Malaki 2:1-17

2  “Ubu rero iri bwirizwa ni mwebwe rihawe, mwa baherezi+.  Nimutumviriza+, kandi nimutashira ku mutima+ ivyo guha ubuninahazwa izina ryanje+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “nanje sinzobura kubarungikako umuvumo+, mvume imihezagiro yanyu+. Egome, mbere umuhezagiro narawuvumye, kuko mutabishira ku mutima.”  “Raba! Kubera mwebwe, ngira mpambarire imbuto yabibwe+, kandi mu maso hanyu nzohasanzaza amayezi, amayezi y’imisi mikuru yanyu; kandi vy’ukuri hazogira uwuyabajanako.  Kandi muzobwirizwa kumenya yuko nabarungikiye iri bwirizwa+, kugira ngo isezerano+ nagiranye na Lewi ribandanye+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.  “Isezerano ryanje ryari kumwe na we, isezerano ry’ubuzima n’amahoro+, kandi nagumye ndabimuha, biri kumwe n’ugutinya. Kandi yagumye antinya+; egome, yaracika ivutu kubera izina ryanje+.  Itegeko ry’ukuri ryari mu kanwa kiwe+, kandi nta bitagororotse vyaboneka ku minwa yiwe. Yagendanye nanje mu mahoro no mu kugororoka+, kandi yaragaruye benshi barava mw’ikosa+.  Kuko iminwa y’umuherezi ari yo ikwiye kugumya ubumenyi, itegeko rikaba ari ryo abantu bakwiye kuronderera mu kanwa kiwe+; kuko ari we ntumwa ya Yehova nyen’ingabo+.  “Ariko mwebwe, mwarakebeje muta inzira+. Mwatumye benshi batsitara mu bijanye n’itegeko+. Mwarononye isezerano rya Lewi+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.  “Emwe, nanje rero nzotuma muba abo gusuzugurwa, mube abo hasi, ku bantu bose+, nk’uko namwe mutagumije inzira zanje, mugabo mukagira nkunzi mu bijanye n’itegeko+.” 10  “Mbega twese ntidufise data umwe+? Mbega Imana yaturemye si imwe+? None ni kubera iki duhemukiranira+, mu guhumanya isezerano rya ba sogokuruza+? 11  Yuda yarahemutse, kandi muri Isirayeli be n’i Yeruzalemu hakozwe ikintu giteye ishishi+; kuko Yuda yahumanije ubweranda bwa Yehova+, ubwo iyo Mana yakunda, kandi yatwaye umukobwa w’imana y’inyamahanga ngo amubere umugeni+. 12  Yehova azorandura mu mahema ya Yakobo uwo wese abikora+, uwuri maso be n’uwishura, be n’uwushikiriza Yehova nyen’ingabo ishikanwa+.” 13  “Iki ni co kigira kabiri mukora, kandi ico bivamwo ng’iki: igicaniro ca Yehova kiradengerezwa amosozi, amarira be n’iminiho, ku buryo ata shikanwa ryongera kurabwa ryiza canke ngo hagire ikintu na kimwe kivuye mu kuboko kwanyu gishimwa+. 14  Namwe mwavuze muti: ‘Kubera iki+?’ Ni kubera iyi mvo: Yehova ubwiwe yarashinze intahe hagati yawe n’umugore wo mu buto bwawe+, uwo wahemukiye, naho ari we mugenzi wawe akaba n’umugore w’isezerano ryawe+. 15  Kandi hariho uwutabikoze, kuko yari afise impwemu yari isigaye. Kandi uwo yarondera iki? Uruvyaro rw’Imana+. Namwe mutegerezwa kwirinda ku bijanye n’agatima mufise*+, kandi ntihagire n’umwe ahemukira umugore wo mu buto bwiwe+. 16  Kuko yanse ukwahukana+,” ni ko Yehova ya Mana ya Isirayeli avuze, “akanka n’uwujuje impuzu yiwe ubukazi+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. “Mutegerezwa kwirinda ku bijanye n’agatima mufise, kandi mutegerezwa kudahemuka+. 17  “Mwaruhije Yehova n’amajambo yanyu+, hanyuma muvuga ngo: ‘Ni gute twamuruhije?’ Ni mu kuba muvuga ngo: ‘Umuntu wese akora ikibi ni mwiza mu maso ya Yehova, kandi mwene abo baramuhimbara+’; canke ngo: ‘Ya Mana y’ubutungane iri hehe+?’”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “impwemu yanyu.”