Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Luka 9:1-62

9  Maze akoranya bamwe cumi na babiri, hanyuma abaha ubushobozi n’ububasha ku madayimoni, no kugira ngo bakize indwara+.  Nuko abatuma kwamamaza ubwami bw’Imana no gukiza,  maze ababwira ati: “Ntimugire ikintu na kimwe mwitwaza ku bw’urugendo, yaba inkoni canke umupfuko w’ibifungurwa, canke umukate canke amafeza; canke ngo mugire impuzu zibiri zo munsi+.  Mugabo aho hose mwinjiye mu nzu, muhagume hanyuma muhave+.  Kandi aho hose abantu batabakiriye, muvuye muri ico gisagara+ mukunkumure umukungugu ku birenge vyanyu kugira ngo bibe intahe ibagiriza+.”  Maze bafata inzira baca muri ako karere bava mu kigwati baja mu kindi, bamenyesha inkuru nziza bongera bakiza indwara ahantu hose+.  Buno Herodi umutware w’intara yumva ibintu vyose biriko biraba, arazazanirwa cane kubera bamwe bariko bavuga yuko Yohani yari yazuwe mu bapfuye+,  mugabo abandi bakavuga ko Eliya yari yabonetse, mugabo abandi na bo bakavuga ko umwe mu bahanuzi ba kera yari yazutse.  Herodi avuga ati: “Yohani naramuciye umutwe+. None uwo numvako ibintu mwene ivyo ni nde?” Nuko arondera+ kumubona. 10  Hanyuma intumwa zigarutse zimwiganira ibintu vyose zakoze+. Aca arazijana, arazihereranya+ mu gisagara citwa Betsayida. 11  Mugabo amasinzi abimenye, aramukurikira. Hanyuma ayakirana ubugwaneza aca atangura kuyabwira ivyerekeye ubwami bw’Imana+, yongera akiza abari bakeneye gukizwa+. 12  Maze umusi utangura kwira. Bamwe cumi na babiri buno baraza, bamubwira bati: “Rungika iryo sinzi kugira ngo rigende mu bigwati no mu gihugu hagati mu micungararo ryironse uburaro rironke n’ibifungurwa, kuko ng’aha turi mu gahinga+.” 13  Mugabo ababwira ati: “Be ari mwebwe mubaha ico barya+.” Bavuga bati: “Nta kindi dufise atari imikate itanu n’ifi zibiri+, kiretse kumbure twebwe ubwacu tugiye tukagurira ivyo kurya aba bantu bose+.” 14  Kukaba nkako, bari abagabo nk’ibihumbi bitanu+. Mugabo abwira abigishwa biwe ati: “Nimubicarike nko mu gihe co gufungura, mu migwi y’abantu nka mirongo itanitanu+.” 15  Babigira kuno, barabicarika bose. 16  Maze atora ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, arabihezagira hanyuma arabimanyagura, aca atangura kubiha abigishwa ngo babishire imbere ya nya sinzi+. 17  Nuko bose bararya barahaga, hanyuma ibisagutse baravyegeranya, haboneka ibisimbo cumi na bibiri vy’utumanyu+. 18  Mu nyuma, igihe yariko arasenga ari wenyene, abigishwa bakoranira kuri we, hanyuma arababaza, ati: “Amasinzi avuga ko ndi nde+?” 19  Bishura bati: “Bamwe ngo uri Yohani Umubatizi; mugabo abandi ngo uri Eliya, abandi na bo bakavuga yuko umwe mu bahanuzi ba kera yazutse+.” 20  Maze ababwira ati: “Mweho none muvuga ko ndi nde?” Petero yishura+ ati: “Uri Kristu+ w’Imana.” 21  Maze abategeka abihanikiriza kutagira n’umwe babibwira+, 22  mugabo avuga ati: “Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi no kwiyamirizwa n’abagabo b’inararibonye n’abakuru b’abaherezi be n’abanditsi, hanyuma akicwa+, maze ku musi ugira gatatu akazurwa+.” 23  Maze abandanya kubwira bose ati: “Nimba umuntu ashaka kunkurikira, niyiyanke+ atore igiti co kubabarizwako ciwe imisi yose, hanyuma agume ankurikira+. 24  Kuko uwushaka gukiza ubuzima bwiwe azobubura; mugabo uwuheba ubuzima bwiwe kubera jewe azobukiza+. 25  Mu vy’ukuri, umuntu vyomumarira iki yungutse isi yose, mugabo agahomba ubuzima bwiwe canke akamererwa nabi+? 26  Kuko uwo wese aterwa isoni nanje be n’amajambo yanje, Umwana w’umuntu azoterwa isoni n’uyo muntu niyashika mu buninahazwa bwiwe n’ubwa Se n’ubw’abamarayika beranda+. 27  Mugabo ndababwiye ukuri: Hariho bamwe mu bahagaze ng’aha batazohonja urupfu na gato batabanje kubona ubwami bw’Imana+.” 28  Nkako, imisi nk’umunani inyuma y’ayo majambo, ahitana Petero na Yohani na Yakobo hanyuma aduga ku musozi gusenga+. 29  Igihe yariko arasenga, mu maso hiwe+ hahinduka ukundi, ivyambarwa vyiwe na vyo birererana bica ibibatsi+. 30  Vyongeye, ehe abagabo babiri bariko barayaga na we, bakaba bari Musa na Eliya+. 31  Abo, baboneka bari n’ubuninahazwa hanyuma batangura kuganira ivyerekeye ukugenda kwiwe yabwirizwa gushitsa i Yeruzalemu+. 32  Buno Petero n’abari kumwe na we bari baremerewe n’itiro; mugabo aho bamariye kwikangura koko, babona ubuninahazwa bwiwe+ na ba bagabo babiri bahagararanye na we. 33  Nuko igihe bano bariko baratandukana na we, Petero abwira Yezu ati: “Mwigisha, ni vyiza kuba turi ng’aha; reka rero dushinge amahema atatu, rimwe ryawe, irindi rya Musa, irindi rya Eliya,” mugabo adatahura ivyo yariko aravuga+. 34  Mugabo ariko aravuga ivyo bintu, igicu kirirema hanyuma gitangura kubatwikiriza igitutu. Binjiye muri ico gicu, bagira ubwoba+. 35  Hanyuma ijwi+ riva muri nya gicu, rivuga riti: “Uyu ni Umwana wanje, uwatowe+. Nimumwumvirize+.” 36  Hanyuma iryo jwi ryumvikanye, Yezu aboneka ari wenyene+. Mugabo baguma banumye kandi ntibagira umuntu n’umwe biganira muri iyo misi ikintu na kimwe mu vyo babonye+. 37  Ku musi ukurikira, bamanutse bavuye kuri nya musozi, isinzi rinini riza kumusanganira+. 38  Maze umugabo umwe arasemerera ari muri nya sinzi, ati: “Mwigisha, ndakwinginze undabire umuhungu wanje, kuko ndamufise ari ikinege+, 39  kandi ehe, impwemu+ iramufata, buno nyene agakoma akaruru, hanyuma ikamuhotagura akabimba ifuro, kandi imuvamwo bigoranye imaze kumutera inguma. 40  Nanje ninginze abigishwa bawe ngo bayirukane, mugabo ntibabishoboye+.” 41  Yezu yishura ati: “Ewe wa yaruka ritagira ukwizera kandi rigoramanze+, nzogumana namwe kugeza ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Zana umuhungu wawe ng’aha+.” 42  Mugabo n’igihe nyene yariko aregera, nya dayimoni imukubita hasi iramuhotagura bimwe bikaze. Ariko Yezu akankamira nya mpwemu ihumanye hanyuma akiza wa muhungu, maze amushikiriza se wiwe+. 43  Erega, bose bajorezwa n’ububasha bw’agakomeye+ bw’Imana. Buno igihe bose bariko baratangarira ibintu vyose yariko arakora, abwira abigishwa biwe ati: 44  “Mushire aya majambo mu matwi yanyu, kuko Umwana w’umuntu abwirizwa gutangwa mu maboko y’abantu+.” 45  Mugabo baguma badategera iryo jambo. Nkako, bararihishijwe ngo ntibaritahure, na bo baratinya kumubaza ivy’iryo jambo+. 46  Maze ivyiyumviro bibinjiramwo ku bijanye n’uwobaye mukuru muri bo+. 47  Yezu amenya ivyiyumviro biri mu mitima yabo, afata umwana mutoyi, amushira iruhande yiwe+, 48  hanyuma ababwira ati: “Uwo wese yakiriye uyu mwana mutoyi mw’izina ryanje, na jewe aba anyakiriye, kandi uwo wese anyakiriye aba yakiriye n’uwantumye+. Kuko uwigenza nk’umuto+ muri mwebwe mwese ari we mukuru+.” 49  Yohani aca asubizayo ati: “Mwigisha, twabonye umuntu yariko yirukana amadayimoni+ akoresheje izina ryawe, natwe tugerageza kumubuza+, kubera atari kumwe natwe+.” 50  Mugabo Yezu amubwira ati: “Ntimugerageze kumubuza, kuko uwutabarwanya abashigikiye+.” 51  Imisi iri mu gukwira ngo aduganwe+, yerekeza amaso yiwe i Yeruzalemu yiyemeje kujayo. 52  Nuko atuma intumwa ngo zimwitangire imbere. Na zo ziragenda zinjira mu gisagara c’Abasamariya+, kumugirira imyiteguro; 53  mugabo ntibamwakira, kubera ko amaso yiwe yari yerekeje i Yeruzalemu ngo ajeyo+. 54  Abigishwa Yakobo na Yohani+ ngo babibone, bavuga bati: “Mukama, ushaka tubwire umuriro+ umanuke uvuye mw’ijuru ubarigate?” 55  Mugabo arahindukira arabahambarira. 56  Nuko baja mu kindi kigwati. 57  Buno bari mu nzira bagenda, umuntu umwe amubwira ati: “Nzogukurikira iyo uzoja hose+.” 58  Yezu na we amubwira ati: “Imbwebwe zirafise imyobo n’inyoni zo mu kirere zikagira ubwikingo, mugabo Umwana w’umuntu we ntagira aho arambika umutwe+.” 59  Maze abwira uwundi ati: “Nkurikira.” Nya muntu avuga ati: “Ndeka mbanze ngende mpambe dawe+.” 60  Mugabo amubwira ati: “Reka abapfu+ bahambe abapfu babo, mugabo wewe genda umenyekanishe hose ubwami bw’Imana+.” 61  Hanyuma uwundi na we avuga ati: “Ndagukurikira, Mukama; mugabo banza undeke nsezere+ abo mu rugo rwanje.” 62  Yezu amubwira ati: “Nta muntu ashize ukuboko kw’isuka irimishwa n’ibitungwa+ araba ibiri inyuma+, abereye ubwami bw’Imana.”

Amakuru yiyongereye