Luka 6:1-49
6 Hanyuma rero kw’isabato yariko aca mu mirima y’ingano, abigishwa biwe na bo bakaba bariko bamyoza uduhundo tw’intete+ bongera barya, batuvungurira mu minwe yabo+.
2 Bamwe mu Bafarizayo baca bavuga bati: “Kubera iki muriko mukora ibitemewe+ gukorwa kw’isabato+?”
3 Mugabo Yezu mu kubishura avuga ati: “Mbega ntimurigera musoma ikintu Dawidi+ yakoze igihe we hamwe n’abantu bari kumwe na we basonza+?
4 Ingene yinjiye mu nzu y’Imana akakira imikate ishirwa imbere y’Imana*+ akarya agahako n’abantu bari kumwe na we, kikaba ari ikintu ata n’umwe yemerewe kurya kiretse abaherezi gusa+?”
5 Abandanya kubabwira ati: “Umwana w’umuntu ni Umukama w’isabato+.”
6 Ku yindi sabato+ yinjira mw’isinagogi, atangura kwigisha. Kandi ng’aho hari umugabo yanyunyutse ukuboko kw’ukuryo+.
7 Ico gihe abanditsi n’Abafarizayo bari bamureretse+ bitonze ngo barabe ko akiza kw’isabato, kugira ngo baronke ingene bomwagiriza+.
8 Ariko we yari azi ivyiyumviro vyabo+, yamara abwira nya mugabo yanyunyutse ukuboko ati: “Haguruka uhagarare hagati.” Na we ava hasi arahagarara+.
9 Maze Yezu ababwira ati: “Ndababajije: Vyoba vyemewe kw’isabato gukora iciza+ canke gukora ikibi, gukiza ubuzima canke kubukuraho+?”
10 Amaze kweraguza abaraba bose, abwira nya mugabo ati: “Ramvura ukuboko kwawe.” Agira kuno, ukuboko kwiwe guca kurakira+.
11 Mugabo baca buzura ubusazi, batangura kuvugana hagati yabo ico bogira Yezu+.
12 Muri iyo misi aja ku musozi gusenga+, abandanya gusenga Imana ijoro ryose+.
13 Mugabo hakeye, ahamagara abigishwa biwe ngo baze kuri we hanyuma atora muri bo cumi na babiri, ari na bo kandi yise “intumwa+”:
14 Simoni, ari na we kandi yise Petero+, na Andereya mwene wabo, Yakobo na Yohani+, Filipo+ na Barutelemi,
15 Matayo na Toma+, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni uwitwa “umunyamwete+,”
16 na Yuda mwene Yakobo, na Yuda Isikariyoti, uwahavuye aba umuguranyi+.
17 Hanyuma amanukana na bo, ahagarara ahantu hashashe, kandi ng’aho hari isinzi rinini ry’abigishwa biwe, n’abantu indiri n’indiri+ bari bavuye i Yudaya hose n’i Yeruzalemu no mu ntara y’i Tiro n’i Sidoni ihereranye n’ikiyaga, bakaba bari baje kumwumviriza no gukizwa indwara zabo+.
18 Mbere n’abadurumbanywa n’impwemu zihumanye barakizwa.
19 Kandi isinzi ryose ryariko rirondera kumukorako+, kubera ko ububasha+ bwamuvamwo bukabakiza bose.
20 Hanyuma yunamura amaso araba abigishwa biwe, atangura kuvuga+ ati:
“Murahiriwe mwebwe aboro+, kuko ubwami bw’Imana ari ubwanyu.
21 “Murahiriwe mwebwe mushonje+ ubu, kuko muzohazwa+.
“Murahiriwe mwebwe murira ubu, kuko muzotwenga+.
22 “Muzoba muhiriwe igihe cose abantu bazoba babanse+, n’igihe cose bazoba babaciye, bakabatuka kandi bakiyamiriza+ izina ryanyu ngo muri babi babahora Umwana w’umuntu.
23 Munezerwe kuri uwo musi kandi musimbasimbe, kuko ehe impembo yanyu ni nini mw’ijuru, kuko ivyo ari vyo nyene ba sekuruza babo bahora bagirira abahanuzi+.
24 “Mugabo muragowe mwebwe abatunzi+, kuko mumaze kuronka ukwirurwa kwanyu kwose+.
25 “Muragowe mwebwe muhaze ubu, kuko muzosonza+.
“Muragowe, mwebwe muriko muratwenga ubu, kuko muzogandara mukarira+.
26 “Muzoba mugowe, igihe cose abantu bose bazoba babavuga neza, kuko ibintu nk’ivyo ari vyo ba sekuruza babo bagirira abahanuzi b’ikinyoma+.
27 “Mugabo ndabibabwiye mwebwe muriko murumviriza: Mubandanye gukunda abansi banyu+, kugirira neza+ ababanka,
28 guhezagira ababavuma, gusabira ababatuka+.
29 Uwugukubise kw’itama rimwe+, tega n’irindi; kandi uwugutwaye+ impuzu yo hejuru, ntumwime n’impuzu yo munsi.
30 Nuhe umuntu wese agusaba+, kandi uwutwaye ivyawe ntumusabe kubigusubiza.
31 “Vyongeye, nk’uko mushaka ko abantu babagirira, abe ari ko nyene mubagirira+.
32 “Kandi nimwakunda ababakunda, muzoshimwa iki? Kuko n’abacumuzi bakunda ababakunda+.
33 Kandi nimwakorera iciza ababakorera iciza, mu vy’ukuri muzoshimwa iki? Erega n’abacumuzi bagira nk’ivyo nyene+.
34 Vyongeye, nimwaha ingurane abo mwitega kuronkako ikintu+, muzoshimwa iki? Erega n’abacumuzi baraha ingurane abacumuzi kugira ngo baze bishurwe indinganire+.
35 Ahubwo mubandanye gukunda abansi banyu no gukora iciza no gutanga ingurane+, mutizigiye kwishurwa ikintu na kimwe; kandi impembo yanyu izoba nini, kandi muzoba abana ba Musumbavyose+, kuko agirira ubuntu+ intashima n’ababisha.
36 Mubandanye kuba abanyembabazi, nk’uko na So ari umunyembabazi+.
37 “Vyongeye, mureke guca urubanza, namwe ntimuzogenda muciriwe urubanza+; kandi mureke gutsindisha, namwe ntimuzogenda mutsindishijwe. Mugume murekura, namwe muzorekurwa+.
38 Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha+. Bazobasukira mu bikondorero vyanyu ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye. Kuko ingero mugeresha ari yo namwe bazobagererako+.”
39 Maze yongera kubaha ikigereranyo ati: “Mbega impumyi yoshobora kurongōra impumyi? None zompi ntizizogwa mu cobo+?
40 Umwigishwa ntaruta umwigisha wiwe, mugabo umuntu wese yigishijwe bimwe bitunganye azoba nk’umwigisha wiwe+.
41 Kubera iki none uraba igikumbi kiri mu jisho rya mwene wanyu, mugabo ntiwihweze ikigiga kiri mu jisho ryawe bwite+?
42 Ushobora gute kubwira mwene wanyu ngo: ‘Mwene wacu, tega ngukure igikumbi kiri mu jisho ryawe,’ kandi wewe ubwawe utaraba ikigiga kiri muri iryo jisho ryawe+? Wa mwiyorobetsi we! Banza ukure nya kigiga mu jisho ryawe+, maze uzoheza ubone neza ingene ukura igikumbi kiri mu jisho rya mwene wanyu+.
43 “Kuko ata giti ciza cama ivyamwa biboze; kandi nta giti kiboze cama ivyamwa vyiza+.
44 Kuko igiti cose kimenyekanira ku vyamwa vyaco+. Nk’akarorero, abantu ntibamura insukoni ku mahwa, canke ngo bace inzabibu ku gisaka c’amahwa+.
45 Umuntu mwiza asohora ivyiza mw’itunga ryiza+ ry’umutima wiwe, mugabo umuntu mubi asohora ibibi mw’itunga ryiwe ribi; kuko akanwa kiwe kavuga bivanye n’ibibogaboga mu mutima+.
46 “Kubera iki none mumpamagara ngo: ‘Mukama! Mukama!’ mugabo ntimukore ivyo mvuga+?
47 Umuntu wese aza kuri jewe akumva amajambo yanje kandi akayashira mu ngiro, ndabereka uwo basa+:
48 Asa n’umugabo yubaka inzu, yimvye aramanuka epfo ashinga umushinge ku gitandara. Igihe rero hatera isegenya+, uruzi rwarisutse kuri iyo nzu, mugabo ntirwagira inguvu zihagije zo kuyinyiganyiza, kubera ko yari yubatswe neza+.
49 Ariko uwumva ntashire mu ngiro+, asa n’umugabo yubatse inzu kw’ivu ata mushinge. Uruzi rwarayisutseko, hanyuma buno nyene ica irasenyuka, kandi ihomvoka+ rya nya nzu ryabaye irikomeye+.”
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.