Luka 10:1-42
10 Hanyuma y’ivyo, Umukama atora bandi mirongo irindwi+, abatuma babiribabiri+ ngo bamwitangire imbere baje mu gisagara cose n’ahantu hose we ubwiwe yagira ashike.
2 Maze atangura kubabwira ati: “Ivyimburwa+ ni vyinshi koko, mugabo abakozi+ ni bake. Nuko rero nimwinginge+ Umukuru w’iyimbura arungike abakozi+ mw’iyimbura ryiwe.
3 Nimugende. Ehe ndabatumye muri nk’imyagazi y’intama+ mu mabingira.
4 Ntimutware isaho, canke umupfuko w’ibifungurwa+, canke inkweto*, kandi mu nzira ntihagire umuntu n’umwe mugumbira+ mu kumuramutsa.
5 Aho hose mwinjiye mu nzu mubanze muvuge muti: ‘Iyi nzu nigire amahoro+.’
6 Kandi nimba ng’aho hariho umukunzi w’amahoro, amahoro yanyu azoba kuri we+. Mugabo nimba ata wuhari, azogaruka kuri mwebwe+.
7 Nuko mugume muri iyo nzu+, murya mwongera munywa ivyo batanga+, kuko umukozi akwiriye impembo yiwe+. Ntimuze murimuka muva mu nzu muja mu yindi+.
8 “Vyongeye, aho hose mwinjiye mu gisagara bakabakira, murye ivyo bashize imbere yanyu,
9 kandi mukize+ abarwaye bo muri co, kandi mubandanye kubabwira muti: ‘Ubwami+ bw’Imana burabegereye.’
10 Mugabo aho hose mwinjiye mu gisagara ntibabakire+, musohoke muje mu mayira yagutse yaco, muvuge muti:
11 ‘Mbere n’umukungugu wo mu gisagara canyu wafashe ku birenge vyacu turawukunkumuye ubabere icagirizi+. Yamara rero, mumenye yuko ubwami bw’Imana bwegereje.’
12 Ndababwiye yuko kuri wa musi ivy’igihugu ca Sodomu+ bizoba ibigendeka kuruta ivy’ico gisagara.
13 “Uragowe, Korazini+! Uragowe, Betsayida+! kubera yuko iyo ibikorwa vy’ububasha vyabereye muri mwebwe biza kuba vyabereye i Tiro n’i Sidoni, ivyo bisagara biba vyarigaye kera vyicaye mu magunira* no mu minyota+.
14 Ni co gituma mu rubanza ivya Tiro na Sidoni bizoba ibigendeka kuruta ivyanyu+.
15 Nawe Kaperinawumu, woba uzoduzwa gushika kw’ijuru+? Uzomanuka gushika mu kuzimu+!
16 “Uwubumvirije+ na jewe aba anyumvirije. Kandi uwubakengereye na jewe aba ankengereye. Vyongeye, uwunkengereye+ aba akengereye n’uwantumye.”
17 Maze bamwe mirongo irindwi bagarukana akanyamuneza, bavuga bati: “Mukama, mbere n’amadayimoni aratwumvira+ dukoresheje izina ryawe.”
18 Aca ababwira ati: “Nabonye Shetani amaze gukoroka+ nk’umuravyo ava mw’ijuru.
19 Ehe ndabahaye ububasha bwo guhonyangira munsi y’ibirenge inzoka+ n’utumina+, be n’ubwo kunesha ububasha bwose bw’umwansi+, kandi nta kintu na kimwe kizogenda kibagiriye nabi.
20 Yamara rero, ntimunezerwe n’uko impwemu zibumvira, ahubwo munezerwe kubera ko amazina yanyu+ yanditswe mw’ijuru.”
21 Kuri iyo saha nyene abogaboga akanyamuneza+ mu mpwemu nyeranda, avuga ati: “Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi, kubera ko ivyo bintu wabihishije inkerebutsi+ n’incabwenge uvyitondeye, ukabihishurira inzoya. Egome, Data, kubera ko kubigenza gutyo ari vyo washimye.
22 Ibintu vyose narabihawe+ na Dawe, kandi nta wuzi Umwana uwo ari we, atari Se+; kandi nta wuzi Se uwo ari we atari Umwana+, be n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.”
23 Aca arahindukira araba abigishwa bonyene, avuga ati: “Hahiriwe amaso yitegereza ibintu muriko muritegereza+.
24 Kuko ndabibabwiye: Abahanuzi benshi n’abami benshi baripfuje kubona+ ibintu muriko muritegereza mugabo ntibabibona, no kwumva ivyo muriko murumva mugabo ntibavyumva.”
25 Maze umuntu umwe w’umuhanga mu vy’Itegeko+ arahaguruka, kugira ngo amugeze, avuga ati: “Mwigisha, nokora iki ngo nze ntorane ubuzima budahera+?”
26 Amubwira ati: “Handitswe iki mw’Itegeko+? Usoma gute?”
27 Yishura ati: “ ‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’inkomezi zawe zose n’umuzirikanyi wawe wose+,’ na ‘mugenzawe nk’uko wikunda+.’ ”
28 Amubwira ati: “Wishuye neza; ‘guma ukora ivyo, uzoronka ubuzima+.’ ”
29 Mugabo nya muntu ashaka kwiyerekana ko ari umugororotsi, abwira Yezu ati: “None mugenzanje ni nde+?”
30 Yezu yishura ati: “Umuntu umwe yariko amanuka ava i Yeruzalemu aja i Yeriko, maze agwa mu bambuzi, bano baramwambura bongera baramukubita baramunoza, hanyuma barigira, bamusiga ari intere.
31 Maze ata wari avyiteze, umuherezi umwe amanukana iyo nzira, mugabo, amubonye, aca hirya arirenganira+.
32 Umulewi na we nyene, ashitse aho hantu akamubona, aca hirya arirenganira+.
33 Mugabo Umusamariya+ umwe yariko ajana iyo nzira ashika aho ari, maze ngo amukubite ijisho, amutera ikigongwe.
34 Nuko aramwegera, atubika ibikomere vyiwe, abisukako amavuta n’umuvinyu+. Maze amwuriza ku gitungwa ciwe bwite, amujana ku ndaro y’abahita, aramubungabunga.
35 Bukeye asokorora idenariyo zibiri, aziha uwuraba iyo ndaro, avuga ati: ‘Mubungabunge, kandi ico uzosohora cose kirenze kuri ibi, nzokikwishura ninagaruka.’
36 Ni nde muri abo batatu ubona ko yabaye mugenzi+ w’uwo muntu yaguye mu bambuzi?”
37 Avuga ati: “Ni uwamugiriye ivy’imbabazi+.” Maze Yezu amubwira ati: “Genda uze uragira+ gutyo nawe.”
38 Buno bariko baragenda, yinjira mu kigwati kimwe. Umugore umwe yitwa Marita+ aramwakira mu nzu.
39 Uwo mugore kandi yari afise mwene wabo yitwa Mariya, ariko uno we yicara imbere y’ibirenge+ vy’Umukama, aguma yumviriza ijambo ryiwe.
40 Ariko Marita we yari yasamajwe+ no gukora udukorwa twinshi. Nuko, aregera, avuga ati: “Mukama, nta co bikubwiye kubona mwene wacu yantanye ibikorwa+? Mubwire rero aze amfashe.”
41 Umukama amwishura ati: “Marita, Marita, uriganyira+ kandi ugahagarika umutima ku bintu vyinshi+.
42 Mugabo ibintu bikeyi+ ni vyo bikenewe, canke kimwe gusa. Kuko Mariya we yahisemwo umugabane mwiza+, kandi ntazowakwa.”