Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Luka 17:1-37

17  Maze abwira abigishwa biwe ati: “Ibitsitaza ntibishobora kureka kuza+. Yamara rero, aragowe umuntu bizananako+!  Yopfuma aboherwa urusyo mw’izosi agatererwa mu kiyaga+, hako atsitaza umwe muri aba batoyi+.  Mwiyubare. Mwene wanyu niyacumura umuhambarire+, niyigaya umubabarire+.  Mbere naho yogucumurako incuro indwi ku musi akagaruka kuri wewe incuro indwi, akavuga ati: ‘Ndigaye,’ utegerezwa kumubabarira+.”  Intumwa zibwira Umukama ziti: “Twongerereze ukwizera+.”  Maze Umukama avuga ati: “Hamwe mwoba mufise ukwizera kungana n’agatete ka sinapi, mwobwira uyu mukere wirabura muti: ‘Randuka uterwe mu kiyaga!’ kandi wobagamburukira+.  “Ni nde muri mwebwe afise umushumba arima canke aragira umukuku azomubwira yinjiye avuye mw’itongo ati: ‘Ingo ningoga uje ku meza’?  Ntazomubwira riho ati: ‘Ntegurira ikintu mfungure imfungurwa zanje zo ku mugoroba, wambare itabuliya, unkorere gushika mpejeje kurya no kunywa, mu nyuma nawe ubone kurya no kunywa’?  None azoshimira uwo mushumba kubera ko yakoze ivyo yashinzwe? 10  Na mwebwe rero, igihe mukoze ibintu vyose mwashinzwe, muvuge muti: ‘Turi abashumba b’imburakimazi+. Ivyo dukoze ni ivyo twabwirizwa gukora.’ ” 11  Nuko ariko araja i Yeruzalemu, aca hagati i Samariya n’i Galilaya+. 12  Maze ariko arinjira mu kigwati kimwe, abanyamibembe+ cumi baramusanganira, mugabo bahagarara kure. 13  Baca bashira ijwi hejuru bati: “Yezu, Mwigisha, tugirire imbabazi+!” 14  Abakubise ijisho, ababwira ati: “Gende mwiyereke abaherezi+.” Maze bariko baragenda, barahumanuka+. 15  Umwe muri bo, abonye ko yakize, aragaruka, aza aninahaza+ Imana n’ijwi rirenga. 16  Nuko yubarara hasi imbere y’ibirenge vya Yezu+, amukengurukira; kandi uno yari Umusamariya+. 17  Yezu asubizayo ati: “Icumi si bo bahumanuwe? None abandi icenda bari hehe? 18  Nta n’umwe yabonetse yagarutse kuninahaza Imana atari uyu muntu wo mu rindi hanga?” 19  Amubwira ati: “Haguruka wigire; ukwizera kwawe kuragukijije+.” 20  Mugabo abajijwe n’Abafarizayo igihe ubwami bw’Imana bwoziye+, abishura ati: “Ubwami bw’Imana ntibuzoza bwibonekeza bimwe bitangaje, 21  eka mbere ntibazoba bavuga ngo: ‘Raba hano!’, canke, ‘Hariya+!’ Kuko ehe ubwami bw’Imana buri hagati yanyu+.” 22  Maze abwira abigishwa ati: “Imisi izoza aho muzokwipfuza kubona umwe mu misi y’Umwana w’umuntu, mugabo ntimuzowubona+. 23  Kandi bazobabwira bati: ‘Raba hariya!’, canke, ‘Hano+!’ Ntimuze mugende canke ngo mubiruke inyuma+. 24  Kuko, nk’uko nyene umuravyo+ iyo urabije ukayanganira mu gice kimwe munsi y’ijuru ugashika mu kindi gice munsi y’ijuru, ni ko n’Umwana w’umuntu+ azoba. 25  Ariko ategerezwa kubanza gushikirwa n’imibabaro myinshi no kwiyamirizwa n’iri yaruka+. 26  Vyongeye, nk’uko vyabaye mu misi ya Nowa+, ni ko bizoba no mu misi y’Umwana w’umuntu+: 27  bararya, baranywa, abagabo bararongora, abagore barashingirwa, gushika ku musi Nowa yinjira mu bwato, hanyuma isegenya rirashika, ribatikiza bose+. 28  Muri ubwo buryo nyene, nk’uko vyabaye mu misi ya Loti+: bararya, baranywa, baragura, baragurisha, baratera, barubaka. 29  Mugabo ku musi Loti yaviriye i Sodomu, haraguye imvura y’umuriro n’amazuku bivuye mw’ijuru, bibatikiza bose+. 30  Ni ko bizoba ku musi Umwana w’umuntu azobwirizwa guhishurwa+. 31  “Kuri uwo musi uwuzoba ari hejuru ku nzu mugabo ibintu vyiwe bikaba biri mu nzu ntaze amanuke kubitora, kandi uwuzoba ari mw’itongo na we nyene ntaze agaruke ku biri inyuma. 32  Mwibuke muka Loti+. 33  Uwo wese arondera kwizigamira ubuzima bwiwe azobubura, mugabo uwo wese abubura azobuzigama+. 34  Ndabibabwiye: Muri iryo joro abagabo babiri bazoba bari mu gitanda kimwe; umwe azojanwa, mugabo uwundi arekwe+. 35  Hazoba abagore babiri bariko barasya ku rusyo rumwe; umwe azojanwa, mugabo uwundi arekwe+.” 36*  —— 37  Nuko bamwishura bati: “Hehe ga Mukama?” Ababwira ati: “Aho umuvyimba uri+ ni ho inkona zizokoranira+.”

Amakuru yiyongereye

Raba Mr 7:16, akajambo k’epfo.