Luka 20:1-47
20 Kuri umwe muri nya misi, igihe yariko arigisha abantu mu rusengero yongera amenyesha inkuru nziza, abakuru b’abaherezi n’abanditsi hamwe n’abagabo b’inararibonye baregera+,
2 bafata ijambo, bamubwira bati: “Tubwire ububasha butuma ukora ivyo bintu ubwo ari bwo, canke uwabuguhaye+.”
3 Abishura ati: “Nanje ndababaza ikibazo, namwe muheze mumbwire+:
4 Ibatisimu ya Yohani yava mw’ijuru canke ku bantu+?”
5 Maze hagati yabo bagira ivyiyumviro bashitseko bati: “Nitwavuga ngo ‘Mw’ijuru,’ aca avuga ati: ‘Kubera iki mutamwemeye+?’
6 Mugabo nitwavuga ngo ‘Ku bantu,’ abantu bose uko bangana baradutera amabuye+, kuko banyuzwe yuko Yohani+ yari umuhanuzi+.”
7 Nuko bishura yuko batazi isôko ryayo.
8 Yezu na we ababwira ati: “Nanje sindababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo+.”
9 Maze atangura guha abantu iki kigereranyo: “Umuntu umwe yateye umurima w’imizabibu+, hanyuma awukotesha ku barimyi, araheza afata urugendo aja mu mahanga amarayo igihe kitari gito+.
10 Mugabo igihe kigeze atuma umushumba+ kuri nya barimyi+, ngo bamuhe ku vyamwa vya nya murima w’imizabibu+. Ariko nya barimyi bamurungika imbokoboko+ bamaze kumuhuragura.
11 Mugabo arongera abatumako uwundi mushumba. Uwo na we nyene baramuhuragura bongera baramutetereza, bamurungika imbokoboko+.
12 Yamara yongera kurungika uwugira gatatu+; n’uyo nyene baramukomeretsa, bamuta hanze.
13 Kuri ivyo, nyen’umurima w’imizabibu avuga ati: ‘Nkore iki? Ndarungika umwana wanje w’umukundwa+. Kumbure uyo wewe bazomwubaha.’
14 Nya barimyi ngo bamukubite ijisho, batangura kwiyumvira hagati yabo bati: ‘Uyu ni we samuragwa; ingo tumwice intoranwa ibe rwacu+.’
15 Baca bamuterera inyuma+ ya nya murima w’imizabibu, baramwica+. None nyen’umurima azobagira ate+?
16 Azoza yice abo barimyi, nya murima na wo awuhe abandi+.”
Bavyumvise bavuga bati: “Ntibikabe!”
17 Mugabo arabitegereza, avuga ati: “None ibi bintu vyanditswe bisobanura iki, ibivuga ngo: ‘Ibuye abubatsi bataye+, iryo ni ryo ribaye ibuye nyamukuru rigumya imfuruka+’?
18 Umuntu wese agwa kuri iryo buye azovunagurika+. Nayo uwo rizogwako wese+, rizomusya+.”
19 Abanditsi n’abakuru b’abaherezi baca barondera kumushorerako amaboko kuri iyo saha nyene, mugabo batinya abantu; kuko bari bumvise yuko atanze ico kigereranyo ari bo yiyumvira+.
20 Bamaze kumwihweza bitonze, batuma abantu bemerewe ingero mu mpisho ngo bigire abagororotsi, kugira ngo bamufatire+ mu majambo, babone kumushikiriza intwaro na buramatari*+.
21 Hanyuma bamubaza bati: “Mwigisha, turazi ko uvuga kandi ukigisha neza be n’uko utagira nkunzi, mugabo ukigisha inzira y’Imana uhuje n’ukuri+:
22 Vyoba vyemewe ko turiha ikori Sezari canke ntivyemewe+?”
23 Mugabo amenya urwenge rwabo, araheza ababwira+ ati:
24 “Nyereka idenariyo. Iriko ishusho n’ivyandiko vya nde?” Bavuga bati: “Vya Sezari+.”
25 Ababwira ati: “Uko biri kwose rero, nimwishure Sezari ivya Sezari+, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana+.”
26 Erega, ntibashobora kumufatira kuri iryo jambo imbere y’abantu, ahubwo bumizwa n’inyishu yiwe, ntibavuga ikintu na kimwe+.
27 Ariko bamwe mu Basadukayo*, bamwe bavuga ko ata zuka ririho, baraza+, bamubaza
28 bati: “Mwigisha, Musa+ yatwandikiye ati: ‘Mwene wabo n’umuntu niyapfa afise umugore, ariko uwo mugabo akaba yagumye ata mwana afise, mwene wabo+ aze yabire nya mugore, ahagurukirize uruvyaro mwene wabo kuri nya mugore+.’
29 Urumva rero hari abavukana indwi; uwa mbere yabira umugore hanyuma apfa ata mwana afise+.
30 Uwa kabiri rero,
31 n’uwa gatatu baramwabira. Mbere no kuri abo indwi biba gutyo: barapfuye ata bana basize+.
32 Amaherezo, nya mugore na we arapfa+.
33 None mw’izuka, azoba umugore wa nde muri abo? Kuko abo uko ari indwi baramwabiriye+.”
34 Yezu ababwira ati: “Abana b’iki gihe bararongora+ kandi bagashingirwa,
35 mugabo ababonywe ko babereye+ gushika muri ca gihe kigiye kuza+ no kuzuka mu bapfuye+, ntibarongora canke ngo bashingirwe.
36 Nkako, ntibashobora no kwongera gupfa+, kuko bameze nk’abamarayika, bakaba n’abana b’Imana mu kuba abana b’izuka+.
37 Mugabo ivy’uko abapfuye bazurwa, na Musa yarabihishuye, muri ya nkuru y’igisaka c’amahwa+, igihe yita Yehova ‘Imana ya Aburahamu n’Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+.’
38 Ni Imana, atari iy’abapfuye, ahubwo y’abazima, kuko bose ari bazima kuri yo+.”
39 Bamwe mu banditsi baca bavuga bati: “Mwigisha, uvuze neza.”
40 Kuko batabaye bacubahuka kumubaza n’ikibazo kimwe rudende.
41 Na we ababwira ati: “Bishoboka bite ngo bavuge yuko Kristu ari mwene Dawidi+?
42 Kuko Dawidi ubwiwe avuga mu gitabu c’Amazaburi, ngo: ‘Yehova yabwiye Umukama wanje ati: “Icara iburyo bwanje
43 gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe+.” ’
44 Dawidi rero amwita ‘Umukama’; none aba umwana wiwe gute?”
45 Maze, igihe abantu bose bariko barumviriza, abwira abigishwa+ ati:
46 “Mwiyubare abanditsi bipfuza kugendagenda bari mu makanzu, bagakunda n’indamutso mu tuguriro n’ivyicaro vy’imbere mu masinagogi, n’ibibanza biboneka kuruta ibindi ku mfungurwa zo ku migoroba+,
47 bakarotsa kandi inzu z’abapfakazi+ hanyuma bagatura amasengesho maremare bwa citwazo. Abo bazocirwa urubanza ruremereye kuruta+.”