Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Luka 4:1-44

4  Buno Yezu, yuzuye impwemu nyeranda, aragaruka avuye kuri Yorodani, hanyuma ajanwa n’impwemu hirya no hino mu gahinga+  mu kiringo c’imisi mirongo ine+ ageragezwa+ na Shetani*. Ikigeretseko, nta co yarya muri iyo misi; nuko irangiye, arasonza.  Shetani aca amubwira ati: “Nimba uri umwana w’Imana, bwira iri buye ricike umukate.”  Mugabo Yezu aramwishura ati: “Vyanditswe ngo: ‘Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa+.’ ”  Nuko amudugana ahakirurutse, amwereka mu kanya gatoyi ubwami bwose bw’isi;  hanyuma Shetani amubwira ati: “Ndaguha ubwo bubasha bwose+ n’ubuninahazwa bwabwo, kubera ko nabuhawe, kandi uwo nshaka wese ndabumuha+.  Wewe rero, niwapfa kwikubita+ imbere yanje ukansenga, vyose biraba rwawe.”  Yezu amwishura ati: “Vyanditswe ngo: ‘Yehova Imana yawe+ ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda+.’ ”  Buno amujana i Yeruzalemu amushira hejuru ku gakuta k’ikirindiro+ k’urusengero, amubwira ati: “Nimba uri umwana w’Imana, ikororere hasi uvuye ng’aha+; 10  kuko vyanditswe ngo: ‘Azoha itegeko abamarayika biwe ku bikwerekeye, kugira ngo bakuzigame+,’ 11  kandi ngo: ‘Bazokurerura mu maboko yabo, ngo ntiwigere ukubita ikirenge kw’ibuye+.’ ” 12  Yezu amwishura ati: “Bivugwa ngo: ‘Ntukageze Yehova Imana yawe+.’ ” 13  Nuko Shetani arangije ivyo amugerageresha vyose, aramureka kugeza aronse akandi karyo keza+. 14  Hanyuma Yezu aragaruka i Galilaya+, ari mu bubasha bw’impwemu. Maze amakuru meza avugwa kuri we akwiragira mu gihugu cose kihakikuje+. 15  Vyongeye, atangura kwigisha mu masinagogi yabo, aterwa iteka na bose+. 16  Hanyuma aza i Nazareti+, aho yari yararerewe; kandi nk’uko yari amenyereye kubigira ku musi w’isabato, yinjira mw’isinagogi+, hanyuma arahaguruka ngo asome. 17  Nuko ahabwa umuzingo w’umuhanuzi Yesaya, araheza azingurura nya muzingo, atora ahari handitswe ngo: 18  “Impwemu ya Yehova+ iri kuri jewe, kuko yandobanuje amavuta* kugira ngo menyeshe inkuru nziza aboro, yantumye kwamamaza ukubohorwa ku mbohe n’uguhumuka ku mpumyi, kurekura abajanjaguwe bakidegemvya+, 19  kwamamaza umwaka wemerwa wa Yehova+.” 20  Aca azinga nya muzingo, awusubiza umusuku hanyuma aricara; kandi amaso y’abari mw’isinagogi bose aguma ashinze kuri we. 21  Maze atangura kubabwira ati: “Uno musi ico canditswe muhejeje kwumva kirarangutse+.” 22  Bose batangura kumushingira intahe nziza no gutangazwa n’amajambo y’igikundiro+ ava mu kanwa kiwe, bakavuga bati: “None uyu si umuhungu wa Yozefu+?” 23  Aca ababwira ati: “Ntimuzobura kunyerekezako iki kigereranyo ngo: ‘Muganga+, niwikize; ibintu+ twumvise ko vyabereye i Kaperinawumu+ nubikore no ng’aha mu karere iwanyu+.’ ” 24  Mugabo avuga ati: “Ni ukuri ndababwiye yuko ata muhanuzi yemerwa mu karere iwabo. 25  Nk’akarorero, ndababwije ukuri: Hari abapfakazi benshi muri Isirayeli mu misi ya Eliya, igihe ijuru ryugarwa imyaka itatu n’amezi atandatu, ku buryo ikigoyi gikomeye gitera mu gihugu cose+, 26  yamara Eliya nta n’umwe yarungitsweko muri abo bagore; ahubwo yarungitswe gusa i Zarefati+ mu ntara y’i Sidoni, ku mupfakazi. 27  Vyongeye, hari abanyamibembe benshi muri Isirayeli mu gihe ca Elisha umuhanuzi, yamara nta n’umwe muri bo yahumanuwe, atari Namani wa Musiriya+.” 28  Buno abariko barumva ivyo bintu mw’isinagogi bose baca buzura ishavu+; 29  baca barahaguruka bamunyarukana inyuma y’igisagara, bamujana hejuru ku musozi wari wubatsweko igisagara cabo, kugira ngo bamumandagarize epfo atanguze umutwe+. 30  Mugabo abaca hagati arigira+. 31  Nuko amanuka i Kaperinawumu+, igisagara c’i Galilaya. Hanyuma yariko arabigisha kw’isabato; 32  bajorezwa n’uburyo yigisha+, kuko amajambo yiwe yari n’ububasha+. 33  Buno mw’isinagogi hari umuntu arimwo impwemu+, idayimoni* ihumanye, hanyuma arasemerera n’ijwi rirenga ati: 34  “Aaa! Duhuriye ku ki nawe+, ga Yezu Umunyanazareti+? Uje kuduhonya? Ndazi+ neza uwo uri we, uri wa Mweranda w’Imana+.” 35  Mugabo Yezu arayikankamira ati: “Cereza, kandi muvemwo.” Nuko, iyo dayimoni imaze gutura hasi nya mugabo hagati yabo, imuvamwo ata co imugize+. 36  Ivyo bibaye, bose barajongoroka, batangura kuganira hagati yabo, bavuga bati: “Iyo mvugo ni bwoko ki, ko akoresha ububasha n’ubushobozi agategeka impwemu zihumanye, zigasohoka+?” 37  Amakuru amwerekeye aguma rero akwira mu mihingo yose y’igihugu kihakikuje+. 38  Amaze guhaguruka akava mw’isinagogi, yinjira mu nzu kwa Simoni. Buno inabukwe wa Simoni yari arembejwe n’inyonko ikaze, hanyuma bamusaba ngo amufashe+. 39  Nuko ahagarara hejuru yiwe, akankamira ya nyonko+, ica iramuvako. Ako kanya nyene aca arahaguruka, atangura kubakorera+. 40  Mugabo izuba ririko rirarenga, abantu bose bari bafise abarwaye indwara zitari zimwe babazana kuri we. Arambika ibiganza kuri umwe wese muri bo, arabakiza+. 41  N’amadayimoni yarava mu bantu benshi+, agasemerera avuga ati: “Uri Umwana w’Imana+.” Mugabo yarayakankamira ntayemerere kuvuga+, kuko ano yari amuzi+ ko ari Kristu+. 42  Ariko bukeye, arasohoka aja mu gahinga+. Mugabo amasinzi atangura kumuhiga hirya no hino arateba ashika aho ari, hanyuma agerageza kumugumya ngo ntaje kure yabo. 43  Mugabo ababwira ati: “Ntegerezwa kumenyesha n’ibindi bisagara inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe+.” 44  Nuko abandanya kwamamaza mu masinagogi y’i Yudaya+.

Amakuru yiyongereye

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.