Luka 2:1-52
2 Nuko muri iyo misi ingingo+ irasohoka ivuye kwa Sezari Ogusito y’uko isi yose yandikwa
2 (iryo yandikwa rya mbere ryabaye igihe Kiriniyo yari buramatari wa Siriya);
3 maze abantu bose bafata ingendo baja kwiyandikisha+, umwe wese mu gisagara iwabo.
4 Na Yozefu araduga avuye i Galilaya, mu gisagara ca Nazareti, aja i Yudaya mu gisagara ca Dawidi citwa Betelehemu+, kuko yari uwo mu nzu ya Dawidi no mu muryango wiwe+,
5 kugira yandikanwe na Mariya+, uwo yari yahawe ngo babane nk’uko yari yarasezeraniwe+, ico gihe akaba yari aremerewe n’imbanyi+.
6 Igihe bari ng’aho, imisi irakwira y’uko yibaruka.
7 Hanyuma yibaruka umwana wiwe w’umuhungu, imfura+, araheza amuzingira mu dutambara, amuryamika mu bwato bw’ibitungwa+, kuko ata kibanza baronse mu ndaro.
8 Vyongeye muri ico gihugu nyene, hari abungere baba hanze bateramiye amasho yabo mw’ijoro.
9 Buno nyene umumarayika wa Yehova+ ahagarara iruhande yabo, maze ubuninahazwa bwa Yehova+ bubakayanganira irya n’ino, na bo baca bagira ubwoba bwinshi.
10 Ariko nya mumarayika ababwira ati: “Ntimutinye, kuko ehe ndabamenyesha inkuru nziza y’akanyamuneza kenshi abantu bose bazogira+,
11 kuko uno musi Umukiza+ yabavukiye, akaba ari Kristu Umukama+, mu gisagara ca Dawidi+.
12 Kandi iki ni co kibabera ikimenyetso: Muraza kubona uruyoya ruzingiriye mu dutambara, ruryamye mu bwato bw’ibitungwa.”
13 Hanyuma buno nyene haboneka ingabo indiri zo mw’ijuru+ ziri kumwe n’uwo mumarayika, zishemeza Imana+, ziti:
14 “Ubuninahazwa iyo hejuru+ mu majuru bube ubw’Imana, kw’isi na ho amahoro+ abe mu bantu ishima+.”
15 Nya bamarayika bamaze gutandukana na bo bakaja mw’ijuru, nya bungere batangura kubwirana bati: “Tugende dushike i Betelehemu turabe ico kintu cabaye Yehova+ atumenyesheje.”
16 Nuko bagenda bihuta, hanyuma babona Mariya hamwe na Yozefu, na rwa ruyoya ruryamye mu bwato bw’ibitungwa.
17 Barubonye, bamenyesha ijambo bari babwiwe ku vyerekeye uwo mwana mutoyi.
18 Abavyumvise bose batangazwa n’ivyo babwiwe na nya bungere,
19 mugabo Mariya azigama ayo majambo yose, agira ivyiyumviro ashitseko mu mutima wiwe+.
20 Maze nya bungere basubira inyuma, baninahaza Imana bongera bayishemeza ku bw’ibintu vyose bumvise kandi babonye, nk’uko bari babibwiwe.
21 Imisi umunani+ ikwiye yo kumugenyera+, bamwita Yezu+, rya zina umumarayika yamwita imbere y’uko asamwa inda+.
22 Vyongeye, imisi yo kubatyorora+ nk’uko itegeko rya Musa riri imaze gukwira, bamudugana i Yeruzalemu kugira bamushikirize Yehova,
23 nk’uko vyanditswe mw’itegeko rya Yehova ngo: “Umuhungu wese yuguruye igitereko ategerezwa kwitwa mweranda kuri Yehova+,”
24 no gushikana ikimazi nk’uko bivugwa mw’itegeko rya Yehova ngo: “Intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto+.”
25 Kandi ehe i Yeruzalemu hari umugabo yitwa Simeyoni, uwo mugabo akaba yari umugororotsi, atinya Imana, yari arindiriye ukwirurwa kwa Isirayeli+, kandi impwemu nyeranda yari kuri we.
26 Ikigeretseko, yari yarahishuriwe n’Imana biciye ku mpwemu nyeranda yuko atobonye urupfu atabanje kubona Kristu+ wa Yehova.
27 Nuko, ku bubasha bw’impwemu+, aza mu rusengero; hanyuma igihe abavyeyi bazanye wa mwana mutoyi Yezu kugira bamugirire nk’uko vyari bisanzwe bigirwa hisunzwe umugenzo wo mw’itegeko+,
28 we ubwiwe aramwakira mu maboko yiwe hanyuma ahezagira Imana avuga ati:
29 “Ubu rero Mukama Segaba, uraretse umushumba wawe ngo yigire mu mahoro+ nk’uko ijambo ryawe ryabimenyesheje;
30 kuko amaso yanje abonye uburyo bwawe bwo gukiza+
31 ubwo watunganije mu maso y’ibisata vyose+,
32 umuco+ wo gukura icitwikiro+ ku mahanga+ be n’ubuninahazwa bw’igisata cawe Isirayeli.”
33 Se wiwe na nyina wiwe babandanya gutangazwa n’ibintu bivugwa kuri we.
34 Vyongeye, Simeyoni arabahezagira, mugabo abwira Mariya nyina wa nya mwana ati: “Ehe, uyu ashiriweho ugutemba+ n’ukwongera kuvyuka kwa benshi muri Isirayeli+ no kuba ikimenyetso co kuvugwa nabi+
35 (egome, inkota ndende izosogota umutima wawe+), kugira ngo ivyiyumviro vyo mu mitima ya benshi bitwikururwe+.”
36 Buno hari Ana umuhanuzikazi, umukobwa wa Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri (uwo mugore yari yitereye mu myaka, akaba yari yabanye n’umugabo imyaka indwi kuva mu busugi bwiwe,
37 kandi ico gihe yari umupfakazi+ w’imyaka mirongo umunani n’ine), atigera ahara mu rusengero, akora igikorwa ceranda ijoro n’umurango+ yisonzesha yongera atakamba.
38 Hanyuma kuri iyo saha nyene aregera, atangura gukengurukira Imana no kubwira ivya nya mwana abari barindiriye ukurokoka kwa Yeruzalemu bose+.
39 Bamaze gushitsa ibintu vyose nk’uko itegeko+ rya Yehova ryari, basubira i Galilaya mu gisagara cabo ca Nazareti+.
40 Nya mwana mutoyi abandanya gukura no gukomera+, yuzura ubukerebutsi, ubutoni bw’Imana+ na bwo buguma kuri we.
41 Kandi abavyeyi biwe bari bamenyereye kuja i Yeruzalemu+ ku mwaka ku mwaka ku bw’umusi mukuru wa pasika*.
42 Ashikanye imyaka cumi n’ibiri, baraduga nk’uko umugenzo+ w’uwo musi mukuru wari
43 hanyuma barangiza iyo misi. Mugabo bariko baragaruka, nya muhungu Yezu asigara inyuma i Yeruzalemu, abavyeyi biwe na bo ntibabimenya.
44 Kubera bibwira yuko yari mu mugwi w’abari bafadikanije na bo urugendo, bagira urugendo rw’umusi+, baca batangura kumuhiga mu ncuti no mu bo bazinanyi.
45 Mugabo bamubuze, basubira i Yeruzalemu, baramurondera bashirutse ubute.
46 Nuko, inyuma y’imisi itatu bamusanga mu rusengero+, yicaye hagati y’abigisha, abumviriza yongera ababaza ibibazo.
47 Mugabo abariko bamwumviriza bose baguma bumizwa n’ugutegera kwiwe be n’inyishu ziwe+.
48 Bamubonye barajorerwa, hanyuma nyina wiwe amubwira ati: “Mwananje, kubera iki watugiriye gutyo? Raba ingene twe na so twahagaritse umutima tukurondera.”
49 Mugabo ababwira ati: “Kubera iki mwiriwe murandondera? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba ndi mu nzu ya Dawe+?”
50 Ariko ntibategera ijambo ababwiye+.
51 Hanyuma amanukana na bo ashika i Nazareti, aguma abayobokera+. Vyongeye, nyina wiwe abika neza ayo majambo yose mu mutima wiwe+.
52 Yezu abandanya gutera imbere mu bukerebutsi+ no gukura ku mubiri no kugira ubutoni ku Mana no ku bantu+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.