Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Luka 24:1-53

24  Ariko ku musi wa mbere w’iyinga, bazindukira ku mva hakiri kare cane, batwaye nya bimota bari bateguye+.  Mugabo basanga rya buye ryatembagajwe rikurwa ku mva+,  hanyuma binjiye ntibabona ikiziga c’Umukama Yezu+.  Igihe bari bazazaniwe n’ivyo, abagabo babiri bambaye impuzu zica ibibatsi bahagarara iruhande yabo+.  Kubera ko nya bagore bari bagize ubwoba kandi bakaguma bunamye baraba hasi, ba bagabo bababwira bati: “Kubera iki murondera Umuzima mu bapfuye?  [[Nta wuri ng’aha, ahubwo yazuwe+.]] Nimwibuke ingene yababwiye akiri i Galilaya+,  yuko Umwana w’umuntu ategerezwa gutangwa mu maboko y’abanyabicumuro hanyuma akamanikwa, yamara rero ku musi ugira gatatu akazuka+.”  Nuko baca bibuka amajambo yiwe+,  hanyuma barahindukira bava ku mva, biganira ivyo bintu vyose bamwe cumi n’umwe n’abandi bose+. 10  Yari Mariya umwe Magadalena, na Yohana+, na Mariya nyina wa Yakobo. N’abandi bagore+ bari kumwe na bo bariko babwira intumwa ivyo bintu. 11  Ariko ayo majambo aboneka nk’ayatagira mvura kuri bo, ntibemera+ ibivuzwe na nya bagore. 12  [[Mugabo Petero ava hasi arirukanga aja ku mva, hanyuma yunamye, abona ibitambara vyonyene. Aca aragenda, aguma yibaza muri we ivyari vyabaye.]] 13  Mugabo, kuri uwo musi nyene babiri muri bo bari ku rugendo baja mu kigwati kiri ku bilometero nka cumi na kimwe uvuye i Yeruzalemu, citwa Emawusi, 14  bakaba bariko barayaga kuri ivyo bintu vyose+ vyari vyabaye. 15  Igihe bariko barayaga bongera babazanya, Yezu ubwiwe aregera+, atangura kujana na bo; 16  mugabo amaso yabo abuzwa kumumenya+. 17  Ababwira ati: “Ivyo bintu mugenda muraharirako hagati yanyu ni ibiki?” Baca barahagarara bijiriwe mu maso. 18  Uwitwa Kileyopa amwishura ati: “Woba wibana i Yeruzalemu uri kavamahanga ku buryo utazi ivyahabaye muri iyi misi?” 19  Na we ababwira ati: “Ibiki?” Bamubwira bati: “Ivyerekeye Yezu Umunyanazareti+, uwabaye umuhanuzi+ w’ububasha mu bikorwa no mu majambo imbere y’Imana n’abantu bose; 20  ingene abakuru b’abaherezi n’abatware bacu bamutanze ngo acirwe urubanza rwo gupfa, hanyuma bakamumanika+. 21  Mugabo twari twizigiye ko uyo muntu ari we abwirizwa kurokora Isirayeli+; emwe, kandi uretse n’ivyo vyose, uyu ubaye umusi ugira gatatu kuva ivyo bintu bibaye. 22  Vyongeye, hari n’abagore+ bo muri twebwe batujongoroye, kuko bari bazindukiye ku mva hakiri kare 23  mugabo ntibabona ikiziga ciwe, hanyuma baza bavuga yuko mbere bari babonekewe n’abamarayika, abavuze yuko ari muzima. 24  Vyongeye, bamwe mu bari kumwe natwe bagiye ku mva+; kandi ni ko babisanze, nk’uko nya bagore bari babivuze, mugabo ntibamubonye.” 25  Ababwira ati: “Emwe mwa bantu b’imburabwenge kandi b’umutima uteba kwemera ibintu vyose abahanuzi bavuze+! 26  Mbega ntivyari bikenewe ko Kristu ashikirwa+ n’ivyo bintu hanyuma akinjira mu buninahazwa bwiwe+?” 27  Maze ahera kuri Musa+ no ku Bahanuzi+ bose, abasobanurira ibintu bijanye na we ubwiwe mu Vyanditswe vyose. 28  Amaherezo, bashika hafi y’ikigwati bari bagiyemwo, hanyuma amera nk’uwubandanya. 29  Mugabo baramuremera bati: “Gumana natwe, kubera ko buriko buragoroba kandi umusi ukaba umaze kwiterera.” Kuri ivyo arinjira kugira ngo agumane na bo. 30  Hanyuma igihe yari kumwe na bo ku meza, atora umukate, arawuhezagira, arawumanyura, atangura kuwubahereza+. 31  Amaso yabo aca arugururwa rwose, maze baramumenya; na we aca arakamangana, ntibaba bakimubona+. 32  Maze babwirana bati: “Mbega imitima yacu ntiyariko irarurumba igihe yariko avugana natwe ku nzira, igihe yariko adusigurira Ivyanditswe?” 33  Nuko kuri iyo saha nyene bava hasi basubira i Yeruzalemu, basanga bamwe cumi n’umwe n’abari kumwe na bo bakoraniye hamwe, 34  bariko bavuga bati: “Mu vy’ukuri Umukama yazuwe kandi yiyeretse Simoni+!” 35  Maze ubwabo bigana ivyabaye ku nzira n’ingene bahavuye bakamumenyera ku kuntu amanyura umukate+. 36  Bariko baravuga ivy’ivyo bintu, we ubwiwe ahagarara hagati yabo [[ababwira ati: “Mugire amahoro.”]] 37  Mugabo kubera ko bari bacitse ivutu, kandi bakaba bari bagize ubwoba+, bariko biyumvira ko babonye impwemu. 38  Nuko ababwira ati: “Kubera iki muhagaritse umutima, kandi kubera iki inkeka ziza mu mitima yanyu? 39  Raba ibiganza vyanje n’ibirenge vyanje, mubone yuko ari jewe ubwanje; nimunkorakore+ murabe, kubera ko impwemu itagira inyama n’amagufa+ nk’uku mubona ndabifise.” 40  [[Kandi igihe yariko avuga ivyo, yaraberetse ibiganza vyiwe n’ibirenge vyiwe.]] 41  Mugabo bakibandanya kutavyemera+ kubera akanyamuneza gusa bakaba kandi bari batangaye, ababwira ati: “Hari ikintu mufise ng’aho co kurya+?” 42  Bamuhereza igipande c’ifi yokeje+; 43  na we aracakira akirira+ mu maso yabo. 44  Buno ababwira ati: “Aya ni ya majambo yanje nababwira nkiri kumwe namwe+, yuko ibintu vyose vyanditswe mw’itegeko rya Musa no mu Bahanuzi+ no mu Mazaburi+ ku binyerekeye bitegerezwa kuranguka.” 45  Maze yugurura imizirikanyi yabo bimwe bishitse kugira ngo bategere insobanuro y’Ivyanditswe+, 46  ababwira ati: “Uku ni ko vyanditswe yuko Kristu yobabajwe hanyuma akazuka mu bapfuye ku musi ugira gatatu+, 47  be n’uko mw’izina ryiwe ukwigaya ku bwo kubabarirwa ibicumuro+ kwokwamamajwe mu mahanga yose+—guhera i Yeruzalemu+, 48  mubwirizwa kuba ivyabona+ vy’ivyo bintu. 49  Kandi, ehe ngira ndungike kuri mwebwe icasezeranywe na Dawe. Mugabo mwebwe, mugume mu gisagara gushika mwambitswe ububasha buvuye iyo hejuru+.” 50  Mugabo arabarongōra abasohokanye, gushika i Betaniya, hanyuma atarika amaboko arabahezagira+. 51  Igihe ariko arabahezagira, atandukanywa na bo, hanyuma atangura kuduzwa mw’ijuru+. 52  Maze bikubita imbere yiwe, baraheza basubira i Yeruzalemu n’akanyamuneza kenshi+. 53  Kandi baguma mu rusengero ubudahengeshanya bahezagira Imana+.

Amakuru yiyongereye