Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Malaki 4:1-6

4  “Kuko ehe wa musi uriko uraza, umusi waka nk’itanure+, kandi abita imbere bose be n’abakora ivy’ububisha bose bazotegerezwa gucika nk’ibishakara+. Kandi uwo musi uriko uraza uzobarigata koko,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “ntihagire n’umuzi canke agashami ubasigariza+.  Kandi mwebwe abatinya izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira koko+, riri n’ugukiza mu mababa yaryo+; namwe muzosohoka vy’ukuri mwikina amatavu nk’inyana zadoheshejwe+.”  “Kandi muzohonyangira hasi ababisha, kuko bazocika nk’intumo munsi y’ubworo bw’ibirenge vyanyu ku musi nzogira ico nkoze+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.  “Nimwibuke rya tegeko rya Musa umusavyi wanje, iryo namutegekeye i Horebu ku vyerekeye Isirayeli yose, ni zo ngingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane*+.  “Ehe ntumye kuri mwebwe Eliya umuhanuzi+ imbere y’ukuza kwa wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova+.  Azogarukana umutima wa ba se ku bana, n’umutima w’abana kuri ba se; kugira ngo simpave nza ngakubita isi vy’ukuri nkayitikiza+.”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.