Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Luka 14:1-35

14  Hanyuma umusi umwe, igihe yari yinjiye mu nzu y’umwe mu batware b’Abafarizayo kw’isabato gufungura+, bariko bamwitegereza bitonze+.  Kandi ehe, imbere yiwe hari umuntu arwaye urusina.  Nuko Yezu aca abwira abahanga mu vy’Itegeko n’Abafarizayo, ati: “Mbega kw’isabato vyoba vyemewe gukiza canke ntivyemewe+?”  Mugabo baguma bacereje. Aca afata nya muntu, aramukiza, aca aramurungika.  Hanyuma ababwira ati: “Ni nde muri mwebwe hamwe umwana wiwe canke ishūri yiwe yogwa mw’iriba+, atoca buno nyene abikurayo ku musi w’isabato+?”  Na bo ntibashobora kugira ico bishura+.  Maze abandanya guha ikigereranyo abatumire, kuko yari abonye ingene bariko bitorera ibibanza biboneka kuruta ibindi, ababwira+ ati:  “Iyo utumiwe n’umuntu ku nzimano y’ubugeni, ntiwicare mu kibanza kiboneka kuruta ibindi+. Kumbure muri ico gihe ashobora kuba yatumiye umuntu akurusha icubahiro,  hanyuma uwabatumiye mwempi akaza akakubwira ati: ‘Bisa uyu muntu muri ico kibanza.’ Maze uzoca ugenda n’ibimaramare n’akantu kwicara mu kibanza co hanyuma y’ibindi+. 10  Mugabo iyo utumiwe, genda wicare mu kibanza co hanyuma y’ibindi+, kugira ngo uwagutumiye niyaza akubwire ati: ‘Mugenzi, duga haruguru.’ Maze uzogira iteka imbere y’abashitsi bagenzawe bose+. 11  Kuko umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwo wese yicisha bugufi azoshirwa hejuru+.” 12  Hanyuma abwira n’uwari yamutumiye ati: “Iyo uteretse imfungurwa zo ku mutaga canke imfungurwa zo ku mugoroba, ntuhamagare abagenzi bawe canke bene wanyu canke incuti zawe canke ababanyi batunze. Kumbure hogira igihe na bo nyene bagutumira, kukaba ari ukukwishura. 13  Mugabo iyo uteretse inzimano, nutumire aboro, abacitse ibihimba vy’umubiri, abacumbagira, impumyi+; 14  uzoba uhiriwe, kuko batagira ikintu na kimwe co kukwishura. Kuko uzokwishurwa mw’izuka+ ry’abagororotsi.” 15  Umwe mu bandi batumire yumvise ivyo bintu, amubwira ati: “Hahiriwe uwurya umukate mu bwami bw’Imana+.” 16  Yezu amubwira ati: “Umuntu umwe yari yateretse imfungurwa nyinshi zo ku mugoroba, atumira benshi+. 17  Hanyuma atuma umushumba wiwe kw’isaha ya nya mfungurwa ngo abwire abatumire ati: ‘Nimuze+, kuko ibintu ubu biteguye.’ 18  Mugabo batangura kuzana ivyitwazo bose cokimwe+. Uwa mbere amubwira ati: ‘Naguze itongo nkaba nkeneye kuja kuriraba; ndagusavye untunge+.’ 19  Uwundi avuga ati: ‘Naguze inka cumi* none ngiye kuzisuzuma; ndagusavye untunge+.’ 20  Uwundi na we avuga ati: ‘Mperutse kuzana+ umugore, ni co gituma ntashobora kuza.’ 21  Nuko nya mushumba araza yiganira ivyo bintu shebuja. Maze nyen’urugo araraka aca abwira umushumba wiwe ati: ‘Genda ningoga mu mayira yagutse no mu tuyira two mu gisagara, uzane hano aboro n’abacitse ibihimba vy’umubiri n’impumyi n’abacumbagira+.’ 22  Mu nyuma wa mushumba avuga ati: ‘Databuja, ico wategetse cakozwe, yamara haracariho ikibanza.’ 23  Shebuja abwira nya mushumba ati: ‘Genda mu mayira+ no mu bibanza bizitiye, ubagobere binjire, kugira ngo inzu yanje yuzure+. 24  Kuko, ndabibabwiye: Nta n’umwe muri abo bantu bari batumiwe ari buhonje ku mfungurwa zanje zo ku mugoroba+.’ ” 25  Buno amasinzi menshi yari afatanije na we urugendo, hanyuma arahindukira ababwira ati: 26  “Nimba umuntu aje kuri jewe mugabo ntiyanke se na nyina n’umugore wiwe n’abana biwe na bene wabo na bashikiwe, emwe, mbere n’ubuzima bwiwe bwite+, ntashobora kuba umwigishwa wanje+. 27  Uwo wese atikorera igiti co kubabarizwako ciwe ngo ankurikire ntashobora kuba umwigishwa wanje+. 28  Nk’akarorero, ni nde muri mwebwe ashaka kwubaka umunara atabanza kwicara agaharura ivyosohoka+, ngo arabe ko afise ibikwiye vyo kuwurangiza? 29  Ahandiho, yoshobora gusasa umushinge wawo mugabo ntashobore kurangiza nya munara, ababibona bose bagatangura kumushinyagurira, 30  bavuga bati: ‘Uwu muntu yaratanguye kwubaka mugabo ntiyashoboye kurangiza.’ 31  Canke ni umwami nyabaki, agiye guhura n’uwundi mwami mu ntambara, atabanza kwicara akaja inama akaraba ko akoresheje abasirikare ibihumbi cumi, ashoboye guhangana n’uwuje kumurwanya afise ibihumbi mirongo ibiri+? 32  Nimba vy’ukuri atabishoboye, igihe rero uwo wundi akiri kure cane, aratuma umugwi w’abamuserukira, akamusaba amahoro+. 33  Ni ko bimeze rero, uwo wese muri mwebwe adasezeye ivyo atunze vyose+ ntashobora kuba umwigishwa wanje. 34  “Nkako, umunyu ni mwiza. Mugabo nimba n’umunyu utakaje ubukomezi bwawo, uzorungwa iki+? 35  Nta co uba ukimaze, haba kw’ivu canke ku ntabire. Bawuta hanze. Uwuri n’amatwi yo kwumviriza, niyumvirize+.”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “ingǒgo zitanu z’inka.”