Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Luka 8:1-56

8  Haciye igihe gitoyi, agendagenda ava mu gisagara aja mu kindi, ava mu kigwati aja mu kindi, yamamaza yongera amenyesha inkuru nziza y’ubwami bw’Imana+. Kandi bamwe cumi na babiri bari kumwe na we,  n’abagore bamwe+ bari barakijijwe impwemu mbi be n’indwara: Mariya bita Magadalena, uwo amadayimoni indwi yari yaravuyemwo+,  na Yohana+ muka Kuza uwari ajejwe ivyo kwa Herodi, na Suzana be n’abandi bagore benshi babakorera bakoresheje ibintu batunze.  Igihe isinzi rinini ryari ryakoraniye hamwe n’abamukurikira bavuye mu bisagara, avuga akoresheje ikigereranyo+ ati:  “Umubivyi yarasohotse kubiba imbuto ziwe. Ariko arabiba, zimwe muri zo zigwa iruhande y’inzira maze barazihonyanga, inyoni zo mu kirere na zo zirazirya+.  Izindi zigwa ku gitandara, hanyuma zimaze kumera, ziruma kubera zitagira akabombera+.  Izindi zigwa mu mahwa, hanyuma nya mahwa vyakuranye arazinyoha+.  Izindi zigwa mw’ivu ryiza, hanyuma zimaze kumera zirama incuro ijana+.” Ariko aravuga ivyo bintu, arasemerera ati: “Uwuri n’amatwi yo kwumviriza, niyumvirize+.”  Mugabo abigishwa biwe batangura kumubaza ico ico kigereranyo coba gisobanura+. 10  Avuga ati: “Mwebwe mwarahawe gutegera amabanga meranda y’ubwami bw’Imana, mugabo ku bandi ni mu bigereranyo+, kugira ngo naho baraba, barabire ubusa, kandi naho bumva, ntibatahure insobanuro+. 11  Ehe rero insobanuro y’ico kigereranyo+: Imbuto ni ijambo ry’Imana+. 12  Iz’iruhande y’inzira ni abumvise+, maze Shetani*+ akaza, agakura ijambo mu mitima yabo kugira ngo ntibemere ngo bakizwe+. 13  Izo ku gitandara ni bamwe iyo bumvise iryo jambo baryakirana akanyamuneza, mugabo abo nta muzi bagira; bemera mu gihe gitoyi, mugabo mu gihe c’ukugeragezwa bakagwa+. 14  Nayo izaguye mu mahwa, abo ni abumvise, mugabo, kubera ugutwarwa n’amaganya n’ubutunzi n’ibinezereza+ vy’ubu buzima, bakanyohwa buhere ntihagire ico bashikana ku gutungana+. 15  Nayo izo mw’ivu ryiza, abo ni bamwe iyo bamaze kwumva iryo jambo n’umutima mwiza kandi umeze neza+ baheza bakarigumya, bakama ivyamwa bihanganye+. 16  “Nta n’umwe iyo amaze kudomeka itara aryubikako ikintu canke ngo arishire munsi y’igitanda, ahubwo arishira ku gitereko caryo, kugira abinjira babone umuco+. 17  Kuko ata kintu na kimwe canyegejwe+ kitazokwibonekeza, canke ikintu na kimwe cahishijwe bimwe vyitondewe kitazokwigera kimenyekana, ngo nticigere kija ahabona+. 18  Nuko rero, mwitwararike ukuntu mwumviriza; kuko uwo wese afise azokwongerwa+, mugabo uwo wese adafise, n’ico yiyumvira ko afise azocakwa+.” 19  Buno nyina wiwe na bene wabo+ baza bamugana, mugabo ntibashobora kumushikira kubera isinzi+. 20  Ariko bamumenyesha bati: “Nyoko wawe na bene wanyu bahagaze hanze bashaka kukubona+.” 21  Abishura ati: “Mawe na bene wacu ni aba bumva ijambo ry’Imana bakarishira mu ngiro+.” 22  Kuri umwe muri iyo misi, we hamwe n’abigishwa biwe burira ubwato, hanyuma ababwira ati: “Tujabuke tuje ku yindi nkengera y’ikiyaga.” Nuko barasoza+. 23  Mugabo bariko baragenda arasinzira. Buno ikirura c’umuyaga gikaze cisuka ku kiyaga, ubwato barimwo butangura kwuzura amazi, baja mu kaga+. 24  Amaherezo baja aho ari baramukangura, bavuga bati: “Mwigisha, Mwigisha, tugira duhone+!” Arikangura, akankamira+ nya muyaga na nya gusuriranya kw’amazi, bica birahwama, haratekana. 25  Maze ababwira ati: “Ukwizera kwanyu kuri hehe?” Mugabo batekerwa n’ubwoba, baratangara, babwirana bati: “None uyu ni nde, ko ategeka n’imiyaga be n’amazi, bikamugamburukira+?” 26  Hanyuma bashika ku nkengera y’ikiyaga mu gihugu c’Abageraseni giherereye ku ruhande rurabana na Galilaya+. 27  Mugabo yururutse i musozi, umugabo umwe avuye mu gisagara yarimwo amadayimoni aza kumusanganira. Kandi yari amaze igihe kitari gito ata mpuzu yambara, ntabe i muhira, ariko akaba hagati mu mva+. 28  Abonye Yezu, avuza induru, yikubita imbere yiwe, hanyuma n’ijwi rirenga avuga ati: “Mpuriye ku ki nawe+, ga Yezu Mwana wa ya Mana Musumbavyose? Ndakwinginze, ntumbabaze+.” 29  (Kuko yari yategetse nya mpwemu ihumanye kuva muri uwo muntu. Kuko yari imaze igihe kirekire imugumije+, kandi kenshi akaboheshwa iminyororo ku maguru no ku maboko bamurinze, mugabo akavutagura nya mvuto hanyuma akajanwa na nya dayimoni mu gahinga.) 30  Yezu amubaza ati: “Witwa nde?” Na we avuga ati: “Legiyoni,” kubera ko amadayimoni menshi yari yaramwinjiyemwo+. 31  Kandi yaguma amwinginga+ ngo ntayategeke kuja mu nyenga+. 32  Ico gihe ubusho bw’ingurube+ nyinshi bwariko burarisha ku musozi; nuko amwinginga ngo ayemerere kwinjira muri zo+. Na we arayemerera. 33  Maze nya madayimoni ava muri wa muntu yinjira muri za ngurube, nya busho na bwo buca bushunguruka imanga bwitera mu kiyaga, burasoma nturi+. 34  Mugabo aho abungere baboneye ibibaye, barahunga, bavyigana mu gisagara no mu gihugu hagati+. 35  Maze abantu baja kuraba ivyari vyabaye, hanyuma baza kuri Yezu basanga wa mugabo amadayimoni yavamwo ari ng’aho, yambaye, aroranye mu muzirikanyi, yicaye imbere y’ibirenge vya Yezu; baca batekerwa n’ubwoba+. 36  Abari babibonye babiganira ingene nya mugabo yari yiziziwe n’amadayimoni yakijijwe+. 37  Nuko abantu indiri bose bavuye mu gihugu kihakikuje c’Abageraseni bamusaba kubaviraho, kubera ko bari batekewe n’ubwoba bwinshi+. Maze yurira ubwato aragenda. 38  Ariko nya mugabo amadayimoni yari yavuyemwo aguma amwinginga ngo agumane na we; mugabo arungika nya mugabo+, ati: 39  “Subira i muhira, ugume wigana ibintu vyose Imana yakugiriye+.” Nuko aragenda, atangaza mu gisagara hose ibintu vyose Yezu yamugiriye+. 40  Yezu agarutse, isinzi rimwakirana ubugwaneza kuko bose bari bamwiteze+. 41  Mugabo, haza umugabo yitwa Yayiro, kandi uwo mugabo yari umukuru ahagarikiye isinagogi. Yikubita imbere y’ibirenge vya Yezu, atangura kumwinginga ngo yinjire mu nzu iwe+, 42  kubera ko yari afise umukobwa w’ikinege w’imyaka nka cumi n’ibiri, akaba yari hafi gupfa+. Igihe ariko aragenda, amasinzi aramugunda impande zose+. 43  Maze umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri ava amaraso+, akaba ata muntu n’umwe yari yarashoboye kumukiza+, 44  aregera aturutse inyuma, akora ku buyonga+ bw’impuzu yiwe yo hejuru+, maze ako kanya nyene kwa kuvirirana kwiwe guca kurahagarara+. 45  Nuko Yezu avuga ati: “Ni nde yankozeko+?” Igihe bose bariko barabihakana, Petero avuga ati: “Mwigisha, amasinzi ariko araguhundarako yongera akubanda+.” 46  Yamara Yezu avuga ati: “Hariho umuntu yankozeko, kuko numvise ko hari ububasha+ bwamvuyemwo+.” 47  Nya mugore abonye yuko atabuze kumenyekana, aca araza ajugumira, yikubita hasi imbere yiwe, ahishura imbere y’abantu bose icatumye amukorako n’ingene yaciye akira ako kanya nyene+. 48  Mugabo amubwira ati: “Mukobwa wanje, ukwizera kwawe kuragukijije+; niwigire amahoro+.” 49  Akiriko aravuga, haza umuntu umwe aserukira umukuru ahagarikiye isinagogi, avuga ati: “Umukobwa wawe yapfuye; ntiwongere kugora umwigisha+.” 50  Yezu avyumvise, amwishura ati: “Ntutinye, nugire ukwizera gusa+, arakira.” 51  Ashitse kuri nya nzu, ntiyareka ngo hagire n’umwe binjirana atari Petero na Yohani na Yakobo hamwe na se na nyina ba nya mukobwa+. 52  Mugabo abantu bose bariko bararira bongera bikubitagura ku gikiriza kubera intuntu abateye. Nuko avuga ati: “Nimureke kurira+, kuko atapfuye, ahubwo arasinziriye+.” 53  Baca batangura kumutwenga bamushinyagurira, kuko bari bazi yuko yapfuye+. 54  Mugabo amufata ukuboko hanyuma arahamagara, ati: “Mukobwa wanje, haguruka+!” 55  Hanyuma impwemu+ yiwe iragaruka, aca arahaguruka+ ako kanya nyene, aca ategeka ko bamuha ico arya+. 56  Emwe, abavyeyi biwe bagwa mu gahundwe; mugabo abategeka kutagira n’umwe babwira ivyari vyabaye+.

Amakuru yiyongereye

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.