Luka 5:1-39
5 Igihe isinzi ryariko rimuhundarako ryongera ryumviriza ijambo ry’Imana, yari ahagaze iruhande y’ikiyaga ca Genesareti+.
2 Hanyuma abona ubwato bubiri buhagaritswe ku nkengera y’ikiyaga, mugabo abarovyi bari babuvuyemwo, bariko boza insenga zabo+.
3 Yuriye bumwe muri ubwo bwato, bukaba bwari ubwa Simoni, amusaba kubwigizayo gatoya uvuye i musozi. Maze aricara, hanyuma ari mu bwato+ atangura kwigisha ya masinzi.
4 Ahagaritse kuvuga, abwira Simoni ati: “Igira aho amazi agera kure, hanyuma muterere insenga zanyu+ murobe.”
5 Mugabo Simoni yishura ati: “Mwigisha, twacumukuye ijoro ryose ntitwafata namba+, mugabo ko ubitegetse ndamanura insenga.”
6 Nuko ngo babigire, begeranya ifi indiri n’indiri. Nkako insenga zabo zitangura gutabuka.
7 Nuko bagirira ikimenyetso bagenzi babo mu bundi bwato ngo baze babafashe+; na bo baraza, buzuza bwa bwato bwompi, ku buryo butangura kuzama.
8 Simoni Petero+ ngo abibone, aca yikubita imbere y’amavi ya Yezu, avuga ati: “Va aho ndi, Mukama, kuko ndi umunyabicumuro+.”
9 Kuko aho bafatiye izo fi, we hamwe n’abari kumwe na we bose bajongorotse,
10 na Yakobo na Yohani, ba bahungu ba Zebedayo+, bari bafatanije na Simoni. Mugabo Yezu abwira Simoni ati: “Yaco utinya. Guhera ubu uzohora uroba abantu ari bazima+.”
11 Nuko bagarukana bwa bwato i musozi, baheba vyose baramukurikira+.
12 Ikindi gihe ari muri kimwe mu bisagara, haza umugabo yuzuye imibembe! Akubise ijisho Yezu yubarara hasi, aramwinginga ati: “Mukama, ubishatse gusa, urashobora kumpumanura+.”
13 Nuko, aramvura ukuboko amukorako, avuga ati: “Ndabishaka. Humanuka.” Buno nyene ya mibembe ica iramuvako+.
14 Maze ategeka nya mugabo kutagira umuntu n’umwe abibwira+, amubarira ati: “Mugabo genda wiyereke umuherezi+, ushikane ishikanwa+ rijanye n’uguhumanurwa kwawe, nk’uko Musa yabitegetse, kugira bibabere intahe+.”
15 Mugabo amakuru amwerekeye arushiriza gukwiragira, kandi amasinzi menshi yaratororokanira hamwe kugira ngo bumvirize no kugira ngo bakizwe indwara zabo+.
16 Ariko we aguma ukwa wenyene mu bugaragwa yongera asenga+.
17 Kuri umwe muri iyo misi yariko arigisha, kandi ng’aho hari hicaye Abafarizayo* n’abigisha b’itegeko bari baje bavuye mu bigwati vyose vy’i Galilaya n’i Yudaya n’i Yeruzalemu; kandi ububasha bwa Yehova bwari ng’aho kugira ngo akize+.
18 Maze haza abantu bateruye ku gitanda umuntu yari amugaye, bakaba bariko barondera ingene bomwinjiza bakamushira imbere yiwe+.
19 Nuko, babuze ingene bamwinjiza kubera isinzi, burira hejuru ku gisenge, bamucisha mu mategura, bamwururutsanya na ka gatanda hagati mu bari imbere ya Yezu+.
20 Abonye ukwizera kwabo, avuga ati: “Wa muntu we, urababariwe ibicumuro vyawe+.”
21 Kuri ivyo, abanditsi n’Abafarizayo batangura kwiyumvira, bavuga bati: “Ni nde uyo avuga ibirogotano+? Ni nde ashobora kubabarira ibicumuro atari Imana yonyene+?”
22 Mugabo Yezu amenya ivyiyumviro vyabo, abishura ati: “Muriko mwiyumvira ibiki mu mitima yanyu+?
23 Icoroshe ni ikihe? Ni ukuvuga ngo: ‘Urababariwe ibicumuro vyawe,’ canke kuvuga ngo: ‘Haguruka utambuke+’?
24 Mugabo kugira mumenye yuko Umwana w’umuntu afise ububasha kw’isi bwo kubabarira ibicumuro...” abwira nya muntu amugaye ati: “Ndabikubwiye: Haguruka, utore agatanda kawe witahire+.”
25 Ako kanya nyene aca arahaguruka imbere yabo, atora kimwe yahora aryamako, aritahira, agenda aninahaza Imana+.
26 Maze bose uko bangana bagwa mu gahundwe+, batangura kuninahaza Imana, batekerwa n’ubwoba, bavuga bati: “Uno musi turabonye ibintu bitabaho+!”
27 Inyuma y’ivyo arasohoka, abona umutozakori yitwa Lewi yicaye ku biro vy’ikori, amubwira ati: “Nkurikira+.”
28 Na we asiga vyose+ arahaguruka aramukurikira.
29 Vyongeye, Lewi amutunganiriza inzimano ihambaye mu nzu iwe; kandi hari isinzi rinini ry’abatozakori n’abandi bari kumwe na bo ku meza+.
30 Abafarizayo n’abanditsi babo baca batangura kwidodombera abigishwa biwe, bavuga bati: “Kubera iki musangira ibiribwa n’ibinyobwa n’abatozakori be n’abacumuzi+?”
31 Yezu abishura ati: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga+, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera+.
32 Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi ngo bigaye+.”
33 Bamubwira bati: “Abigishwa ba Yohani barisonzesha kenshi bakongera bagatura intakambo, kandi n’ab’Abafarizayo ni ko bagira, mugabo abawe baririra bakinywera+.”
34 Yezu ababwira ati: “Mbega mwoshobora gusaba abagenzi b’umukwe kwisonzesha kandi umukwe akiri kumwe na bo+?
35 Yamara hazoza imisi aho umukwe+ azokurwa muri bo koko+; bazoheza rero bisonzeshe muri iyo misi+.”
36 Vyongeye, abandanya kubaha ikigereranyo ati: “Nta wutabura ikiremo ku mpuzu yo hejuru nshasha ngo agishonere ku mpuzu yo hejuru ishaje; mugabo abigize, ca kiremo gishasha kiraheza kigakwega, kandi ico kiremo cakuwe ku mpuzu yo hejuru nshasha ntikijana n’impuzu yo hejuru ishaje+.
37 Vyongeye, nta wushira umuvinyu mushasha mu mikuza y’inshato ishaje; mugabo abigize, nya muvinyu mushasha uzoheza uturitse ya mikuza y’inshato+, kandi uzoseseka, nya mikuza y’inshato na yo ishwanyagurike+.
38 Mugabo umuvinyu mushasha utegerezwa gushirwa mu mikuza y’inshato mishasha.
39 Nta wanyoye umuvinyu ushaje yoshaka mushasha; kuko avuga ati: ‘Uwushaje+ ni wo mwiza.’ ”
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.