Luka 13:1-35
13 Muri ico kiringo nyene, hari abari ng’aho bamwiganiye ivy’Abanyagalilaya+, abo Pilato yari yavanze amaraso yabo n’ibimazi vyabo.
2 Nuko abishura ati: “Mbega mwiyumvira yuko abo Banyagalilaya bari abacumuzi+ babi kuruta abandi Banyagalilaya bose, kubera ko bashikiwe n’ivyo bintu?
3 Oya namba, ndabibabwiye; mugabo mutigaye, muzorandurwa mwese nk’ukwo nyene+.
4 Canke bamwe cumi n’umunani umunara wagwako i Silowamu ukabica, mwiyumvira yuko bari bafise umwenda kuruta abandi bantu bose baba i Yeruzalemu?
5 Oya namba ndabibabwiye; mugabo mutigaye, muzorandurwa mwese nk’ukwo nyene+.”
6 Maze abandanya kubaha iki kigereranyo: “Umuntu umwe yari afise igiti c’umusukoni gitewe mu murima wiwe w’imizabibu+, hanyuma aza kukironderako ivyamwa+, mugabo ntiyaronka namba+.
7 Maze abwira umukozi wo mu murima w’imizabibu ati: ‘Raba imyaka itatu+ iraheze nza kurondera ivyamwa kuri iki giti c’umusukoni, mugabo sinaronse namba. Cicire+! Kubera iki none cobandanya gupfisha ivu ubusa?’
8 Amwishura ati: ‘Databuja, kireke+ n’uyu mwaka, gushika nimvye iruhande yaco ngashiraho intabire;
9 maze nicama muri kazoza, bizoba ari vyiza; mugabo nikitama, uze ucicire+.’ ”
10 Ikindi gihe yariko arigisha muri imwe mu masinagogi kw’isabato.
11 Maze haboneka umugore yari amaze imyaka cumi n’umunani arimwo impwemu+ y’ubugoyagoye, kandi yari ahetamye nk’uwavunitsemwo kubiri akaba atashobora na gato guhagarara agororotse.
12 Yezu amubonye, aramuvugisha, amubwira ati: “Mugore, urabohowe+ ubugoyagoye bwawe.”
13 Araheza amurambikako ibiganza; ako kanya nyene aca aragororoka+, atangura kuninahaza Imana.
14 Mugabo umukuru ahagarikiye isinagogi ashavuzwa n’uko Yezu akijije kw’isabato, aca atangura kubwira isinzi ati: “Hari imisi itandatu ibwirizwa gukorwako ibikorwa+; kuri iyo misi rero abe ari ho muza, mukizwe, atari ku musi w’isabato+.”
15 Ariko Umukama aramwishura ati: “Mwa biyorobetsi+ mwe, mbega umwe wese muri mwebwe kw’isabato ntazitura ishūri yiwe canke indogobwa yiwe mu ruhongore akayishora ku mazi+?
16 None ntivyari bikwiriye ko uyu mugore, umukobwa wa Aburahamu+, uwo Shetani yamaze imyaka cumi n’umunani yose aboshe, abohorwa izo mvuto ku musi w’isabato?”
17 Nuko, avuze ivyo bintu, abamurwanya bose batangura kumaramara+; mugabo isinzi ryose ritangura kunezerezwa n’ibintu vyose vy’ubuninahazwa akoze+.
18 Nuko rero abandanya kuvuga ati: “Ubwami bw’Imana bumeze nk’iki, kandi ndabugereranye n’iki+?
19 Bumeze nk’agatete ka sinapi umuntu yatoye akagashira mu murima wiwe, hanyuma kagakura kagacika igiti, inyoni zo mu kirere+ na zo zikibera mu mashami yaco+.”
20 Yongera kuvuga ati: “Ubwami bw’Imana ndabugereranye n’iki?
21 Bumeze nk’umwambiro umugore yatoye akawunyegeza mu ngero* nininini zitatu z’ifu gushika igikandu cose gitutumvye+.”
22 Hanyuma agira urugendo ava mu gisagara aja mu kindi, ava mu kigwati aja mu kindi, yigisha yongera abandanya urugendo rwiwe aja i Yeruzalemu+.
23 Umuntu umwe amubwira ati: “Mukama, burya abantu bakizwa ni bake+?” Ababwira ati:
24 “Nimwihate+ rwose kugira ngo mwinjire muciye mu muryango waga+, kuko, ndabibabwiye, benshi bazorondera kwinjira mugabo ntibazobishobora+,
25 nyen’urugo niyamara guhaguruka akugara umuryango, namwe mugatangura guhagarara hanze no kudodora ku muryango, muvuga muti: ‘Mutungwa, twugururire+.’ Mugabo azobishura ati: ‘Sinzi iyo muva+.’
26 Maze muzotangura kuvuga muti: ‘Twarira imbere yawe tukanywera imbere yawe, kandi wigishiriza mu mayira yagutse yacu+.’
27 Mugabo azobabwira ati: ‘Sinzi iyo muva. Mve mu maso, mwebwe mwese abakora ibitagororotse+!’
28 Aho ni ho hazoba ukurira kwanyu n’uguhekenya amenyo+, nimwabona Aburahamu na Izahaki na Yakobo be n’abahanuzi bose mu bwami bw’Imana+, mugabo mwebwe ubwanyu mwatawe hanze.
29 Ikigeretseko, abantu bazoza bavuye mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko+, bicare ku meza mu bwami bw’Imana+.
30 Kandi ehe, hari aba nyuma bazoba aba mbere, hakaba n’aba mbere bazoba aba nyuma+.”
31 Kuri iyo saha nyene Abafarizayo bamwe baraza, bamubwira bati: “Sohoka ugende uve ng’aha, kuko Herodi ashaka kukwica.”
32 Na we ababwira ati: “Gende mubwire iyo mbwebwe+ muti: ‘Ehe ndirukana amadayimoni ngakiza uno musi n’ejo, kandi ku musi ugira gatatu nzoba ndangije+.’
33 Yamara rero, ntegerezwa kubandanya urugendo rwanje uno musi n’ejo n’umusi ukurikira, kubera ko bitemerwa ko umuhanuzi yicirwa inyuma ya Yeruzalemu+.
34 Yeruzalemu, Yeruzalemu, wewe wica+ abahanuzi ugatera amabuye+ abagutumweko—ni kangahe nashatse gukoraniriza hamwe abana bawe nka kumwe inkokokazi ikoraniriza imiswi yayo munsi y’amababa yayo+, ariko ntimwabishaka+!
35 Ehe inzu yanyu+ murayitanywe. Ndabibabwiye: Ntimuzogenda mumbonye gushika muvuze muti: ‘Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova+!’ ”
Amakuru yiyongereye
^ Ingero imwe yangana n’amalitiro 7,33.