Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Luka 15:1-32

15  Ico gihe abatozakori bose+ n’abacumuzi+ baguma bamwegera kugira ngo bamwumve.  Ku bw’ivyo, Abafarizayo n’abanditsi baguma bavugira mu ntamatama, bati: “Uyu muntu aha ikaze abacumuzi kandi agasangira na bo+.”  Maze abaha iki kigereranyo, ati:  “Ni nde muri mwebwe afise intama ijana, atakaje imwe muri zo, atazosiga zimwe mirongo icenda n’icenda mu gahinga akaja kurondera iyatakaye gushika ayitoye+?  Kandi ayitoye, ayishira ku bitugu vyiwe, akanezerwa+.  Maze ashitse i muhira, akoranya abagenzi biwe n’ababanyi biwe, akababwira ati: ‘Nimunezeranwe nanje, kuko natoye intama yanje yari yatakaye+.’  Ndababwiye yuko ukwo ari ko hazoba akanyamuneza kenshi mw’ijuru ku mucumuzi umwe yigaye+, kuruta ku bagororotsi mirongo icenda n’icenda badakeneye ukwigaya+.  “Canke ni nde mugore afise ibiceri cumi vy’idarakima*, atakaje igiceri kimwe, atadomeka itara agakubura inzu yiwe akarondera avyitondeye gushika agitoye?  Kandi agitoye, ahamagara ababanyi n’abagenzi akabakoranya, akavuga ati: ‘Nimunezeranwe nanje, kuko natoye igiceri c’idarakima nari natakaje.’ 10  Ndabibabwiye, ukwo ni ko haba akanyamuneza mu bamarayika b’Imana ku mucumuzi umwe yigaye+.” 11  Maze avuga ati: “Umugabo umwe yari afise abahungu babiri+. 12  Umutoyi muri bo abwira se wiwe ati: ‘Da, mpa umugabane w’ibintu binyegukira+.’ Maze abagaburira uburyo bwo kubaho+ afise. 13  Mu nyuma, haciye imisi itari myinshi, wa muhungu mutoyi akoraniriza hamwe ibintu vyose, afata urugendo aja mu gihugu ca kure, asesagurirayo ibintu vyiwe mu kubaho mu buhumbu+. 14  Abimaze vyose, ikigoyi gikaze kiratera muri ico gihugu, atangura gukena. 15  Yarahevye mbere aja kwihoma kuri umwe mu bantu bo muri ico gihugu, na we amurungika mu matongo yiwe kuragira ingurube+. 16  Kandi yari asigaye yipfuza guhazwa n’ibishishwa ingurube zarya, hakabura n’umwe amuha na dukeyi+. 17  “Agarukanye ubwenge, avuga ati: ‘Ni abacangero bangahe ba dawe bisenena umukate, nanje ndiko ndicirwa ng’aha na kigoyi! 18  Ngira mpaguruke mfate urugendo+ nje kwa dawe ndamubwire nti: “Da, naracumuye ku Mana* no kuri wewe+. 19  Sinkibereye kwitwa umuhungu wawe. Nungire nk’umwe mu bacangero bawe.” ’ 20  Nuko arahaguruka aja kwa se. Akiri kure, se wiwe amukubita ijisho aca aterwa n’ikigongwe, arirukanga amugwa mw’izosi, amusomagurana ikibabarwe. 21  Maze nya muhungu amubwira ati: ‘Da, naracumuye ku Mana no kuri wewe+. Sinkibereye kwitwa umuhungu wawe. Nungire nk’umwe mu bacangero bawe+.’ 22  Mugabo se abwira abashumba biwe ati: ‘Nyarutsa muzane ikanzu, nziza kuruta izindi zose, muyimwambike+, mumushire n’impeta+ ku kuboko, n’inkweto ku birenge. 23  Kandi nimuzane ca kimasa cadoheshejwe+, mukibage, turye, turyoherwe, 24  kuko uyu muhungu wanje yari yarapfuye none yongeye kuba muzima+; yari yaratakaye none yabonetse.’ Baca batangura kuryoherwa. 25  “Ico gihe umuhungu wiwe mukuru+ yari mw’itongo; ariko araza akegereza inzu, yumva igiteramo c’umuziki n’intambo. 26  Aca ahamagara umwe mu basuku, amubaza ivyo ari vyo. 27  Amubwira ati: ‘Mwene wanyu+ yaje, kandi so+ wawe yabaze ca kimasa cadoheshejwe, kuko yongeye kumubona agarutse, afise amagara meza.’ 28  Mugabo araraka, yanka kwinjira. Maze se wiwe arasohoka atangura kumwinginga+. 29  Yishura se wiwe ati: ‘Raba imyaka myinshi cane iheze ngushumbira, kandi sinigeze na rimwe ndenga ibwirizwa ryawe, yamara jewe ntiwigeze na rimwe umpa n’akagazi k’impene ngo ndyoherwe hamwe n’abagenzi banje+. 30  Mugabo uyo muhungu wawe+ yamariye mu bamaraya+ uburyo ufise bwo kubaho, yabaye agishika uca umubagira ca kimasa cadoheshejwe+.’ 31  Maze amubwira ati: ‘Mwananje, wewe wamanye nanje, kandi ivyanje vyose ni rwawe+; 32  mugabo ntitwari kubura kuryoherwa no kunezerwa, kuko uyo mwene wanyu yari yarapfuye none yabaye muzima, kandi yari yaratakaye none yabonetse+.’ ”

Amakuru yiyongereye

Idarakima cari igiceri c’ifeza c’Abagiriki capima amagarama 3,4.
Ijambo ku rindi ni “ijuru.”