Luka 5:1-39

5  Igihe isinzi ryariko rimuhundarako ryongera ryumviriza ijambo ry’Imana, yari ahagaze iruhande y’ikiyaga ca Genesareti+.  Hanyuma abona ubwato bubiri buhagaritswe ku nkengera y’ikiyaga, mugabo abarovyi bari babuvuyemwo, bariko boza insenga zabo+.  Yuriye bumwe muri ubwo bwato, bukaba bwari ubwa Simoni, amusaba kubwigizayo gatoya uvuye i musozi. Maze aricara, hanyuma ari mu bwato+ atangura kwigisha ya masinzi.  Ahagaritse kuvuga, abwira Simoni ati: “Igira aho amazi agera kure, hanyuma muterere insenga zanyu+ murobe.”  Mugabo Simoni yishura ati: “Mwigisha, twacumukuye ijoro ryose ntitwafata namba+, mugabo ko ubitegetse ndamanura insenga.”  Nuko ngo babigire, begeranya ifi indiri n’indiri. Nkako insenga zabo zitangura gutabuka.  Nuko bagirira ikimenyetso bagenzi babo mu bundi bwato ngo baze babafashe+; na bo baraza, buzuza bwa bwato bwompi, ku buryo butangura kuzama.  Simoni Petero+ ngo abibone, aca yikubita imbere y’amavi ya Yezu, avuga ati: “Va aho ndi, Mukama, kuko ndi umunyabicumuro+.”  Kuko aho bafatiye izo fi, we hamwe n’abari kumwe na we bose bajongorotse, 10  na Yakobo na Yohani, ba bahungu ba Zebedayo+, bari bafatanije na Simoni. Mugabo Yezu abwira Simoni ati: “Yaco utinya. Guhera ubu uzohora uroba abantu ari bazima+.” 11  Nuko bagarukana bwa bwato i musozi, baheba vyose baramukurikira+. 12  Ikindi gihe ari muri kimwe mu bisagara, haza umugabo yuzuye imibembe! Akubise ijisho Yezu yubarara hasi, aramwinginga ati: “Mukama, ubishatse gusa, urashobora kumpumanura+.” 13  Nuko, aramvura ukuboko amukorako, avuga ati: “Ndabishaka. Humanuka.” Buno nyene ya mibembe ica iramuvako+. 14  Maze ategeka nya mugabo kutagira umuntu n’umwe abibwira+, amubarira ati: “Mugabo genda wiyereke umuherezi+, ushikane ishikanwa+ rijanye n’uguhumanurwa kwawe, nk’uko Musa yabitegetse, kugira bibabere intahe+.” 15  Mugabo amakuru amwerekeye arushiriza gukwiragira, kandi amasinzi menshi yaratororokanira hamwe kugira ngo bumvirize no kugira ngo bakizwe indwara zabo+. 16  Ariko we aguma ukwa wenyene mu bugaragwa yongera asenga+. 17  Kuri umwe muri iyo misi yariko arigisha, kandi ng’aho hari hicaye Abafarizayo* n’abigisha b’itegeko bari baje bavuye mu bigwati vyose vy’i Galilaya n’i Yudaya n’i Yeruzalemu; kandi ububasha bwa Yehova bwari ng’aho kugira ngo akize+. 18  Maze haza abantu bateruye ku gitanda umuntu yari amugaye, bakaba bariko barondera ingene bomwinjiza bakamushira imbere yiwe+. 19  Nuko, babuze ingene bamwinjiza kubera isinzi, burira hejuru ku gisenge, bamucisha mu mategura, bamwururutsanya na ka gatanda hagati mu bari imbere ya Yezu+. 20  Abonye ukwizera kwabo, avuga ati: “Wa muntu we, urababariwe ibicumuro vyawe+.” 21  Kuri ivyo, abanditsi n’Abafarizayo batangura kwiyumvira, bavuga bati: “Ni nde uyo avuga ibirogotano+? Ni nde ashobora kubabarira ibicumuro atari Imana yonyene+?” 22  Mugabo Yezu amenya ivyiyumviro vyabo, abishura ati: “Muriko mwiyumvira ibiki mu mitima yanyu+? 23  Icoroshe ni ikihe? Ni ukuvuga ngo: ‘Urababariwe ibicumuro vyawe,’ canke kuvuga ngo: ‘Haguruka utambuke+’? 24  Mugabo kugira mumenye yuko Umwana w’umuntu afise ububasha kw’isi bwo kubabarira ibicumuro...” abwira nya muntu amugaye ati: “Ndabikubwiye: Haguruka, utore agatanda kawe witahire+.” 25  Ako kanya nyene aca arahaguruka imbere yabo, atora kimwe yahora aryamako, aritahira, agenda aninahaza Imana+. 26  Maze bose uko bangana bagwa mu gahundwe+, batangura kuninahaza Imana, batekerwa n’ubwoba, bavuga bati: “Uno musi turabonye ibintu bitabaho+!” 27  Inyuma y’ivyo arasohoka, abona umutozakori yitwa Lewi yicaye ku biro vy’ikori, amubwira ati: “Nkurikira+.” 28  Na we asiga vyose+ arahaguruka aramukurikira. 29  Vyongeye, Lewi amutunganiriza inzimano ihambaye mu nzu iwe; kandi hari isinzi rinini ry’abatozakori n’abandi bari kumwe na bo ku meza+. 30  Abafarizayo n’abanditsi babo baca batangura kwidodombera abigishwa biwe, bavuga bati: “Kubera iki musangira ibiribwa n’ibinyobwa n’abatozakori be n’abacumuzi+?” 31  Yezu abishura ati: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga+, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera+. 32  Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi ngo bigaye+.” 33  Bamubwira bati: “Abigishwa ba Yohani barisonzesha kenshi bakongera bagatura intakambo, kandi n’ab’Abafarizayo ni ko bagira, mugabo abawe baririra bakinywera+.” 34  Yezu ababwira ati: “Mbega mwoshobora gusaba abagenzi b’umukwe kwisonzesha kandi umukwe akiri kumwe na bo+? 35  Yamara hazoza imisi aho umukwe+ azokurwa muri bo koko+; bazoheza rero bisonzeshe muri iyo misi+.” 36  Vyongeye, abandanya kubaha ikigereranyo ati: “Nta wutabura ikiremo ku mpuzu yo hejuru nshasha ngo agishonere ku mpuzu yo hejuru ishaje; mugabo abigize, ca kiremo gishasha kiraheza kigakwega, kandi ico kiremo cakuwe ku mpuzu yo hejuru nshasha ntikijana n’impuzu yo hejuru ishaje+. 37  Vyongeye, nta wushira umuvinyu mushasha mu mikuza y’inshato ishaje; mugabo abigize, nya muvinyu mushasha uzoheza uturitse ya mikuza y’inshato+, kandi uzoseseka, nya mikuza y’inshato na yo ishwanyagurike+. 38  Mugabo umuvinyu mushasha utegerezwa gushirwa mu mikuza y’inshato mishasha. 39  Nta wanyoye umuvinyu ushaje yoshaka mushasha; kuko avuga ati: ‘Uwushaje+ ni wo mwiza.’ ”

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.