswe muri Yesaya umuhanuzi ngo: “(Ehe ntumye intumwa yanje imbere yawe, ari yo izotegura inzira yawe+);  umve! hari umuntu ariko arasemerera mu gahinga, ati: ‘Nimutegure inzira ya Yehova, mugorore amayira yiwe+,’”  Yohani umubatizi yaraserutse mu gahinga yamamaza ibatisimu y’ukwigaya ku bwo kubabarirwa ibicumuro+.  Nuko akarere kose k’i Yudaya hamwe n’ababa i Yeruzalemu bose baza kuri we, babatizwa na we mu ruzi Yorodani, bakatura ibicumuro vyabo icese+.  Yohani rero yambara ubwoya bw’ingamiya, agakenyeza umukanda w’urushato mu mafyinga+, kandi yarya inzige+ n’ubuki bwo mw’ishamba+.  Yamamaza avuga ati: “Inyuma yanje hariko haraza umuntu akomeye kundusha; ntibimbereye kwunama ngo mpfundurure imigozi y’inkweto* ziwe+.  Jewe nababatirishije amazi, mugabo we azobabatirisha impwemu nyeranda+.”  Muri iyo misi, Yezu aza avuye i Nazareti h’i Galilaya, abatizwa na Yohani muri Yorodani+. 10  Buno nyene aduze avuye mu mazi abona ijuru ryuguruka, n’impwemu imanuka kuri we imeze nk’inuma+; 11  maze ijwi riva mw’ijuru riti: “Uri Umwana wanje, umukundwa; naragushimye+.” 12  Buno nyene impwemu imugobera kuja mu gahinga+. 13  Nuko aguma mu gahinga imisi mirongo ine+, ageragezwa na Shetani+, kandi yari kumwe n’ibikoko, mugabo abamarayika bariko baramukorera+. 14  Yohani amaze gufatwa, Yezu aja i Galilaya+, yamamaza inkuru nziza y’Imana+, 15  avuga ati: “Igihe cashinzwe carangutse+, kandi ubwami bw’Imana buregereje. Nimwigaye+, kandi mwizere inkuru nziza.” 16  Ariko aragendagenda ku nkengera y’ikiyaga ca Galilaya, abona Simoni+ be na Andereya mwene wabo na Simoni bariko baterera insenga zabo mu kiyaga, kuko bari abarovyi+. 17  Nuko Yezu ababwira ati: “Nimunkurikire, nanje nzobagira abarovyi b’abantu+.” 18  Baca baheba insenga zabo, baramukurikira+. 19  Yigiye imbere gatoya, abona Yakobo mwene Zebedayo na Yohani mwene wabo, mu gihe nyene bari mu bwato bariko basana insenga zabo+; 20  bidatevye arabahamagara. Na bo basiga se Zebedayo mu bwato ari kumwe n’abacangero, baramukurikira. 21  Hanyuma baja i Kaperinawumu+. Hakigera kw’isabato, yinjira mw’isinagogi, atangura kwigisha. 22  Abantu bajorezwa n’uburyo yigisha+, kuko yabigisha nk’uwufise ububasha, atari nka ba banditsi+. 23  Vyongeye, muri uwo mwanya nyene mw’isinagogi hari umuntu yiziziwe n’impwemu ihumanye, arasemerera+, 24  ati: “Duhuriye ku ki nawe, ga Yezu Umunyanazareti+? Uje kuduhonya? Ndazi+ neza uwo uri we, uri wa Mweranda+ w’Imana+.” 25  Mugabo Yezu arayikankamira, ati: “Cereza, kandi muvemwo+!” 26  Nya mpwemu ihumanye imaze kumuhotagura no kwanaga n’ijwi ryayo ryose, iramuvamwo+. 27  Emwe, abantu bose barajongoroka, kugeza aho batangura kubazanya hagati yabo, bati: “Ibi ni ibiki ga yemwe? Ni inyigisho nshasha! Mbere n’impwemu zihumanye arazitegekana ububasha zikamugamburukira+.” 28  Nuko inkuru yiwe ikwiragira buno nyene mu mihingo yose, mu ntara yose hirya no hino i Galilaya+. 29  Buno nyene barasohoka mw’isinagogi baja mu nzu kwa Simoni+ na Andereya bari kumwe na Yakobo be na Yohani. 30  Kandi inabukwe wa Simoni+ yari aryamye arwaye inyonko+, baca bamubwira ivy’uwo mugore. 31  Nuko aja aho ari, aramuhagurutsa amufashe ukuboko; ya nyonko na yo ica iramuvako+, atangura kubakorera+. 32  Bumaze kugoroba, izuba rimaze kurenga, abantu batangura kumuzanira abarwaye bose+ n’abiziziwe n’amadayimoni*+; 33  maze igisagara cose gikoranira neza na neza imbere y’umuryango. 34  Nuko akiza abantu benshi bari barwaye indwara zitari zimwe+, arirukana n’amadayimoni menshi, mugabo ntiyayareka ngo avuge, kuko ano yari amuzi ko ari Kristu+. 35  Mu gatondo ka kare, hakiri mu kajoro, aravyuka aja hanze, hanyuma aja mu gahinga+, maze ari ng’aho atangura gusenga+. 36  Ariko Simoni n’abari kumwe na we baramuhiga hasi hejuru, 37  baramutora, bamubwira bati: “Bose bariko barakurondera.” 38  Mugabo ababwira ati: “Tugende ahandi, mu tugari two mu micungararo, kugira ngo na ho nyene namamazeyo+, kuko ico ari co canzanye+.” 39  Kandi yaragiye, aramamaza mu masinagogi yabo i Galilaya hose yongera yirukana amadayimoni+. 40  Haza kandi umunyamibembe kuri we, aramwinginga yahevye arapfukama, avuga ati: “Ubishatse gusa, urashobora kumpumanura+.” 41  Bimutera ikigongwe+, aramvura ukuboko amukorako, amubwira ati: “Ndabishaka. Humanuka+.” 42  Buno nyene ya mibembe ica iramuvako, arahumanuka+. 43  Vyongeye, aramwihanikiriza, aca aramurungika, 44  amubwira ati: “Urabe ntihagire umuntu n’umwe ugira ico ubwiye, mugabo genda wiyereke umuherezi+ maze ku bw’uguhumanurwa kwawe ushikane ibintu Musa yategetse+, kugira bibabere intahe+.” 45  Mugabo nya muntu amaze kugenda atangura kubitangaza cane no gukwiragiza hose iyo nkuru, ku buryo Yezu atari agishoboye kwinjira mu gisagara ku mugaragaro, mugabo aguma hanze mu gahinga. Yamara abantu baguma baza kuri we bavuye mu mihingo yose+.

Utujambo tw'epfo

Canke, “amasandali.”
Raba Inyongera ya 21.