Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Luka 21:1-38

21  Araramuye amaso, abona abatunzi batiburira amashikanwa yabo mu dusandugu two mw’ishikaniro+.  Maze abona umupfakazi umwe w’umukene atiburiyeyo uduceri tubiri tw’agaciro gatoyi cane+,  avuga ati: “Ndababwiye ukuri: Uyu mupfakazi, naho ari umworo, yatiburiyeyo vyinshi gusumba ivyo bose batiburiyeyo+.  Kuko abo bose batiburiyeyo amashikanwa avuye ku musesekara wabo, mugabo uyu mugore we, ku bukene bwiwe, yatiburiyeyo uburyo bwose afise bwo kubaho+.”  Mu nyuma, igihe bamwe bariko bavuga ivyerekeye urusengero, ingene rwari rusharijwe n’amabuye mezameza be n’ibintu vyeguriwe Imana+,  avuga ati: “Nayo ibi bintu mubona, imisi izoza aho ng’aha ata buye rizosigara rigeretse ku rindi ridasenyuriwe hasi+.”  Maze bamubaza bati: “Mwigisha, ivyo bizoba ryari vy’ukuri, kandi ni igiki kizoba ikimenyetso igihe ivyo bintu bizoba bigira bibe+?”  Avuga ati: “Mwiyubare ntimuzimizwe+; kuko benshi bazoza mw’izina ryanje, bavuga ngo: ‘Ndi we,’ kandi ngo: ‘Igihe kiregereje+.’ Ntimuze mubakurikire.  Ikigeretseko, nimwumva intambara n’imivurungano, ntimuze mutekerwe n’ubwoba+. Kuko ivyo bitegerezwa kubanza kuba, mugabo iherezo ntirizoca rishika buno nyene.” 10  Maze abandanya kubabwira ati: “Ihanga rizohagurukira irindi hanga+, n’ubwami buhagurukire ubundi bwami+; 11  kandi hazoba vya nyamugigima bikomakomeye, habe n’ibiza n’amapfa+ biva hamwe bija ahandi; kandi hazoba ibintu biteye ubwoba habe n’ibimenyetso bikomakomeye biva mw’ijuru+. 12  “Mugabo imbere y’uko ivyo vyose biba, bazobashorerako amaboko, babahame+, babatange ku masinagogi no ku mabohero, babakwege babatwara imbere y’abami na ba buramatari ku bw’izina ryanje+. 13  Bizobaviramwo intahe+. 14  Nuko rero mwiyemeze mu mitima yanyu kutimenyereza imbere y’igihe ingene muzokwiburanira+, 15  kuko nzobaha akanwa n’ubukerebutsi ababarwanya bose hamwe batazoshobora kurwanya canke guhaririza+. 16  Vyongeye, muzotangwa mbere n’abavyeyi+ na bene wanyu n’incuti n’abagenzi, kandi bazokwica bamwe muri mwebwe+; 17  kandi muzokwankwa n’abantu bose kubera izina ryanje+. 18  Yamara nta n’agashatsi+ ko ku mitwe yanyu kazogenda kavuyeko. 19  Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubuzima bwanyu+. 20  “Ikigeretseko, nimwabona Yeruzalemu ikikujwe+ n’ingabo zishinze ikambi, muzoce mumenya yuko ugucika umusaka kwaho kwegereje+. 21  Abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi, abari hagati muri Yeruzalemu na bo bazoce bavayo, abari hagati mu gihugu na bo ntibaze binjireyo+; 22  kuko iyo izoba ari imisi yo gushitsa ubutungane, kugira ngo ibintu vyose vyanditswe biranguke+. 23  Haragowe abagore bazoba bibungenze n’abazoba bonsa muri iyo misi+! Kuko hazoba amarushwa akomeye ku gihugu n’uburake kuri iki gisata; 24  kandi bazoririkwa n’ubugi bw’inkota bongere batwarwe ari imbohe mu mahanga yose+; kandi Yeruzalemu hazohonyangwa n’amahanga, kugeza ibihe vyashinzwe+ vy’amahanga birangutse. 25  “Vyongeye, hazoba ibimenyetso mu zuba+ n’ukwezi n’inyenyeri, kandi kw’isi hazoba umubabaro mwinshi mu mahanga, ntamenye ingene yobikika kubera ukwasana kw’ikiyaga+ n’ugusuriranya kwaco+, 26  kandi abantu bazorabikwa n’ubwoba+ be n’ukwitega ibintu biza kw’isi+; kuko ibinyabubasha vyo mw’ijuru bizonyiganyizwa+. 27  Maze bazobona Umwana w’umuntu+ aza mu gicu ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi+. 28  Mugabo ivyo bintu nivyatangura kuba, muze muhagarare mugororotse, muraramike imitwe, kuko ukurokoka kwanyu kuzoba kuriko kuregereza.” 29  Kuri ivyo abaha ikigereranyo ati: “Itegereze igiti c’umusukoni be n’ibindi biti vyose+: 30  Iyo bimaze kuzana iminago, muvyihweje muca mumenya ubwanyu yuko ici* riri hafi+. 31  Na mwebwe nyene, mukabona ivyo bintu biriko biraba, muze mumenye yuko ubwami bw’Imana buri hafi+. 32  Ni ukuri ndabibabwiye: Iri yaruka ntirizogenda rivuyeho vyose bitabaye+. 33  Ijuru n’isi bizovaho+, mugabo amajambo yanje ntazogenda avuyeho+. 34  “Mugabo mwiyubare ubwanyu kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa n’ukurira agahokero n’ukunywa birenze urugero+ be n’amaganya+ y’ubuzima, hanyuma bukwi na bukwi uwo musi ukabazako ako kanya nyene+ 35  nk’umutego+. Kuko uzoza ku bantu bose baba kw’isi yose iyo iva ikagera+. 36  Mugume murikanuye+ rero, mutakamba igihe cose+ kugira ngo mushobore gukira ivyo bintu vyose bibwirizwa kuba, no guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu+.” 37  Ku murango rero yarigisha mu rusengero+, mugabo mw’ijoro agasohoka akaja kurara ku musozi witwa umusozi w’Imyelayo+. 38  Kandi abantu bose+ baraza mu gatondo ka kare kuri we mu rusengero kumwumva.

Amakuru yiyongereye

Muri Palestina, mu ci ni co gihe ibiterwa bitotahara.